-
Yesaya 49:8, 9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Yehova avuze ati:
«Mu gihe c’ugushimwa* narakwishuye+,
kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.
Nagumye ndakuzigama kugira ndagutange ngo ubere abantu isezerano+,
ngo igihugu gisubizwe umutamana,
ngo ntume basubira ku ntoranwa zabo zacitse umusaka+.
Abari mu mwiza+ na bo bazobwirwa ngo: “Nimwiyerekane!”
Bazogenda bararisha iruhande y’amabarabara,
baronke uburagiro iruhande y’inzira zose zinoze*.
-