ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 25:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Yehova ni mwiza kandi aragororotse+.

      Ni co gituma yigisha abacumuzi inzira bakwiye kugenderamwo+.

  • Nahumu 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye kidukingira ku musi w’amagorwa+.

      Aritwararika* abamuhungirako+.

  • Matayo 5:44, 45
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 44 Ariko jewe ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu+ no gusengera ababahama+, 45 kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru+, kuko atuma izuba ryakira ababi n’abeza, kandi agaha imvura abagororotsi n’abatari abagororotsi+.

  • Ivyakozwe 14:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Naho ari ukwo, ntiyabuze kwishingira intahe+ mu gukora ivyiza. Yarabahaye imvura iva mw’ijuru n’ibihe vy’umwimbu+, ibahaza ibifungurwa, yuzuza n’imitima yanyu umunezero+.»

  • Yakobo 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge ziva mw’ijuru+, kuko zimanuka zivuye kuri Se w’imico* yo mw’ijuru+, umwe adahindagurika nk’ibitutu biguma vyimuka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika