-
Abaheburayo 2:6-8Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Mugabo hari icabona cavuze ahantu hamwe giti: «Umuntu ni iki ku buryo umwibuka? Canke umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+? 7 Habuze gato ngo umunganishe n’abamarayika. Wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro, wongera umushinga kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe. 8 Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.» Kubera ko Imana yamuhaye ibintu vyose ngo abiganze+, nta na kimwe itamuhaye kuganza+. Ariko ubu ntituramubona aganza ibintu vyose+.
-