7 Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ko atinya Imana, arubaka ubwato+ bwo gukiza abo mu rugo rwiwe. Ukwo kwizera kwiwe ni kwo kwatumye isi icirwa urubanza+, kandi yariswe umugororotsi biciye kuri ukwo kwizera.