ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mariko 9:17-29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Umwe muri iryo sinzi amwishura ati: «Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje kuko arimwo impwemu ituma aba umuragi+. 18 Igihe cose imufashe iramukubita hasi, akabimba ifuro mu kanwa, agahekenya amenyo kandi agatakaza inguvu zose. Nasavye abigishwa bawe ngo bayirukane, ariko vyabananiye.» 19 Yezu aca ababwira ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nimumunzanire+.» 20 Baca baramumuzanira. Ariko iyo mpwemu ibonye Yezu, ica irajegeza uwo muhungu. Imaze kumukubita hasi, aguma akumbagara kandi abimba ifuro mu kanwa. 21 Yezu abaza se wiwe ati: «Ivyo bimaze igihe kingana iki bimushikira?» Amwishura ati: «Kuva akiri umwana. 22 Kandi kenshi iramuta mu muriro no mu mazi ishaka kumwica. Ariko nimba hari ico ushoboye gukora, tugirire ikigongwe udufashe.» 23 Yezu amwishura ati: «Kubera iki uvuze ngo: “Nimba hari ico nshoboye”? Erega vyose birashoboka ku wizera+.» 24 Ubwo nyene se w’uwo mwana aca arasemerera ati: «Ndizeye! Mfasha aho nkeneye ukwizera+!»

      25 Yezu abonye ko isinzi ry’abantu ririko riraza ryihuta aho bari, aca arakankamira iyo mpwemu mbi* ati: «Wa mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ndabigutegetse, muvemwo kandi ntuze usubire kumwinjiramwo+!» 26 Iyo mpwemu imaze gukoma induru no kumujegeza, ica iramuvamwo. Uwo mwana aca aba nk’uwapfuye, ku buryo abantu benshi bavuga bati: «Yapfuye!» 27 Mugabo Yezu amufata ukuboko aramuvyura, na we aca arahaguruka. 28 Yezu amaze kwinjira mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye bati: «Kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana+?» 29 Abishura ati: «Burya bwoko nta kintu gishobora kubwirukana atari isengesho.»

  • Luka 9:38-42
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 38 Umugabo umwe ari muri iryo sinzi aca arasemerera ati: «Mwigisha, ndakwinginze ufashe* umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe gusa+. 39 Impwemu mbi iramufata, ubwo nyene agaca akoma induru. Iramujegeza, akabimba ifuro mu kanwa kandi imuvamwo bigoranye ibanje kumukomeretsa. 40 Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane, ariko ntibabishoboye.» 41 Yezu aca avuga ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera kandi bononekaye+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Zana uwo muhungu wawe ng’aha+.» 42 Mugabo n’igihe nyene yariko aregera, iyo dayimoni ica iramukubita hasi, iramujegeza cane. Ariko Yezu aca arakankamira iyo mpwemu mbi* maze akiza uwo muhungu, amushikiriza se wiwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika