Yesaya 55:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+,umunyakibi ahebe ivyiyumviro vyiwe.Nagaruke kuri Yehova, azomugirira imbabazi+,agaruke ku Mana yacu, kuko izomubabarira cane*+. Matayo 6:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Nutubabarire ibicumuro vyacu* nk’uko natwe twababariye abaducumuyeko+. Matayo 7:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Ibintu vyose rero mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira+. Nkako, ico ni co amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi* vyigisha+. Yakobo 2:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi ziratsinda urubanza.
7 Umubisha nahebe inzira yiwe+,umunyakibi ahebe ivyiyumviro vyiwe.Nagaruke kuri Yehova, azomugirira imbabazi+,agaruke ku Mana yacu, kuko izomubabarira cane*+.
12 Ibintu vyose rero mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira+. Nkako, ico ni co amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi* vyigisha+.