ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 4:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ubu rero genda! Nzoba ndi kumwe nawe igihe uzoba uriko uravuga*, kandi nzokwigisha ivyo ukwiye kuvuga+.»

  • Matayo 10:19, 20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ariko nibabashengeza, ntimuze muhagarike umutima mwibaza ivyo muzovuga n’ingene muzobivuga, kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri uwo mwanya nyene+. 20 Kuko atari mwebwe gusa muzovuga, ahubwo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe+.

  • Luka 12:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Nibabarengutsa imbere y’amasinzi y’abantu*, imbere y’abatware canke abakuru, ntimuze muhagarike umutima mwibaza ukuntu muzokwiregura canke ivyo muzovuga+, 12 kuko impwemu nyeranda izobigisha muri uwo mwanya nyene ivyo mukwiye kuvuga+.»

  • Luka 21:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Ku bw’ivyo, nimushire ku mutima iki kintu: ntimuze mutegure imbere y’igihe ingene muzokwiburanira+, 15 kuko nzobaha amajambo n’ubukerebutsi ababarwanya bose bagiye hamwe batazoshobora kuvuguruza canke guhaririza+.

  • Ivyakozwe 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Maze Petero yuzuye impwemu nyeranda+, ababwira ati:

      «Yemwe batware namwe bashingantahe,

  • Ivyakozwe 6:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Abantu bamwe bo mw’isinagogi yitwa iy’Ababohowe hamwe n’abo mu Banyasireni, mu Banyalegizandiriya, mu b’i Silisiya no muri Aziya, baza guharira na Sitefano. 10 Ariko ntibashoboye kumutsinda kuko yavugana ubukerebutsi kandi afashijwe n’impwemu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika