ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 118:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Ibuye abubatsi bataye

      ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+.

  • Yesaya 28:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Ni co gituma Umukama Segaba Yehova avuze ati:

      «Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye ry’umushinge, ibuye ryagejejwe+.

      Ndiko ndahashinga ibuye rigumya imfuruka+ ry’agaciro ngo ribe umushinge ukomeye+.

      Nta wizera azota umutwe+.

  • Matayo 21:42
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 42 Yezu ababwira ati: «Mbega ntimwigeze musoma mu Vyanditswe ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+? Ivyo vyavuye kuri Yehova*, kandi biratangaje mu maso yacu+.”

  • Matayo 21:44
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 44 Vyongeye, umuntu wese azogwa kuri iri buye azovunagurika+, ariko uwo rizogwako rizomufyonyora+.»

  • Mariko 12:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe kivuga ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+? 11 Ivyo vyavuye kuri Yehova*, kandi biratangaje mu maso yacu+.”»

  • Ivyakozwe 4:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Uyo Yezu ni we “buye mwebwe abubatsi mwakengereye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+.”

  • 1 Petero 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Ni uw’agaciro rero kuri mwebwe kuko muri abemera. Mugabo ku batemera, «ibuye abubatsi bataye+ ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+»,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika