ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Luka 24:49
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 49 Ngira ndabarungikire ico Dawe yabasezeraniye. Mugume mu gisagara gushika muhawe* ububasha buvuye hejuru+.»

  • Yohani 15:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Wa mufasha nzobarungikira avuye kuri Data niyashika, ya mpwemu y’ukuri+ iva kuri Data, azonshingira intahe+.

  • Yohani 16:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Ariko rero ndababwiye ukuri, ngiye ku neza yanyu. Ntagiye, wa mufasha+ nta we muzoronka, mugabo ngiye nzomubarungikira.

  • Ivyakozwe 1:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Kuko mu vy’ukuri Yohani yabatiza abantu mu mazi, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+ mu misi mikeyi iri imbere.»

  • Ivyakozwe 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Igihe rero umusi mukuru wa Pentekoti+ wariko uraba, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene.

  • Ivyakozwe 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Bose baca buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko nya mpwemu ibibashoboje+.

  • Abaroma 8:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 N’impwemu na yo irahaseruka ngo idufashe igihe tugoyagoya+. Ingorane ihari ni uko bishika ntitumenye ico twosaba Imana iyo tubikeneye, mugabo impwemu ubwayo iratakamba ku bwacu igihe turiko turaniha twabuze ico tuvuga.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika