Yohani 8:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Baca bamubaza bati: «So wawe ari hehe?» Yezu abishura ati: «Yaba jewe canke Dawe+, nta n’umwe muzi. Iyo muba munzi, muba muzi na Dawe+.» Yohani 15:20, 21 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Mwibuke ijambo nababwiye: umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, namwe bazobahama+, kandi nimba barubahirije ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryubahiriza. 21 Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse+. Abaroma 10:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Ndabashingira intahe yuko bafise umwete wo gukorera Imana+, ariko uwo mwete ntushingiye ku bumenyi butagira amakosa. 1 Abakorinto 2:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware b’iyi si* yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kwica* wa Mukama w’ubuninahazwa.
19 Baca bamubaza bati: «So wawe ari hehe?» Yezu abishura ati: «Yaba jewe canke Dawe+, nta n’umwe muzi. Iyo muba munzi, muba muzi na Dawe+.»
20 Mwibuke ijambo nababwiye: umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, namwe bazobahama+, kandi nimba barubahirije ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryubahiriza. 21 Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse+.
2 Ndabashingira intahe yuko bafise umwete wo gukorera Imana+, ariko uwo mwete ntushingiye ku bumenyi butagira amakosa.
8 Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware b’iyi si* yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kwica* wa Mukama w’ubuninahazwa.