ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 26:69, 70
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 69 Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aca araza amusanga aho ari, amubwira ati: «Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya+!» 70 Mugabo arabihakanira imbere y’abari ng’aho bose, avuga ati: «Sinzi ivyo uriko uravuga.»

  • Mariko 14:66-68
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 66 Igihe Petero yari mu rugo, umwe mu basukukazi b’umuherezi mukuru araza+. 67 Abonye Petero ariko arota, aca aramuhanga amaso maze avuga ati: «Na wewe wari kumwe n’uwo Yezu Umunyanazareti.» 68 Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, kandi sinzi n’ivyo uriko uravuga.» Aca agenda amaja kw’irembo*.

  • Luka 22:55-57
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 55 Baraheza bacana umuriro hagati mu rugo maze baricara, kandi Petero yari yicaranye na bo+. 56 Umusukukazi umwe amubonye yicaye iruhande y’umuriro uriko uramumurika, aca aramwitegereza neza maze avuga ati: «Uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we.» 57 Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, wa mugore we.»

  • Yohani 18:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Simoni Petero yari ahagaze ng’aho ariko arota. Baca bamubaza bati: «Ubwo weho nturi mu bigishwa biwe?» Petero aca arabihakana, avuga ati: «Oya sindi uwo muri bo+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika