-
1 Petero 1:10, 11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Ku bijanye n’ubwo bukiriro, abahanuzi bavuze ubuhanuzi bwerekeye ubuntu buhebuje mwari mugenewe, baratohoje babigiranye umwete bagira n’ubushakashatsi bwitondewe+. 11 Bagumye batohoza igihe nyezina canke ikiringo ibintu impwemu yariko irerekana ku vyerekeye Kristu vyorangukiye+. Iyo mpwemu yari muri bo yaravuze imbere y’igihe imibabaro yari gushikira Kristu+ be n’ubuninahazwa yoronse mu nyuma.
-