46 araheza ababwira ati: «Handitswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu+, 47 be n’uko hokwamamajwe mw’izina ryiwe yuko abantu bokwigaya kugira bababarirwe ibicumuro+, ivyo bigakorwa mu mahanga yose+ uhereye i Yeruzalemu+. 48 Mubwirizwa kuba ivyabona vy’ivyo bintu+.