2 Ndabigize kugira mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abahanuzi beranda, na ya mabwirizwa y’Umukama wacu akaba n’Umukiza yashikirijwe biciye ku ntumwa zanyu. 3 Ubwa mbere, mumenye yuko mu misi ya nyuma hazoza abacokoranyi bacokorana, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+,