2 Ivyo biheze, ubwo nyene impwemu ica itangura kunkorerako, maze mbona intebe y’ubwami mw’ijuru, kandi hari uwari ayicayeko+. 3 Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ryitwa yasipi+ hamwe n’iryitwa sarudiyo, kandi iyo ntebe yari ikikujwe n’umunywamazi usa n’ibuye ryitwa emerode+.