Yehova, Imana ‘Igabirije Guharira’
“Wewe [Yehova], uri mwiza, ugabirije guharira.”—ZABURI 86:5.
1. Ni umutwaro uremereye uwuhe Umwami Dawidi yari yikoreye, kandi ni gute yaronse igihumuriza umutima wiwe wari udugaraye?
UMWAMI DAWIDI wo muri Isirayeli ya kera yari azi ukuntu umutwaro w’ijwi ryo mu mutima ryagiriza ushobora kuremera. Yanditse ati: “Ivyo nagabitanije bi[ra]ndengeye, bimeze nk’umutwaro uremereye umvuna. Ndadendebukiwe, ndajanjaguritse: nnihishwa n’umubabaro wo mu mutima wanje.” (Zaburi 38:4, 8) Dawidi ariko yararonse igihumuriza umutima wiwe wari udugaraye. Yari azi ko naho Yehova yanka icaha atanka umunyacaha—niba uwo muntu ari uwigaye vy’ukuri kandi akiyama ingendo nyecaha yiwe. (Zaburi 32:5; 103:3) Dawidi yari yizeye rwose umutima Yehova afise w’ukugirira ikigongwe abigaya, yandika ati: “Wewe [Yehova], uri mwiza, ugabirije guharira.”—Zaburi 86:5.
2, 3. (a) Iyo dukoze icaha, ni umutwaro uwuhe uremereye dushobora kwumva twikoreye utewe na co, kandi ni kuki ivyo ari vyiza? (b) ‘Kumirwa’ n’ukwiyumvamwo icagīro birimwo ingeramizi iyihe? (c) Bibiliya idukura amazinda gute ku vyerekeye umutima Yehova afise wo kuduharira?
2 Iyo dukoze icaha, na twebwe twoshobora kwumva twikoreye umuzigo ujanjagura w’ijwi ryo mu mutima ribabaza bitewe na co. Ukwo kwiyumvamwo intongane mu mutima ni ibisanzwe, mbere ni vyiza. Bishobora gutuma dutera intambwe zifashe kugirango dukosore amakosa twakoze. Mugabo hari Abakirisu usanga barengērwa n’ukwiyumvamwo icagīro. Umutima wabo wicira urubanza rubi woshobora gukovya ngo Imana ntizobaharira bimwe vyuzuye naho boba bigaye gute. “Ni inyiyumvo y’agaterabwoba igihe wiyumvira ko Yehova yoba atakigukunda namba,” ivyo bivugwa n’umuvukanyikazi umwe yariko azirikana ikosa yari yarakoze. N’inyuma nyene y’aho amariye kwigaye kandi akemera impanuro rufasha iva ku bakurambere b’ikorane, yarabandanije kwiyumvamwo ko atabereye uguharirwa n’Imana. Arasobanura, ati “Ndyama ndira numva icagīro. Nta musi urengana ntasavye Yehova ngo amparire.” Mu gihe ducitse ‘abamizwe’ n’ukwiyumvamwo icagīro, Shetani ashobora kugerageza kudutera ukwihebura, kwiyumvamwo ko tutabereye gukorera Yehova.—2 Ab’i Korinto 2:5-7, 11.
3 Ariko ukwo si ko namba Yehova abona ibintu! Ijambo ryiwe riratumara amazinda yuko igihe tugaragaje ukwigaya kuvuye mu mutima, Yehova aragira umutima ugomba, eka aragabirije, guharira. (Imigani 28:13) Nuko, nimba uguharirwa na Yehova kwarigeze kukubera nk’ukudashikîrika, kumbure igikenewe ni ugutahura neza birushirije igituma n’ingene aharira.
Ni Kuki Yehova ‘Agabirije Guharira’?
4. Ni igiki Yehova yibuka ku vyerekeye uko duteye, kandi ni gute ivyo bigira ico bikoze ku buryo adufata?
4 Dusoma ngo: “Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu. Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, ni k[o Yehova] akagirira abamwubaha.” Ni kuki Yehova agabirije kugira ikigongwe? Umurongo ukurikira urishura uti: “Kukw azi [ibumbwa] ryacu, yibuka ko tur’umukungugu.” (Zaburi 103:12-14) Koko, Yehova ntiyibagira ko turi ibiremwa vy’umukungugu, bifise intege nke, canke ukugoyagoya, bivuye ku gasembwa. Imvugo y’uko ngo “azi [ibumbwa] ryacu” iratwibutsa yuko Bibiliya isanisha Yehova n’umubumvyi, natwe ikadusanisha n’inzavya uno abumba.a (Yeremiya 18:2-6) Umubumvyi afata inzavya ziwe z’ibumba azigumije ariko akengenga, akama azirikana uko ziteye. Na Yehova nyene rero, we Mubumvyi Mukuru, ntakavya mu vyo atugirira akurikije intege nke za kamere yacu y’icaha.—Gereranya na 2 Ab’i Korinto 4:7.
5. Igitabu c’Abaroma kidondora gute ubucakizi bukomeye icaha kigira ku mubiri wacu waguye?
5 Yehova aratahura ukuntu icaha kiri n’ububasha. Ivyanditswe bidondora icaha nk’inguvu ifise ubushobozi, ifatiriye umuntu imukākiye bimwe vyica. Ariko ubucakizi bw’icaha bukomeye ku rugero rungana iki? Mu gitabu c’Abaroma, intumwa Paulo yahumekewe ivyo irabisigura mu majambo ndondozi, iti ‘turi munsi y’icaha,’ nk’abasoda bari munsi y’umukomanda wabo (Abaroma 3:9); ‘caraganjije’ abantu nk’umwami (Abaroma 5:21); ‘kiba,’ canke ‘gicumbitse,’ muri twebwe (Abaroma 7:17, 20); ‘itegeko’ ryaco ribandanya gukora muri twebwe, nkako rikagerageza kwifatira ingendo yacu. (Abaroma 7:23, 25) Mbega urugamba rukomeye dufise rw’ukunanira ugufata gukomeye kw’icaha ku mubiri wacu waguye!—Abaroma 7:21, 24.
6. Yehova abona gute abarondera ikigongwe ciwe bafise umutima ubabaye?
6 Ni co gituma Imana yacu y’inyakigongwe izi ko ukugamburuka kutagira agasembwa kutadushobokera, naho imitima yacu yoba ishaka kumugamburukira cane gute. (1 Abami 8:46) Iradukura amazinda n’urukundo n’akantu, yuko igihe turondeye ikigongwe cayo ca kivyeyi dufise umutima ubabaye, izoheza iduharire. Dawidi umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.” (Zaburi 51:17) Yehova ntazigera yiyama, canke aha umugongo, umutima umenetse kandi ujanjaguritse kubera umutwaro w’ukwiyumvamwo icagīro. Ese ukuntu ivyo bidondora neza cane ingene Yehova agabirije guharira!
7. Ni kuki tutoshobora kwimonogoza ku kigongwe c’Imana?
7 Ivyo vyoba none bisobanura ko dushobora kwimonogoza ku kigongwe c’Imana, tukitwaza kamere yacu y’icaha mu gucumura? Eka data! Yehova ntajanwa n’inyiyumvo nsa! Ikigongwe ciwe kiri n’imipaka. Ntazokwigera aharira abakomantaza umutima bakamogorera icaha bashaka kugirira abandi nabi, ata kwigaya namba. (Abaheburayo 10:26-31) Ku rundi ruhande, iyo abonye umutima “umenetse kandi ujanjaguwe,” ‘agabirije guharira.’ (Imigani 17:3) Reka turimbure amwamwe mu majambo ari n’ico avuze yakoreshejwe muri Bibiliya kugira hadondorwe ukuntu uguharira kw’Imana ari uguherezako.
Ni Gute Yehova Aharira Bimwe vy’Uguherezako?
8. Ni igiki Yehova nkako agira iyo aturekuriye ivyaha, kandi ivyo bikwiye kugira iki kuri twebwe?
8 Umwami Dawidi yari yigaye yavuze ati: “Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; naravuze, nti Ndāturira [Yehova] ibicumuro vyanje: nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje.” (Zaburi 32:5, ni twe duhiritse izo ndome.) Imvugo ngo “umparira” ihibanuye ijambo ry’Igiheburayo risigura canecane “guterura,” “gutwara, kujana.” Ikoreshwa ryaryo ngaha rero risobanura ‘gukurako icagīro, ikibi, igicumuro.’ Nuko rero, Yehova yarateruye ivyaha vya Dawidi kandi abijana kure, tubivuze bugereranye. (Gereranya na Abalewi 16:20-22.) Ivyo nta gukeka vyaroroheje ukwiyumvamwo icagīro, ukwo Dawidi yari amaze igihe yikoreye. (Gereranya na Zaburi 32:3.) Na twebwe turashobora kugira umwizero wuzuye kuri iyo Mana iharira ivyaha abarondera uguharirwa na yo bishimikije ukwizera ya nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. (Matayo 20:28; gereranya na Yesaya 53:12.) Abo Yehova aterurira ivyaha akabibakurako ntibakeneye kubandanya kwikorera umutwaro w’ukwiyumvamwo icagīro kubera ivyaha vyahise.
9. Amajambo ya Yezu ngo “Uduhebere imyenda yacu” asobanura iki?
9 Yezu yarafatiye ku migenderanire iri hagati y’abishuza n’abishuzwa, kugirango atange ikigereranirizo c’ukuntu Yehova aharira. Nk’akarorero, Yezu yaduhimirije gusenga ngo: “Uduhebere imyenda yacu.” (Matayo 6:12) Gutyo Yezu asanisha “ivyaha” n’ “imyenda.” (Luka 11:4) Iyo dukoze icaha, ducika ‘abanyamwenda’ kuri Yehova. Irivuga ry’Ikigiriki rihibanuwe ngo “uduhebere” rishobora gusobanura “kureka umwenda ukagenda, kuwuheba, mu kutawishuza.” Mu nsobanuro imwe, iyo Yehova ahariye, arafuta uwo mwenda wohava utwomēra tukawubazwa. Abanyavyaha bigaya bashobora rero guhûmura. Yehova ntazigera yishuza umwenda yafuse!—Zaburi 32:1, 2; gereranya na Matayo 18:23-35.
10, 11. (a) Imvugo ‘guhanagura’ dusanga mu Vyakozwe 3:19 iserura ikihe ciyumviro? (b) Ivy’uko uguharira kwa Yehova ari uguherezako bigereranijwe gute?
10 Mu Vyakozwe 3:19, Bibiliya ikoresha iyindi mvugo y’ikigereranyo ikomeye mu kudondora uguharira kwa Yehova, ngo: “Nuko [mwigaye], muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe.” Iyo mvugo ngo ‘guhanagurwa’ ihibanuye irivuga rimwe ry’Ikigiriki iyo rikoreshejwe mu mvugo iberanya rigashobora gusobanura “kuzimanganya, gukuraho, gufuta canke guhonya.” Dukurikije abahanga bamwebamwe, iciyumviro giserurwa ni ic’uguhanagura inyandiko z’iminwe. Ivyo vyaraheza bigashoboka bite? Irangi ryakunda gukoreshwa mu bihe vya kera ryari rigizwe n’ikivange carimwo karuboni, igǒme n’amazi. Vuba umuntu amaze kurangiza ivyo gukoresha mwen’iryo rangi, yarashobora gufata ikinyuko kijovye agahanagura izo nyandiko.
11 Ngaho harimwo indondoro nziza igitangaza y’ukuntu uguharira kwa Yehova ari uguherezako. Iyo ahariye ivyaha vyacu, ni nk’uko aba afashe ikinyuko akabihanagura. Ntibikenewe ko dutinya ngo ivyo vyaha azoguma abiduharurako muri kazoza, kuko Bibiliya ihishura ikindi kintu ku vyerekeye ikigongwe ca Yehova cibonekeza vy’ukuri: Iyo ahariye, aribagira!
“Icaha Cabo Sinzocibuka Ukundi”
12. Igihe Bibiliya ivuga yuko Yehova yibagira ivyaha vyacu, vyoba bisobanura ko adashobora kuvyibuka, kandi ni kuki wishuye utyo?
12 Biciye ku muhanuzi Yeremiya, Yehova ku biraba abo mw isezerano risha yasezeranye ati: “Nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’icaha cabo sinzocibuka ukundi.” (Yeremiya 31:34) Ivyo none vyoba bisobanura ko igihe Yehova ahariye ataba agishoboye kwibuka ivyaha? Ivyo ntivyoshoboka ko bimera ukwo. Bibiliya iratubwira ivy’ivyaha vy’abantu benshi Yehova yahariye, harimwo na Dawidi. (2 Samweli 11:1-17; 12:1-13) Yehova biribonekeza ko akīzi amakosa bakoze, kandi natwe ni ko dukwiye kumera. Inkuru yanditswe ivuga ivyaha vyabo, eka n’ukwigaya kwabo hamwe n’uguharirwa n’Imana kwabo, yarazigamwe ngo igire ico itwunguye. (Abaroma 15:4) None Bibiliya iba ishaka kuvuga iki iyo igize ngo Yehova ‘ntiyibuka’ ivyaha vy’abo aharira?
13. (a) Mu nsobanuro y’irivuga ry’Igiheburayo rihinduwe ngo ‘-nzokwibuka’ harimwo n’iki? (b) Igihe Yehova avuga ngo “Icaha cabo sinzocibuka ukundi,” aba ariko adukura amazinda mu biki?
13 Irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo ‘-nzokwibuka’ ntirishaka kuvuga gusa kwibuka kahise. Dukurikije igitabu Theological Wordbook of the Old Testament, ririmwo ‘iciyumviro ciyongeyeko c’ugukora ikibereye gukorwa.’ Muri iyo nsobanuro rero, ‘kwibuka’ icaha birimwo uguhagurukira abanyavyaha. Igihe umuhanuzi Hoseya yavuga ivy’Abisirayeli b’ibigaba, ngo “[Yehova a]zokwibuka ibigabitanyo vyabo,” uwo muhanuzi yashaka kuvuga ko Yehova azobahagurukira kubera ko babuze ukwigaya. Gutyo igice gisigaye c’uwo murongo kirongerako, ngo “[a]zobahanira ivyaha vyabo.” (Hoseya 9:9) Ku rundi ruhande, igihe Yehova avuze ngo “icaha cabo sinzocibuka ukundi,” aba ariko adukura amazinda yuko iyo amaze guharira umunyacaha yigaye ataco amugira kubera nya vyaha mu gihe kinaka co mu nyuma. (Ezekiyeli 18:21, 22) We rero aribagira mu buryo bw’uko ataza arongera kuzukurura ivyaha vyacu kugirango aze arasubira kutwagiriza canke kuduhana. Yehova kuri ico araduha akarorero keza cane ko kwigana mu vyo tugirira abandi. Iyo ukutumvikana kuvyutse, ikirushirije kuba ciza ni ukutazukurura amakosa ya kera wari wemeye ko uhariye.
Inkurikizi zo Bite?
14. Ni kuki uguharirwa kudasobanura ko umunyacaha yigaye akurwako inkurikizi zose z’ingendo yiwe mbi?
14 Kuba Yehova agabirije guharira vyoba bisobanura ko umunyacaha yigaye aba akuweko inkurikizi zose zova ku ngendo yiwe mbi? Habe namba. Ntidushobora gukora icaha ngo cijane. Paulo yanditse, ati “Ic’umuntu abiba cose [ni] co azokwimbura.” (Ab’i Galatiya 6:7) Twoshobora guhangana n’inkurikizi zinaka zivuye ku co twakoze canke ku mbangamyi twateye, ariko Yehova iyo amaze kuduharira, ntaduteza amarushwa. Iyo ingorane zivyutse, Umukirisu ntakwiye kwibaza, ngo ‘Kumbure Yehova ariko arampana kubera ivyaha nakoze kera.’ (Gereranya na Yakobo 1:13.) Ku rundi ruhande, Yehova ntadukingira ingaruka zose ziva ku bikorwa vyacu bibi. Ukwahukana, ugutwara igitwarire, indwara zandukirira mu bihimba vy’irondoka, ugutakaza ukwizigirwa canke ukwubahwa—ivyo vyose birashobora kuba inkurikizi zibabaje z’icaha, kandi Yehova ntazozidukingira. Niwibuke: naho mbere Yehova yahariye Dawidi ivyaha yari yakoze ku vyerekeye Batisheba na Uriya, ntiyakingiye Dawidi ingaruka z’akaga zakurikiye.—2 Samweli 12:9-14.
15, 16. Ni gute icagezwe canditswe mu Balewi 6:1-7 cazanira akunguko nyene kugirirwa nabi na nyene kugira nabi?
15 Ivyaha vyacu vyoshobora gukwega n’izindi nkurikizi nyene. Rimbura nk’akarorero, inkuru iri mu Balewi ikigabane ca 6. Ivyagezwe vya Musa ngaho birihweza ivyabaye vyerekeye umuntu yakoze inabi ikomeye mu gufata ibintu vy’Umwisirayeli mugenziwe akoresheje ubunyahuzi, ubwambuzi, canke forode. Uno munyacaha maze arahakana ngo ntakimwagira, mbere arubahuka akarahira ibinyoma. Ni ukwagirizanya kwa babiri. Mu nyuma ariko, nyene kugira nabi yumva mu mutima wiwe biramwanse, arahava yatura icaha ciwe. Kugirango aharirwe n’Imana, arinda kugira ibindi bintu bitatu: gusubiza ivyo yari yatwaye, kuriha nyene kwibwa ihadabu ya 20 kw ijana, no gushikana impfizi y’intama nk’ishikanwa ry’icagīro. Maze, icagezwe kivuga giti: “Umuherezi aheze amuhongerere imbere [ya Yehova], na we azoharirwa.”—Abalewi 6:1-7; gereranya na Matayo 5:23, 24.
16 Ico cagezwe cari ikintu gitunganijwe n’Imana kiranga ikigongwe. Cazanira akunguko nyene kugirirwa nabi, uno utwiwe tukaba twaragarukanwa, kandi nta gukeka yarumva ko aruhuriwe igihe nyene kumugirira nabi yahava akemera icese icaha yakoze. Ubwo nyene kandi, iryo tegeko ryarazanira akunguko uwo ijwi ryiwe ryo mu mutima ryatinda rigatuma yemera ikimwagira hanyuma agatunganya inabi yakoze. Si ivy’imbeshere, aramutse yanse kubigenza gutyo, ntiyohariwe n’Imana namba.
17. Iyo abandi bababajwe n’ivyaha twakoze, Yehova yitega ko tugira iki?
17 Naho tutari munsi y’Ivyagezwe vya Musa, biradutahuza umuzirikanyi wa Yehova, hamwe n’ukuntu yiyumvira ivy’uguharira. (Ab’i Kolosayi 2:13, 14) Igihe abandi bababajwe canke bakagirirwa nabi n’ivyaha vyacu, Yehova arahimbarwa iyo dukoze ivyo dushoboye kugirango ‘tugorore iyo nabi.’ (2 Ab’i Korinto 7:11) Ivyo birimwo no kwemera icese icaha twakoze, tukemera icagīro kituriko, eka mbere tugasaba imbabazi uwo twakoreye inabi. Maze turashobora gutakambira Yehova twishimikije inkuka ya Yezu tukabona kwumva turuhuriwe n’ijwi ryo mu mutima ritanduye, kandi tugashira amazinda yuko twahariwe n’Imana.—Abaheburayo 10:21, 22.
18. Ni igihano nyabaki coshobora guherekeza uguharirwa na Yehova?
18 Yehova ni nk’umuvyeyi uwo ari we wese yuzuye urukundo, arashobora guharira agatanga igihano ku rugero runaka. (Imigani 3:11, 12) Mu bihereranye n’ukugira nabi gukomeye, Umukirisu yigaye hari aho yotegerezwa guheba agateka yatewe ko gukora nk’umukurambere, umusuku w’ubukenuzi, canke umutsimvyi. Vyoshobora kumubabaza kumara igihe kinaka yatakaje uduteka twari utw’agaciro kuri we. Igihano nk’ico ariko ntigisobanura ko yatakaje ubutoni kuri Yehova canke ko Yehova yanse kumuharira. Vyongeye, dutegerezwa kwibuka ko igihano kiva kuri Yehova ari agahinyuza k’urukundo adufitiye. Kucemera no kugishira mu ngiro ni ibituzanira inyungu zihebuje, kandi bigashobora kujana mu buzima budashira.—Abaheburayo 12:5-11.
19, 20. (a) Mu gihe wakoze ibibi, ni kuki udakwiye kwiyumvamwo ko udashobora gushikīrwa n’ikigongwe c’Imana? (b) Ni ibiki bija kuyagwa mu kiganiro gikurikira?
19 Ese ukuntu bihorosha kumenya ko turi abasuku b’Imana ‘igabirije guharira’! Yehova ico abona si ivyaha vyacu canke amakosa yacu gusa. (Zaburi 130:3, 4) Arazi akaturi mu mitima. Niba wumvise umutima wawe umenetse eka ujanjaguritse kubera ibibi wakoze kera, ntuce ufatiraho yuko udashobora gushikīrwa n’ikigongwe ca Yehova. Naho amakosa woba warakoze yoba ameze gute, niba vy’ukuri wigaye, ugatera intambwe kugirango utunganye nya bibi wakoze, kandi ugasengana ubwira usaba uguharirwa na Yehova wishimikije amaraso ya Yezu yasheshwe, ushobora kwizera udakeka ko aya majambo ari muri 1 Yohana 1:9 akora kuri wewe: “Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.”
20 Bibiliya iraturemesha kwigana uguharira kwa Yehova mu vyo tugiriranira. Ariko ni ku rugero rungana iki dushobora kwitegwako uguharira no kwibagira igihe abandi badukoreye icaha? Ivyo biraja kuyagwa mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Birakwegera ubwenge kubona ijambo ry’Igiheburayo rihinduwe ngo ‘ibumbwa ryacu’ rikoreshwa ku vyerekeye inzavya z’ibumba zibumbwa n’umubumvyi.—Yesaya 29:16.
Wokwishura Ngw Iki?
◻ Ni kuki Yehova ‘agabirije guharira’?
◻ Ni gute Bibiliya idondora ukuntu uguharira kwa Yehova ari uguherezako?
◻ Iyo Yehova ahariye umuntu, ni mu buryo ki yibagira?
◻ Yehova yitega ko tugira iki iyo abandi bababajwe n’ivyaha twakoze?
[Ifoto ku rup. 22]
Iyo abandi bababajwe n’ivyaha vyacu, Yehova yitega ko tugorora ibintu