ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/12 rup. 25-30
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kuki Woharira Abandi
  • ‘Mubandanye Kwihanganirana’
  • Iyo Ivyo Bironda Ari Bininibinini Cane
  • Iyo Guharira Bisa n’Ibidashoboka
  • Mubabarirane ata gahigihigi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kubabarira abandi bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Kubabarira abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/12 rup. 25-30

‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’

‘Mubandanye kwihanganirana, muharirana ata kangonongono.’—AB’I KOLOSAYI 3:13.

1. (a) Igihe Petero yatanga iciyumviro c’uguharira abandi ‘kugeza indwi,’ ni kuki kumbure yiyumvira ko yoba arekuye cane? (b) Yezu yashaka kuvuga iki igihe yagira ngo dukwiye guharira “kugeza incuro mirongwirindwi n’indwi”?

“MUSHINGANTAHE, incuti yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?” (Matayo 18:21) Petero ashobora kuba yavuze atyo yiyumvira ko yoba arekuye cane. Ico gihe, imigenzo y’abarabi yavuga ko umuntu atoharira ngo arenze gatatu akorerwa nya kibi nyene.a Iyumvire ukuntu Petero yatangaye rero aho Yezu amusubirije, ati “Jeho si nkubgira yuk’ugeza indwi, arik’ugeze [incuro mirongwirindwi n’indwi!, NW].” (Matayo 18:22) Ugusubiramwo indwi vyari biringaniye no kuvuga “akadaharurwa.” Uko Yezu yabibona, mu vy’ukuri nta mupaka uhari ku gitigiri c’incuro Umukirisu akwiye guharira abandi.

2, 3. (a) Ni mu nyifato z’ibintu zimwezimwe izihe vyosa n’ibigoye guharira abandi? (b) Ni kuki dushobora kwizera tudakeka ko guharira abandi ari ku bw’inyungu zacu nziza bihebuje?

2 Gukurikiza iyo mpanuro ariko, ntivyama nantaryo vyoroshe. Ni nde muri twebwe atariyumvamwo agacumito k’ugukomeretswa ku karenganyo? Kumbure umuntu wizigira yaramennye akabanga. (Imigani 11:13) Amajambo asunitswe n’impwemu avuzwe n’umugenzi somambike ashobora kuba ‘yaragucumise nk’inkota.’ (Imigani 12:18) Gufatwa nabi n’umuntu wakunda canke wizigiye gushobora kuba kwaragusesereje. Igihe ibintu nk’ivyo bishitse, ico ubusanzwe tugira hari aho kuba ukwumva ishavu. Hari aho twobogamira ku kureka kuvugana na nyene kutugirira nabi, tukamwirinda buhere niba bishoboka. Kumuharira vyoshobora gusa n’uko bimuha uburyo bwo kudahanirwa ukwo kutubabaza kwiwe. Yamara, tubitse inzika mu mutima, amaherezo ni twe twibabaza.

3 Yezu rero atwigisha guharirana—“kugeza incuro mirongwirindwi n’indwi.” Nta gukeka rero, inyigisho ziwe ntizokwigera zikora ku bwo kutugirira nabi. Ikintu cose yigisha cakomoka kuri Yehova, ‘Uwutwigisha ibitugirira ikimazi.’ (Yesaya 48:17; Yohana 7:16, 17) Ni ibinyura ubwenge, duhariye abandi ni ku bw’inyungu zacu nziza bihebuje. Imbere y’uko tuyaga impamvu dukwiye guharira n’ukugene dukwiye kubigira, vyoba rufasha tubanje gutomora ico uguharira kuri co n’ico kutari co. Uko dutegera ivy’uguharira kwoshobora kugira ico gupfana n’ubushobozi bwacu bwo guharira igihe tugiriwe nabi n’abandi.

4. Ni igiki guharira abandi bidashaka kuvuga, ariko guharira bisobanurwa ngw iki?

4 Guharira abandi ibibi badukoreye twebwe ubwacu ntibisobanura ko tuba twirengagije canke dufatiye mu rwara ivyo bakoze; eka mbere ntibisobanura kureka ngo abandi bagire ico batwungukiyeko ku karenganyo. Ubiravye neza, iyo Yehova aduhariye, nta wovuga ko ivyaha vyacu aba abihinduye ibidaguro, kandi ntazigera areka ngo abantu banyavyaha baganange ikigongwe ciwe. (Abaheburayo 10:29) Dukurikije igitabu Insight on the Scriptures, uguharira bisobanurwa ko ari “ukurekurira uwagize nabi; kureka kumwumvira inzika biturutse ku kibi yakoze, no guheba ugusaba inshumbusho kwose.” (Isemo ya 1, urupapuro 861)b Bibiliya iraduha impamvu zotuma duharira abandi.

Kuki Woharira Abandi

5. Ni iyihe mpamvu ihambaye ituma duharira abandi yerekanwa mu Banyefeso 5:1?

5 Impamvu ihambaye yo guharira abandi irerekanwa mu Banyefeso 5:1: “Nuko mwigāne Imana, nk’abana ikunda.” Ni mu biki dukwiye “kwigana Imana”? Ijambo “nuko” rifatanya iryo ryungane n’umurongo rikurikiye, uvuga ngo “Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane [‘ata kangonongono,’] nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.” (Abanyefeso 4:32, ni twe duhiritse izo ndome.) Egome, ku vy’uguharira, dukwiye gucika abigana Imana. Nka kurya agahungu gatoyi kagerageza kumera nka se nezaneza, twebwe, nk’abana Yehova akunda cane, dukwiye kurondera gucika nka Data wa twese wo mw ijuru aharira. Ese ukuntu bitegerezwa kuba bitera umutima wa Yehova akanyamuneza kuraba hasi ari mw ijuru akabona abana biwe bo kw isi bagerageza kuba nka we mu guharirana!—Luka 6:35, 36; gereranya na Matayo 5:44-48.

6. Ni mu buryo ki hari itandukaniro amabi hagati y’uguharira kwa Yehova n’ukwacu?

6 Niko, ntidushobora kwigera duharira mu buryo butagira agasembwa nk’uko Yehova abigira. Ariko iyo ni yo mpamvu ihambaye birushirije yotuma duharirana. Rimbura: Hariho itandukaniro amabi hagati y’uguharira kwa Yehova n’ukwacu. (Yesaya 55:7-9) Iyo duhariye abadukoreye icaha, kenshi tuba tuzi ko namwaryari twoshobora gukenera ko na bo batugirira nya butoni mu kuduharira. Ku bantu, nantaryo bama ari abanyavyaha baharira abandi. Kuri Yehova ariko, uguharira kwama nantaryo ari ukw’umwe. Araduharira, ariko ntituzigera dukenera kumuharira. Niba Yehova, we atigera akora icaha, ashobora kuduharira n’urukundo rwinshi kandi agaherezako, tweho bantu b’abanyavyaha ntidukwiye none kugerageza guharirana?—Matayo 6:12.

7. Mu gihe twanse guharira abandi iyo hariho uburyo bw’ukugira ikigongwe, ni gute bishobora kugira ingaruka mbi ku bucuti twebwe ubwacu dufitaniye na Yehova?

7 N’igihambaye kuruta, mu gihe twanse guharira abandi kandi hariho uburyo bwo kugira ikigongwe, vyoshobora kugira ingaruka mbi ku bucuti twebwe ubwacu dufitaniye n’Imana. Yehova ntadusaba guharirana gusa; yiteze ko tubigira. Dukurikije Ivyanditswe, kimwe mu vyotuma duharirana ni ukugira Yehova abone kuduharira canke kubera ko yaduhariye. (Matayo 6:14; Mariko 11:25; Abanyefeso 4:32; 1 Yohana 4:11) Niba rero tutagomba guharira abandi kandi hariho impamvu nyayo yo kubigira, wumva none twoshobora vy’ukuri kwitega ko Yehova aduharira gutyo?—Matayo 18:21-35.

8. Ni kuki kuba abaharira bikora ku bw’inyungu zacu nziza bihebuje?

8 Yehova arigisha abantu biwe ‘inzira nziza bakwiye kujana.’ (1 Abami 8:36) Igihe atubwiriza guharirana, dushobora kwizera ata mazinda ko inyungu nziza bihebuje twoharonkera azifise ku mutima. Bibiliya rero itubwirana impamvu nziza ngo ‘duhe uburyo uburake.’ (Abaroma 12:19) Inzika ni umutwaro uremereye kwikorera mu buzima. Igihe tuyibitse mu mutima, irayigiza ivyiyumviro vyacu, ikatwaka amahoro, kandi ikaniga umunezero wacu. Ishavu rirerire rirashobora kugira ingaruka mbi ku magara yacu y’umubiri, kurya kw’ishari. (Imigani 14:30) Kandi muri ivyo vyose, nyene gukora nabi ashobora kuba atazi namba umudugararo turimwo! Umuremyi wacu munyarukundo arazi ko dukeneye guharira abandi n’umutima mwiza, atari gusa ku neza yabo ariko no ku bw’iyacu bwite. Impanuro ya Bibiliya yerekeye uguharira, si ivy’imbeshere ni ‘inzira nziza dukwiye kujana.’

‘Mubandanye Kwihanganirana’

9, 10. (a) Ni inyifato bwoko ki z’ibintu atari ngombwa ngo zibe zisaba uguharira kurinze gusabwa? (b) Mu mvugo ngo ‘mubandanye kwihanganirana’ harimwo ikihe ciyumviro?

9 Ibikomere vyo ku mubiri bishobora kuva ku dukebe dutoduto bigashika ku bironda bininibinini, kandi vyose ntibisaba kwitwararikwa cokimwe. Ni ko bimeze no ku nyiyumvo zakomerekejwe—ibironda bimwebimwe usanga ari bininibinini kuruta ibindi. Twoba none vy’ukuri dukeneye kwirirwa turavyimvya agasebe gatoyi kose katubabaje mu migenderanire dufitaniye n’abandi? Ukuratswa, uguteterezwa, canke ukuburabuzwa bidahambaye, biri mu bigize ubuzima kandi si ngombwa ngo bibe bisaba uguharira kurinze gusabwa. Niba tuzwi ko turi abinyusha abandi ku kantu kose dukorewe kandi tugakovya ngo mpaka basabe ikigongwe imbere y’uko twongera kubitunganya mu bugwaneza, twohava dusanga tubahatira kuba hange iyo bari kumwe natwe—canke kuduca kure!

10 Ahubwo, iciza cane kuruta ni ‘ukumenyekana ko turi abagira ibitegereka.’ (Ab’i Filipi 4:5, Phillips) Uko turi ibiremwa binyagasembwa bikorana bisenyera ku mugozi umwe, birumvikana ko twokwitega ko abavukanyi bacu rimwe na rimwe boshobora kudukwabura, tubivuze bugereranye, kandi natwe vyoshika ugasanga turabibagiriye. Ab’i Kolosayi 3:13 hatugira inama, hati ‘Mubandanye kwihanganirana.’ Iyo mvugo irimwo ukwihanganira abandi, ukureka ibintu tudakunda bibarimwo canke utugeso twosanga turatsa. Ukwihangana n’ukwigumya gutyo birashobora kudufasha kwirengagiza ukuribwa urwara n’ugukwaburwa gatoyi bidushikira mu vyo tugirana n’abandi—tudahungabanije amahoro y’ikorane.—1 Ab’i Korinto 16:14.

Iyo Ivyo Bironda Ari Bininibinini Cane

11. Iyo abandi badukoreye icaha, ni igiki gishobora kudufasha kubaharira?

11 Ariko rero, bite mu gihe abandi badukoreye icaha, bakaduteza ikironda kiboneka? Niba ico caha atari kinini kurenza, hari aho vyotugora buhoro gukurikiza ya mpanuro ya Bibiliya yo ‘guharirana ata kangonongono.’ (Abanyefeso 4:32) Mwen’ukwo kugabiriza guharira kurahuye n’aya majambo mahumekano ya Petero: “Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.” (1 Petero 4:8) Kwama tuzi ko natwe turi abanyavyaha biratuma turekurira abandi amakosa yabo. Igihe duhariye gutyo, turareka inzika ikagenda hakuyikuriza mu mutima. Ico bivamwo, ubucuti dufitaniye na nyene kutugirira nabi bwoshobora kutagira ico buba igihe kirekire, kandi tuba dufashije kuzigama amahoro y’agaciro y’ikorane. (Abaroma 14:19) Amaherezo, ukwibuka ivyo yakoze gushobora neza kuzimangana.

12. (a) Ni umwitumo muki twoshobora gukenera gufata kugira duharire umuntu yatubabaje bikomeye? (b) Ni gute amajambo yo mu Banyefeso 4:26 yerekana ko dukwiye gushira ibintu mu buryo ningoga?

12 Mugabo vyomera gute mu gihe hagize uwudukorera icaha mu buryo bukomeye cane kuruta, bikadukomeretsa bimwe bigera kure? Nk’akarorero, umugenzi wari wizigiye ashobora kuba yarandagaje ibintu vy’akabanga wisangije wari wamwibiye. Urumva bikubabaje cane, umaramajwe, umenewe ibanga. Uragerageza kubizimanganya, ariko nya kintu ntikigenda. Iyo bigenze gutyo, hari aho woshima kwituma gushira mu buryo iyo ngorane, kumbure ukavugana na nyene kukugirira nabi. Ni ibiranga ubukerebutsi kubigira imbere y’uko nya kintu kironka akaryo ko gusebura nk’igisebe. Paulo yatwihanikije uku: “[Murake, ariko] ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse.” (Abanyefeso 4:26) Icongera insobanuro ku majambo ya Paulo ni ivy’uko mu Bayuda, ukurenga kw’izuba kwaranga irangira ry’umusi n’itangira ry’uwundi mushasha. Inama rero ni iyi: Shira mu buryo ico kintu ningoga!—Matayo 5:23, 24.

13. Mu gihe duturukiriye umuntu yatugiriye nabi, intumbero yacu ikwiye kuba iyihe, kandi ni amagirenama ayahe ashobora kudufasha kuyishikira?

13 Nyene kukugirira nabi ukwiye kumuturukira ute? ‘Rondera amahoro kandi uyakurikire,’ ivyo bivugwa muri 1 Petero 3:11. Intumbero yawe rero si uguserura ishavu, ariko ni ukugiranira amahoro n’umuvukanyi wawe. Kugirango ivyo ubigereko, vyoba vyiza kuruta wirinze amajambo n’ibimenyetso vy’umubiri vy’akararagurizo; ivyo vyohava bituma nya muntu na we akuraraguriza. (Imigani 15:18; 29:11) Vyongeye, irinde imvugo z’agakavyo nk’izi ngo “Nantaryo wewe . . . !” canke, ngo “Wewe nta na rimwe . . . !” Amajambo nk’ayo y’agakavyo nta kindi yogira atari ugutuma yirwanirira. Ahubwo, reka agahogo k’ijwi ukoresha hamwe n’ukuntu umera mu maso vyerekane ko ushaka gutunganya ikintu cakubabaje cane. Vuga udakikiriza usobanure ukuntu wiyumva ku vyashitse. Ha uwundi akaryo asigure ivyo yakoze. Umviriza ivyo afise avuga. (Yakobo 1:19) Ni ciza ikihe ivyo bizokora? Imigani 19:11 harasigura hati: “[Ugusobanukirwa] kw’umuntu kumutera guteba kuraka, kand’icubahiro ciwe n’ukwirengagiza ico yacumuweko.” Ugutahura inyiyumvo z’uwo wundi muntu hamwe n’impamvu zatumye akora ivyo yakoze vyoshobora kwirukana ivyiyumviro n’inyiyumvo bibibibi umufiseko. Iyo twihweje ivyo bintu dufise ihangiro ry’ukugiranira amahoro no kugumana ako gatima, bisa cane n’uko ukudatahurana ukwo ari kwo kwose gushobora kuvanwaho, ugusaba imbabazi kubereye kukagirwa, eka n’uguharira kukaboneka.

14. Iyo duhariye abandi, ni mu buryo ki dukwiye kwibagira?

14 None guharira abandi vyoba bisobanura ko dutegerezwa koko kwibagira ivyashitse? Ibuka akarorero ka Yehova ubwiwe muri ivyo, nk’uko vyayazwe mu kiganiro gikurikirwa n’iki. Iyo Bibiliya ivuze ko Yehova yibagira ivyaha vyacu, ivyo ntibisobanura ko adashobora kuvyibuka. (Yesaya 43:25) Ahubwo, aribagira mu buryo bw’uko iyo ahariye, ataguma abiduharurako mu gihe kinaka co mu nyuma. (Ezekiyeli 33:14-16) Ni cokimwe no guharira abantu nkatwe, si ngombwa ngo bibe bisobanura ko tutazoshobora kwibuka ivyo bakoze. Ariko rero, turashobora kwibagira mu buryo bw’uko tutaguma tubiharura kuri nyene kubidukorera canke ngo tubizukurure muri kazoza. Ico kintu iyo kimaze gushirwa mu buryo, ntivyoba bibereye kugira urunwarunwa kuri ivyo; eka mbere ntivyoba biranga urukundo kwirinda buhere nyene kukugirira nabi, ukamufata nka kumwe yoba yaraciwe. (Imigani 17:9) Niko, bishobora gutwara igihe kinaka kugirango ubucuti dufitaniye na we bukire; hari aho tutogirana ubunywanyi bwa cane nka kare. Ariko tuba tukimukunda nk’umuvukanyi wacu w’umukirisu kandi tukihata kugirango tugarukane ubucuti bwiza.—Gereranya na Luka 17:3.

Iyo Guharira Bisa n’Ibidashoboka

15, 16. (a) Abakirisu boba basabwa guharira uwagize nabi atigaye? (b) Ni gute dushobora gukurikiza inama ya Bibiliya dusanga muri Zaburi 37:8?

15 Bite none igihe abandi badukoreye icaha mu buryo budutera ikironda kinini kuruta vyose, yamara nyene kutugirira nabi akaba atemera icaha yakoze, atigaya, kandi akaba adasaba imbabazi? (Imigani 28:13) Ivyanditswe birerekana neza yuko Yehova adaharira abanyavyaha batigaya, b’ingumarare. (Abaheburayo 6:4-6; 10:26, 27) Tweho bite? Igitabu Insight on the Scriptures kivuga giti: “Abakirisu ntibasabwa guharira abamogoreye icaha c’ubukozi bw’ikibi, c’ibigirankana kitagira ukwigaya. Mwen’abo bacika abansi b’Imana.” (Isemo ya 1, urupapuro 862) Nta Mukirisu agiriwe ivy’akarenganyo, ibisesema canke ivy’ubuyobe birengereje akwiye kwiyumvamwo ko agoberwa ngo aharire canke arekurire uwagize nabi atigaya.—Zaburi 139:21, 22.

16 Birumvikana, abakorewe ibiranga ukutagira ikigongwe boshobora kwumva ko bababajwe kandi bagashavura. Ariko rero, ibuka ko kugumana ishavu n’inzika bishobora kutugirira nabi cane. Turindiriye ukwiyemerera icaha canke ugusaba imbabazi bitigera bigirwa, kumbure nta kundi vyotumerera atari ukurushirizaho kubabara. Ukubushabushwa n’akarenganyo vyoshobora gutuma ishavu riguma ritubiramwo, bikatugirira ingaruka mbi ku magara yacu yo mu vy’impwemu, mu vy’akanyengetera, no mu mubiri. Nkako, tuba dutumye nyene kutubabaza abandanya kutubabaza. Mu buryo buranga ubukerebutsi, Bibiliya iratanga inama, iti “Reka ishavu, va mu burake.” (Zaburi 37:8) Abakirisu bamwebamwe rero, basanze amaherezo bashobora gufata ingingo yo guharira mu buryo bwo kureka kubika inzika mu mutima—atari ukubona ko ivyo bakorewe ataco bivuze, ariko ukwanka kuribwa n’ishavu. Bararekeye ico kintu cose uko kiri mu minwe y’Imana y’ubutungane bamva bararuhuriwe cane, babona gushobora gushishikara ubuzima bwabo.—Zaburi 37:28.

17. Isezerano rya Yehova ryanditse mu Vyahishuriwe 21:4 ritanga inkuramazinda nki ihumuriza?

17 Igihe ikironda ari kinini cane, hari aho tutoshobokerwa no kugifuta buhere mu bwenge bwacu, bikanka nibura muri uru runkwekwe rw’ibintu. Ariko Yehova asezerana isi nshasha aho “[a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe 21:4) Ivyo kumbure tuzokwibuka vyose ico gihe, ntibizodutera uwo mubabaro wa cane canke intuntu, ibishobora ubu kuremera imitima yacu.—Yesaya 65:17, 18.

18. (a) Ni kuki bikenewe ko tuba abaharira mu vyo tugirana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu? (b) Iyo abandi badukoreye icaha, ni mu buryo ki dushobora guharira kandi tukibagira? (c) Ivyo bitwungura gute?

18 Mu kurindira, dutegerezwa kubana kandi tugakorana nk’abavukanyi n’abavukanyikazi, abantu b’abanyagasembwa, b’abanyavyaha. Twese turakora amakosa. Rimwe na rimwe, turahemukiranira, ndetse tukababazanya. Niho Yezu yari azi ko twokeneye guharira abandi, ‘atari kugeza incuro indwi, ariko kugeza incuro mirongwirindwi n’indwi’! (Matayo 18:22) Niko, ntidushobora guharira tugaherezako nk’uko Yehova abigira. Yamara, kenshi cane, iyo abavukanyi bacu badukoreye icaha, turashobora guharira mu buryo bw’ugutsinda inzika, kandi turashobora kwibagira mu buryo bw’ukutaguma nantaryo tubibaharurako muri kazoza. Iyo duhariye kandi tukibagira gutyo, tuba dufashije kuzigama amahoro, atari ay’ikorane gusa, n’ayacu bwite yo mu bwenge no mu mutima. Hejuru ya vyose, tuzogira ya mahoro Imana yacu y’urukundo yonyene, Yehova, ishobora gutanga.—Ab’i Filipi 4:7.

[Utujambo tw’epfo]

a Dukurikije Talimudi y’i Babiloni, hari umugenzo umwe w’abarabi wavuga ngo: “Mu gihe umuntu akoze igicumuro, ubwa mbere, ubwa kabiri n’ubwa gatatu araharirwa, ubwa kane ntaharirwa.” (Yoma 86b) Ivyo, mu ruhande vyari bishimikiye ku gutahura nabi ibisomwa nka Amosi 1:3; 2:6; na Yobu 33:29.

b Casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ Ni kuki dukwiye kugomba guharira abandi?

◻ Ni inyifato z’ibintu zimeze gute zisaba ko ‘tubandanya kwihanganirana’?

◻ Iyo twababajwe bimwe bikomeye n’ivyaha vy’abandi, ni igiki dushobora gukora kugirango dushire ibintu mu buryo mu mahoro?

◻ Iyo duhariye abandi, ni mu buryo ki dukwiye kwibagira?

[Ifoto ku rup. 26]

Iyo tugumije inzika mu mutima, hari aho nyene kutugirira nabi aba atazi umudugararo turimwo?

[Ifoto ku rup. 28]

Iyo uturukiriye abandi ngo mugiranire amahoro, ukutumvikana kurashobora kuvanwaho bitagoranye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika