ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/3 rup. 15-20
  • Nugerageze kubona abandi nk’uko Yehova ababona

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugerageze kubona abandi nk’uko Yehova ababona
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubona neza Yona
  • Kubona Petero mu buryo buri ku burimbane
  • Tuvyigireko muri iki gihe
  • Yarigiye ku makosa yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarigiye ku makosa yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/3 rup. 15-20

Nugerageze kubona abandi nk’uko Yehova ababona

‘Imana ntiraba nk’uko abantu baraba.’​—1 SAMWELI 16:7.

1, 2. Ukuntu Yehova yabona Eliyabu kwari gutandukanye gute n’ukuntu Samweli yamubona, kandi ivyo twovyigirako iki?

MU KINJANA ca 11 B.G.C., Yehova yararungitse umumenyeshakazoza Samweli mu gikorwa yari kurangura mu mpisho. Yamutegetse kuja ku nzu y’umuntu yitwa Isayi no gusiga amavuta umwe mu bahungu ba Isayi kugira ngo azobe umwami wa Isirayeli. Igihe Samweli yakubita ijisho Eliyabu umuhungu w’imfura wa Isayi, yiyumvisemwo adakeka yuko yari abonye umwe Imana yari yararobanuye. Mugabo Yehova yavuze ati: “Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.” (1 Samweli 16:6, 7) Samweli yari yananiwe kubona Eliyabu nk’uko Yehova yamubona.a

2 Ese ukuntu vyoroshe ko abantu bihenda mu kuntu babona abandi! Ku ruhande rumwe, twoshobora guhendwa n’ukuntu abantu baboneka inyuma, mugabo mu mutima ata co bibanga. Ku rundi ruhande, twoshobora kurenza urugero no gukavya mu kuntu tubona abantu b’inziraburyarya bafise kamere zitaduhimbara.

3, 4. (a) Igihe hari ingorane ivyutse hagati y’Abakirisu babiri, umwe wese muri bo yokwiyemeza gukora iki? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza igihe hari ukutumvikana gukomeye dufitaniye n’uwo dusangiye ukwizera?

3 Ingorane zirashobora kuvyuka igihe twihutira gucira abandi urubanza, mbere n’abo haheze imyaka tuzi. Kumbure uramaze kugiranira imitongano ikomeye n’Umukirisu yahora ari umugenzi somambike. Woba wipfuza ko musubiza hamwe? Ni igiki kizogufasha kubishitsa?

4 Ni kubera iki utoguma ubona mu buryo bwiza umuvukanyi canke umuvukanyikazi wawe mukirisu? Ivyo ukabigira wisunze amajambo Yezu yavuze agira ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” (Yohana 6:44) Maze wibaze uti: ‘Ni kubera iki Yehova yakwegereye uwo muntu ku Mwana wiwe? Ni kamere z’igikundiro izihe uwo muntu afise? Noba ndiko ndirengagiza canke simpe agaciro izo kamere? Ni kubera iki ubwa mbere twari twabaye abagenzi? Ni igiki cari cankwegereye kuri uwo muntu?’ Mu ntango, ushobora gusanga bitoroshe kwiyumvira kamere nziza afise, canecane iyo umaze igihe kinaka ufise akababaro. Ariko rero, iyo ni intambwe ihambaye igushikana ku gusubira kwuzura na we. Kugira ngo twerekane ukuntu ivyo vyogirwa, nimuze turondere kamere nziza muri aba bantu babiri rimwe na rimwe babonwa mu buryo butari bwiza. Akaba ari umumenyeshakazoza Yona be n’intumwa Petero.

Kubona neza Yona

5. Ni ibanga irihe Yona yashinzwe, kandi yavyakiriye gute?

5 Yona yarabuye ku vyerekeye ubwami bwo mu buraruko bwa Isirayeli ku ngoma y’Umwami Yerobowamu wa Kabiri, umuhungu wa Yehowasi. (2 Abami 14:23-25) Umusi umwe, Yehova yategetse Yona kuva muri Isirayeli ngo aje i Ninewe, ku mugwa mukuru w’Inganji Nganzabami ikomeye y’Abashuri. Yari arungitswe gukora iki? Yari arungitswe kuburira abahaba yuko ico gisagara cabo gihambaye cari kigiye gusangangurwa. (Yona 1:1, 2) Aho gukurikira ubuyobozi bw’Imana, Yona yarahunze! Yaciye yurira ubwato buja i Tarushishi, kure cane y’i Ninewe.​—Yona 1:3.

6. Ni kubera iki Yehova yahisemwo Yona ngo agende i Ninewe?

6 Ni igiki kikuza mu muzirikanyi iyo wiyumviriye Yona? Woba ubona ko ari umumenyeshakazoza atagamburuka? Umuntu atarimbuye ivyiwe mu buryo bufashe, yoshobora gushika kuri ico ciyumviro. Ariko none, Imana yoba yari kugena Yona ngo abe umumenyeshakazoza kandi atagamburuka? Birumvikana ko ata vyo yari kugira! Yona ategerezwa kuba yari afise kamere zimwezimwe z’igikundiro. Nurimbure ibivugwa kuri we igihe yari umumenyeshakazoza.

7. Igihe Yona yasukurira Yehova muri Isirayeli ibintu vyari vyifashe gute, kandi kumenya ivyo bintu bigira ico bikoze gute ku kuntu umubona?

7 Yona yari yarakoze ari umwizerwa muri Isirayeli, kikaba cari icibare kitimbuka na gato. Umumenyeshakazoza Amosi, uwabayeho mu gihe kimwe na Yona, yavuze ko Abisirayeli bo muri ico gihe bari abantu bakunda amaronko.b Ibintu bibi vyariko biraba muri ico gihugu, mugabo Abisirayeli ntibavyitaho na gato. (Amosi 3:13-15; 4:4; 6:4-6) Yamara, uko bukeye uko bwije, Yona yararangurana ubwizerwe ibanga yashinzwe ryo kubigisha. Nimba uri umwamamaji w’inkuru nziza, urazi ingene bitoroshe kubwira abantu babona ko bikwiye kandi ata co banezwe. Ku bw’ivyo rero, naho tudahakana ko Yona yari afise intege nke, nimuze ntitwirengagize kamere yari afise y’ukuba umwizerwa n’ukuba uwihangana, igihe yigisha Abisirayeli batagira ukwizera.

8. Umumenyeshakazoza w’Umwisirayeli yohanganye n’ingorane izihe i Ninewe?

8 Igikorwa yari yashinzwe co kuja i Ninewe carimwo mbere ikintu kigoye kuruta. Kugira ngo Yona ashike muri ico gisagara, yategerezwa kugira urugendo rw’ibirometero 800 n’amaguru, rukaba rwari urugendo ruruhisha rwomaze nk’ukwezi. Amaze kuhashika, uwo mumenyeshakazoza yategerezwa kwigisha Abashuri, abari bazwi ko ari inkazi. Mu ntambara bagira, kenshi barasinzikariza abantu ubuzima bunyamaswa. Barigamba mbere ubunyeshamba bagira. Ntibitangaje kubona Ninewe ciswe “igisagara kivisha amaraso”!​—Nahumu 3:1, 7.

9. Igihe igihuhusi gikaze cabangamira abari mu bwato, ni kamere izihe Yona yagaragaje?

9 Yona yaragonanwe kugamburuka itegeko rya Yehova, aca yurira ubwato bumujana kure cane y’aho yari yarungitswe gukorera. Naho vyari ukwo, Yehova ntiyahevye umumenyeshakazoza wiwe canke ngo atore uwundi amusubirira. Ahubwo, Yehova yarafashije Yona kwisubirako. Imana yatumye haba igihuhusi gikaze mu kiyaga. Ubwato Yona yarimwo buca buzungazungishwa n’imipfunda. Mbega ukuntu abantu ata co bazira bari bagiye guherengetera, vyose bivuye kuri Yona! (Yona 1:4) Yona yavyifashemwo gute? Kubera yuko Yona atashaka ko abari mu bwato bapfa kubera we, yababwiye ati: “Ni munterure, munte mu kiyaga, ni ho ikiyaga cobabera agahwekere.” (Yona 1:12) Nta cemeza na kimwe yari afise cotumye yiyumvira yuko abo bantu bari kumwe mu bwato baramutse bamutereye mu kiyaga Yehova yomukuyeyo. (Yona 1:15) Ariko rero, Yona yari yiyemeje gukora ico ari co cose kugira ngo abo bantu bari mu bwato ntibapfe. None aha ntitubona yuko yagaragaje kamere y’uburindutsi, y’ukwicisha bugufi be n’iy’urukundo?

10. Ni ibiki vyashitse Yehova amaze gusubira kurungika Yona kuri ca gikorwa?

10 Impera n’imperuka, Yehova yararokoye Yona. Ivyo Yona yari ahejeje gukora vyoba vyatumye aba uwudakwije ibisabwa kugira ngo yongere gusukurira Imana ari umuntu ayiserukira? Oya, Yehova abigiranye ikigongwe n’urukundo yarongeye gutuma uwo mumenyeshakazoza kurangura ca gikorwa nyene co kwigisha Abanyaninewe. Igihe Yona yashika i Ninewe, abigiranye uburindutsi yarabariye abahaba yuko ivyaha vyabo vyari vyashikiriye Imana kandi yuko igisagara cabo cari kigiye gusangangurwa mu misi 40. (Yona 1:2; 3:4) Bamaze kwumva ubutumwa burashe bwa Yona, Abanyaninewe barigaye, maze igisagara cabo kirakingirwa.

11. Ni igiki cerekana ko Yona yahigiye icigwa gikomeye?

11 Yona yabandanije kutabona ibintu mu buryo bwiza. Ariko rero, Yehova akoresheje akarorero kaboneka, kandi abigiranye ukwihangana, yarafashije Yona kumenya yuko we ataraba gusa ku biboneka, ariko ko asuzuma umutima. (Yona 4:5-11) Ivy’uko Yona yahigiye icigwa gikomeye, bibonekera mu nkuru idakikiriza ubwiwe yanditse. Umutima ukunze yagize wo kwandika utunenge twiwe ido n’ido harimwo n’ibimumaramaza, biratanga ikindi kimenyamenya c’uko yicisha bugufi. Bisaba uburindutsi kwemera ikosa!

12. (a) Tuzi gute ko Yezu abona abantu nk’uko Yehova ababona? (b) Turemeshwa kuguma tubona gute abantu tubwira inkuru nziza? (Raba akumba ku rupapuro rwa 18.)

12 Haciye ibinjana n’ibindi, Yezu Kirisitu yaravuze mu buryo bwiza ikintu cabaye mu buzima bwa Yona. Yavuze ati: “Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.” (Matayo 12:40) Yona niyazuka, azomenya yuko Yezu yagereranije igihe we yamaze mu mva n’igihe c’umwiza cabaye mu buzima bw’uwo mumenyeshakazoza. Ntiduhimbarwa none no gusukurira Imana idaca iheba abasavyi bayo igihe bakoze amakosa? Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, ni k’Uhoraho akagirira abamwubaha. Kukw azi iremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu.” (Zaburi 103:13, 14) Si ivy’imbeshere, uwo “mukungugu,” harimwo n’abantu b’abanyagasembwa bo muri iki gihe, urashobora gukora ibintu bikomeye igihe ufashwe mu mugongo n’impwemu yera y’Imana!

Kubona Petero mu buryo buri ku burimbane

13. Ni kamere izihe Petero yari afise woshobora kwiyumvira, mugabo ni kubera iki Yezu yamutoye ngo abe intumwa?

13 Ubu naho reka turimbure muri make akarorero kagira kabiri, akaba ari ak’intumwa Petero. Igihe wosabwa kudondora uko Petero ameze, woca wiyumvira ubwo nyene ko ari umuntu yihutagiza, w’inkuba mbere yitanganiza? Rimwe na rimwe Petero yaragaragaza izo kamere. Ariko rero, Yezu yoba yari gutora Petero ngo abe umwe muri za ntumwa ziwe 12 iyo aza kuba vy’ukuri ari umuntu yihutagiza, w’inkuba canke yitanganiza? (Luka 6:12-14) Birumvikana ko atari kubigira! Biraboneka ko Yezu yirengagije utwo tunenge hanyuma abona kamere nziza Petero yari afise.

14. (a) Ni igiki coshobora gusigura igituma Petero yasa n’uwari ashize amanga? (b) Ni kubera iki dukwiye gukenguruka kubona Petero yarakunda kubaza?

14 Petero rimwe na rimwe yarafata ijambo nk’aho ari umuvugizi w’izindi ntumwa. Bamwebamwe boshobora kubona ko ico ari ikimenyamenya c’uko atagira ukwifata ruto. Ariko vyoba ari ngombwa ngo bibe ari uko biri? Bamwe bavuga yuko Petero ashobora kuba yari akuze gusumba izindi ntumwa, kumbure akaba yarasumba na Yezu ubwiwe. Nimba ari ukwo biri, ivyo vyoshobora gufasha gusigura igituma Petero kenshi ari we yafata ijambo ubwa mbere. (Matayo 16:22) Ariko rero, hariho ikindi kintu dukwiye kurimbura. Petero yari umuntu akomeye mu vy’impwemu. Inyota yari afitiye ubumenyi yatuma abaza ibibazo. Ivyo twaravyungukiyeko. Yezu yaravuze amajambo atari make y’agaciro mu kwishura ibibazo vya Petero, kandi ivyo vyarazigamwe muri Bibiliya. Nk’akarorero, mu kwishura ikibazo Petero yari abajije, Yezu ni ho yavuze ivya wa “mubgiriza wo kwizigirwa.” (Luka 12:41-44) Kandi zirikana ku kibazo Petero yabajije kigira giti: “Twebge ko twaretse vyose tukagukurikira; none tuzohabga iki?” Ivyo vyatumye Yezu atanga uwu muhango ukomeza: “Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina, canke bashiki be canke se canke nyina cank’abana, cank’itongo ku bg’izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’azoragwa ubu[zima] budashira.”​—Matayo 15:15; 18:21, 22; 19:27-29.

15. Ni kubera iki umuntu ashobora kuvuga ko Petero yari intahemuka koko?

15 Petero yari afise iyindi kamere nziza, yari intahemuka. Igihe abatari bake mu bigishwa bareka gukurikira Yezu kubera batari batahuye imwe mu nyigisho ziwe, Petero ni we yaciye avugira za ntumwa 12 ati: “Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira.” (Yohana 6:66-68) Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarahimbaye umutima wa Yezu! Mu nyuma, igihe ikigwi c’abantu caza gufata Shebuja, benshi mu ntumwa ziwe barahunze. Ariko rero, Petero yarakurikiye ico kigwi c’abantu agendera kure hanyuma arinjira gushika no mu rugo rw’umuherezi mukuru. Uburindutsi ni bwo bwatumye ashikayo, si ubwoba. Mu gihe Yezu yariko arasambishwa, Petero yaciye aja mu mugwi w’Abayuda bariko bota umucanwa. Umwe mu basuku b’umuherezi mukuru yaciye amumenya maze amwagiriza ko yari kumwe na Yezu. Ego ni ko, Petero yarihakanye Shebuja, ariko ntitwibagire yuko ukudahemuka be n’ukwitwararika Yezu, ari vyo vyatumye Petero ashikirwa n’iyo ngeramizi, benshi mu ntumwa bakaba batubahutse guhangana na yo.​—Yohana 18:15-27.

16. Ni imvo ngirakimazi iyihe yatumye turimbura kamere nziza za Yona na Petero?

16 Kamere nziza za Petero ziraruta kure n’iyo utunenge twiwe. No kuri Yona ni ukwo biri. Nk’uko twarushirije kubona mu buryo bwiza Yona na Petero kuruta uko twahora tubabona muri rusangi, ni na kwo dutegerezwa kwimenyereza kubona neza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu buryo bw’impwemu bo mu gihe ca none. Tubigenjeje gutyo bizotuma tugiranira na bo ubucuti bwiza kuruta. Ni kubera iki ico ari ikintu gikenewe koko?

Tuvyigireko muri iki gihe

17, 18. (a) Ni kubera iki hoshobora kuba ukutumvikana hagati y’Abakirisu? (b) Ni impanuro ya Bibiliya iyihe ishobora kudufasha gutorera umuti ingorane tugiranira n’abo dusangiye ukwemera?

17 Abagabo, abagore n’abana bo mu mice yose y’ivy’ubutunzi, bahawe inyigisho zitandukanye kandi bagakurira mu mico itandukanye barunze ubumwe mu gusukurira Yehova muri iki gihe. (Ivyahishuriwe 7:9, 10) Ese ukuntu mw’ishengero rya gikirisu tuhabona kamere nyinshi zitandukanye! Kubera yuko dusukurira Imana turi hamwe, ni ngombwa ngo rimwe na rimwe habe ukutumvikana.​—Abaroma 12:10; Ab’i Filipi 2:3.

18 Naho tubona utunenge tw’abavukanyi bacu, si two twitwararika. Turihatira kwigana Yehova, uwo umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ku bimwerekeye ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3) Aho kuguma dushinze ijisho kuri kamere zoducamwo imice, “dukurikire ivy’amahoro n’ivyo gukomezanya.” (Abaroma 14:19) Twihatire kubona abantu nk’uko Yehova ababona, we yirengagiza utunenge bafise akitwararika kamere nziza zabo. Igihe ivyo tubigize, biradufasha ‘kubandanya kwihanganirana.’​—Ab’i Kolosayi 3:13.

19. Niwerekane intambwe z’ingirakamaro Umukirisu yoshobora gutera mu gutorera umuti ukutumvikana gukomeye.

19 Tuvuge iki igihe habaye ukutumvikana tudashobora gutorera umuti mu mutima wacu? (Zaburi 4:4) Ivyo vyoba bimaze gushika hagati yawe n’uwo musangiye ukwemera? Ni kubera iki utogerageza kubitorera umuti? (Itanguriro 32:13-15) Ubwa mbere, niwiyegereze Yehova mw’isengesho, umusabe ubuyobozi. Hanyuma, ufise mu muzirikanyi kamere nziza z’uwo muntu, numwegere uri n’“ubugwaneza bufatanije n’ubgenge.” (Yakobo 3:13) Numubwire yuko ushaka ko mwuzura. Niwibuke impanuro yahumetswe igira iti: ‘Wihutire kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yakobo 1:19) Iyo mpanuro yo ‘guteba kuraka’ yerekana yuko uwundi muntu ashobora kugira canke kuvuga ikintu gishobora gutuma ushavura. Igihe ivyo bibaye, nusabe Yehova agufashe kwigumya. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Reka umuvukanyi wawe agire ico avuze, hanyuma na we umwumvirize witonze. Ntumuciremwo, naho nyene utoba wemera ibintu vyose avuga. Uko abona ibintu gushobora kuba atari kwo, mugabo uko biri kwose ni ko abibona. Nugerageze kubona ingorane wisunze uburyo abona ibintu. Ivyo bishobora kuba birimwo ugutahura icatumye umuvukanyi wawe abona ibintu muri ubwo buryo.​—Imigani 18:17.

20. Igihe utorera umuti ukutumvikana, ni izindi ntambwe izihe zoshobora gutuma haba ugusubiza hamwe?

20 Igihe ari wewe ufashe ijambo, nuvugane ubugwaneza. (Ab’i Kolosayi 4:6) Nubwire umuvukanyi wawe ico umushimira. Nusabe imbabazi ku kantu ako ari ko kose wagize katumye haba ukutumvikana. Mu gihe utwigoro turanga ukwicisha bugufi wagize dutumye haba ugusubiza hamwe, nukengurukire Yehova. Niba ata co dushitseko, bandanya usaba Yehova ubuyobozi, urondera n’utundi turyo two gusubiza hamwe n’uwo muntu.​—Abaroma 12:18.

21. Iki kiganiro cagufashije gute kubona abandi nk’uko Yehova ababona?

21 Yehova arakunda abasavyi biwe bose. Aranezerwa no kudukoresha twese mu murimo wiwe naho turi abanyagasembwa. Uko tumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu abona abandi, ni ko urukundo dukunda abavukanyi n’abavukanyikazi bacu ruzokwongerekana. Nimba urukundo dukunda Umukirisu mugenzi wacu rwaragabanutse, turashobora kuruvyura. Ese umuhezagiro tuzoronka, nitwagira akigoro gakomeye kugira ngo tugaragaze ko tubona abandi mu buryo bwiza, emwe, tukababona nk’uko Yehova ababona!

[Utujambo tw’epfo]

a Mu nyuma vyaragaragaye yuko uwo Eliyabu w’umunyakaranga atari akwije kamere zisabwa umwami abereye wa Isirayeli. Igihe wa Mufilisitiya w’ikigatanya Goliyati yahigisha Abisirayeli mu ntambara, Eliyabu ari kumwe n’abandi bagabo b’Abisirayeli, baratekewe n’ubwoba.​—1 Samweli 17:11, 28-30.

b Kubera Yerobowamu wa Kabiri yigaruriye intara zimwezimwe zikomakomeye kandi agasubira kwigarurira ahahoze ari icibare ciwe be n’amakori ashobora kuba yaciye atororokanya, biboneka ko yakoze cane kugira ngo yongereze ubutunzi bw’ubwami bwo mu buraruko.​—2 Samweli 8:6; 2 Abami 14:23-28; 2 Ngoma 8:3, 4; Amosi 6:2.

Wovyishura gute?

• Yehova abona gute utunenge tw’abasavyi biwe b’abizerwa?

• Wovuga ko Yona na Petero bari bafise kamere nziza izihe?

• Wiyemeje ko uzoguma ubona gute abavukanyi bawe bakirisu?

[Uruzitiro ku rup. 18]

Iyumvire ukuntu abandi Imana ibabona

Igihe uzirikana ku nkuru yo muri Bibiliya yerekeye Yona, woba ubona ko bikenewe ko uhindura uburyo wahora ubona abantu ubwira inkuru nziza ubudahorereza? Bashobora kuba baboneka ko ari abantu bikwiye canke ata co banezwe, nka kumwe kw’Abisirayeli, canke bashobora kuba barwanya ubutumwa bw’Imana. Naho biri ukwo, Yehova Imana ababona gute? N’abantu bamwebamwe bakomakomeye bo muri uru runkwekwe rw’ibintu, umusi umwe boshobora guhindukirira Yehova, nka kumwe wa mwami w’i Ninewe yigaya bivuye ku kwigisha kwa Yona.​—Yona 3:6, 7.

[Ifoto ku rup. 15]

Woba ubona abandi nk’uko Yehova ababona?

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Yezu yararonse ikintu ciza avuga ku vyashikiye Yona

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika