ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/4 rup. 5-7
  • Ni hehe wokura ubuyobozi nyakuri mu vy’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni hehe wokura ubuyobozi nyakuri mu vy’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ihitamwo rituraba
  • Igituma dukwiye kwemera ubuyobozi buva ku Mana
  • ‘Aho uzoja ni ho nzoja’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Aho uzoja ni ho nzoja”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Twigane abagenzi somambike ba Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • “Umugore w’agahebuza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/4 rup. 5-7

Ni hehe wokura ubuyobozi nyakuri mu vy’Imana?

“NIMBA ugiye gukurikira idini kubera gusa ko ari yo yagiye irahererekanwa mu muryango, ni kubera iki none utoca uhitamwo idini y’abaseleti, iyo ba sogokuruza bacu barimwo, ubu hakaba haciye imyaka 2.000?” Ico ni ikibazo kirimwo agahemo cabajijwe n’uwitwa Rodolphe. Ico ciyumviro catumye uwukiri muto yariko aramwumviriza yimwenyurira.

Rodolphe avuga ati: “Ubucuti mfitaniye n’Imana burahambaye cane kuri jewe. Sinshigikiye na gatoyi iciyumviro c’uko ivyagiye birahererekanwa ari vyo vyonyemeza inyigisho z’idini ku nguvu, ngo ni kubera gusa yuko abo mu muryango wanje babayeho mu myaka mirongo canke mbere mu myaka amajana iheze bari mw’idini kanaka.” Rodolphe yarashize ibintu ku munzane yitonze; ico kintu gihambaye ntiyagifashe gusa nk’ico yarazwe.

Naho ivyo guhanahana idini uva kw’iyaruka uja ku rindi biriko biratituka muri iki gihe, abenshi babandanya kwumira kw’idini umuryango wabo wamyemwo. Ariko none vyoba vyama ari vyiza kwumira ku mico y’idini y’abavyeyi bawe? Bibiliya ibivugako iki?

Inyuma y’imyaka 40 bamaze mu bugaragwa, Yosuwa uwasubiriye Musa, yarahitishijemwo Abisirayeli ati: “Namba mubona bibabangamiye gusaba [Yehova], uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’imana z’Abamori ben’iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira [Yehova].”​—Yosuwa 24:15.

Umwe muri ba sogokuruza Yosuwa yavuga yari Tera, se wa Aburahamu, akaba yaba mu gisagara c’i Uri, muri ico gihe kikaba cari giherereye mu Buseruko bw’Uruzi Efurate. Bibiliya ntihishura vyinshi ku vyerekeye Tera, uretse gusa ivy’uko yasenga izindi mana (Yosuwa 24:2). Umuhungu wiwe Aburahamu, naho atari azi vyinshi ku vyerekeye umugambi w’Imana, yaremeye n’umutima ukunze kuva mu gisagara yabamwo igihe Yehova yabimutegeka. Vyemere, Aburahamu yahisemwo idini itandukanye n’iya se. Kubera yakoze gutyo, Aburahamu yararonse imihezagiro Imana yari yaramusezeraniye, maze acika umuntu amadini menshi yemera ko ari ‘se w’abemera bose’.​—Abaroma 4:11.

Bibiliya kandi iravuga neza inkuru ya Rusi, uwabaye inakuruza wa Yezu Kirisitu. Rusi, umugore w’Umunyamowabukazi yari yabiriwe n’Umwisirayeli, yarapfakaye, bica bimusaba guhitamwo ikintu kimwe: kuguma mu gihugu c’iwabo canke gusubirana muri Isirayeli na inabukwe. Kubera Rusi yabonye ko gusenga Yehova kwari gufise agaciro karushirije ugereranije n’ugusenga ibigirwamana kwagirwa n’abavyeyi biwe, yamenyesheje inabukwe ati: “Ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje.”​—Rusi 1:16, 17.

Inyizamvugo imwe ya Bibiliya (Dictionnaire de la Bible) iragira ico ivuze ku kibanza c’iyo nkuru mu bitabu vyemewe vya Bibiliya, igasigura yuko iyo nkuru yerekana “ukungene umukenyezi yavukiye mu mahanga, akavukira mu gisata c’abapagani cagirira nabi Abisirayeli, na bo bakaba baracanka, . . . kubera urukundo yakunda ihanga rya Yehova n’ugusengwa kwiwe, yagiriwe ubuntu n’Imana acika inakuruza w’Umwami mweranda Dawidi”. Rusi ntiyagonanwe guhitamwo idini yari itandukanye n’iy’abavyeyi biwe, kandi bivuye kuri iyo ngingo yafashe, yararonse umuhezagiro w’Imana.

Iyo nkuru ivuga ingene ubukirisu bwatanguye iratomora kuruta ivyerekeye impamvu zatumye abigishwa ba Yezu baheba idini ya basekuruza. Mu nsiguro ijijura cane, intumwa Petero yarasavye abamwumviriza ‘kwikiza ab’iki gihe kigoramye’ mu kwigaya ivyaha vyabo no mu kubatizwa mw’izina rya Yezu Kirisitu (Ivyakozwe 2:37-41). Kamwe mu burorero bwibonekeje kuruta ubundi kari aka Sauli, Umuyuda yahama abakirisu. Igihe yari mu nzira aja i Damasiko, yareretswe Kirisitu, inyuma y’ivyo Sauli aca acika umukirisu, arahava amenyekana mw’izina ry’intumwa Paulo.​—Ivyakozwe 9:1-9.

Benshi mu bakirisu bo mu ntango ntibabanje kuronka iyerekwa ry’igitangaza nk’iryo. Naho ari ukwo, bose bategerejwe guheba idini y’Abayuda canke ugusenga imana zinyuranye z’abapagani. Abemeye ubukirisu babigize bazi neza inkuru z’imvaho, kenshi bagafata iyo ngingo bamaze kuganira burebure ku ruhara rwa Yezu rw’ukuba Mesiya (Ivyakozwe 8:26-40; 13:16-43; 17:22-34). Abo bakirisu bo mu ntango baramenyeshejwe neza yuko bikenewe ko bagira ivyo bahinduye mu buzima bwabo. Ico kintu casabwa abantu bose, baba Abayuda canke abatari bo, mugabo ubutumwa bahabwa bwaguma ari bwa bundi. Kugira ngo bahimbare Imana, vyari nkenerwa yuko bakurikira ubwo buryo bushasha bwo gusenga ari bwo bukirisu.

Ihitamwo rituraba

Bitegerezwa kuba vyasavye umutima rugabo mu kinjana ca mbere kugira ngo umuntu ahebe insengo zari zagiye zirahanahanwa mu miryango, ni ukuvuga insengo y’idini y’Abayuda, ugusenga umwami w’abami, ugusenga ibimana vy’abapagani, hanyuma akifatanya n’umuhari watwengwa n’Abayuda be n’Abaroma. Iryo hitamwo ntiryatevye kubaviramwo uruhamo rukaze. Muri iki gihe, bisaba umutima rugabo nk’uwo nyene kugira ngo umuntu yanke “kwifatirwa no gutwarwa n’agatima kiraye ko gukurikira ivyo abandi bagira”, nk’uko bivugwa na Hippolyte Simon, umusenyeri mukuru w’umugatolika w’i Clermont-Ferrand mu gitabu ciwe (Vers une France païenne?). Bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu yifatanye n’umuhari w’idini ry’abantu b’inkehwa usanga rimwe na rimwe uvugwa nabi, ari wo w’Ivyabona vya Yehova.

Paul, umusore umwe w’i Bastia muri Corsica, uwari yakuriye mw’idini ry’abagatolika, rimwe na rimwe yaraja mu bikorwa vy’idini, nko gucuruza udukate kugira ngo haboneke amahera y’ishirahamwe rya gatolika rifasha aboro. Kubera yashaka kurushiriza gutahura neza Bibiliya, yaremeye kwama agiranira ibiyago n’Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma, yarabonye yuko ivyo yariko ariga vyomuzaniye ivyiza vyamaho. Ku bw’ivyo, Paulo yaremeye bimwe bishitse ubuyobozi bwa Bibiliya hanyuma aracika Icabona ca Yehova. Abavyeyi biwe barubahirije ihitamwo ryiwe, rikaba ritagize ico ryonona ku bucuti bwabo bwa hafi bwo mu muryango.

Amélie aba mu Bufaransa mu gice co mu Bumanuko. Abo mu muryango wiwe bamye ari Ivyabona vya Yehova gushika kw’iyaruka rya kane. Ni kubera iki yahisemwo kwemera ubuyobozi bw’idini y’abavyeyi biwe? Avuga ati: “Ntuba Icabona ca Yehova kubera abavyeyi bawe canke basokuru bawe ari Ivyabona vya Yehova canke kubera bari bo. Ahubwo umusi umwe, uribwira uti: ‘Ni idini yanje kubera izi ari zo nyigisho nemera.’” Cokimwe n’ibindi Vyabona vya Yehova bakiri bato benshi, Amélie arazi ko inyigisho zikomeye zo mw’idini yiwe zituma agira intumbero mu buzima kandi ko ari isoko ry’agahimbare kamaho.

Igituma dukwiye kwemera ubuyobozi buva ku Mana

Igitabu c’Imigani, ikigabane ca 6, umurongo wa 20, kiremesha abashaka guhimbara Imana giti: “Mwana wanje, itondere icagezwe ca so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko.” Aho kubategeka gukurikira nk’impumyi, iyo mpanuro ihimiriza abakiri bato kwemera ingingo mfatirwako ziva ku Mana mu gutuma ukwizera kwabo kuba ukwimbitse no mu kwifatira ingingo ubwabo yo kuja ku ruhande rw’Imana. Intumwa Paulo yasavye bagenziwe ‘kwitegereza vyose’, kuraba niba ivyo biga bihuje n’Ijambo ry’Imana be n’ivyo igomba, no kubishira mu ngiro.​—1 Ab’i Tesalonike 5:21.

Ivyabona vya Yehova bariho ubu barenga imiliyoni zitandatu, baba bakuriye mu ngo z’abakirisu canke batazikuriyemwo, baba ari abakiri bato canke abakuze, barafashe ingingo nk’iyo. Biciye ku gutohoza Bibiliya bitonze, bararonse inyishu zo kwizigirwa ku bibazo bari bafise vyerekeye intumbero y’ubuzima, baraheza bararonka ugutahura gutomoye kw’ivyo Imana igomba ku bantu. Bamaze kuronka ubwo bumenyi, baremeye ubuyobozi bw’Imana kandi baragira uko bashoboye kwose kugira ngo bakore ivyo igomba.

Waba uri umusomyi adahengeshanya w’iki kinyamakuru canke utari we, ubwo ntiwokwemera kw’Ivyabona vya Yehova bagufasha kuraba muri Bibiliya kugira ngo usuzume ubuyobozi itanga mu vy’Imana? Muri ubwo buryo, uzoshobora ‘kwumvirizako, umenye ko Yehova aryoshe’ wongere uronke ubumenyi woshira mu ngiro bukagushikana ku buzima budahera.​—Zaburi 34:8; Yohana 17:3.

[Ifoto ku rup. 5]

Umuryango wamye ari Ivyabona vya Yehova gushika kw’iyaruka rigira kane mu Bufaransa

[Ifoto ku rup. 7]

Rusi yahisemwo gusukurira Yehova aho gusukurira imana za basekuruza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika