Igihe ukwamamaza kuba intibagirwa koko
“Izuba ryamena imbwa agahanga. Inzira ica mu misozi yasa n’iyidahera. Tumaze kurengana intambamyi nyinshi, twagiye twashika iyo tuja, hakaba hari mu kagari ka kure kuruta utundi twose. Uburuhe bwahindutse umunezero tumaze kudodora ku rugi rwa mbere maze bakatwakirana igishika. Umusi ugiye guhera, twari tumaze gutanga ibisohokayandikiro vyose twari twajanye, twari kandi twatanguje inyigisho za Bibiliya nyinshi. Abantu baho bari bashashaye kwiga. Buno hari hageze ko tuhava, mugabo dusezerana kuzogaruka.”
IBINTU nk’ivyo birakunda kuba mu mugwi umwe w’abasuku b’abatsimvyi muri Megizike. Abo batsimvyi bafise umugambi wo kugira uruhara n’umwete mwinshi mu gushitsa igikorwa Yezu Kirisitu yashinze abigishwa biwe, mu kuvuga ati: “Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi.” (Ivyakozwe 1:8). Muri Megizike, hararinganizwa amasekeza adasanzwe y’abatsimvyi yo kwamamaza kugira ngo bashikire ivyibare ata shengero rirabishingwa, gutyo bikaba bitama bivugwamwo inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Mu bisanzwe, ivyo biba ari ivyibare vya kure canke usanga bigoye gushikamwo. Amashengero ari ukwa yonyene afise ivyibare bininibinini ategerezwa guhetura, na yo nyene arafashwa.
Kugira ngo ibiro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova bimenye uturere tw’igihugu tuzokorerwamwo n’abo batsimvyi, birihweza ibikenewe muri nya cibarea. Ivyo bimaze kugirwa, imigwi igizwe n’abatsimvyi badasanzwe irashingwa guhetura nya cibare. Bararonswa imiduga ibereye ishoboye guca mu mabarabara adasize ikaburimbo arimwo ibinogo n’amabuye. Iyo miduga ni yo iheza ikaba kandi ububiko bw’ibisohokayandikiro be n’uburaro igihe bikenewe.
Baritaba akamo n’umutima ukunze
Kuva muri Gitugutu 1996, abandi bamamaji b’inkuru nziza baratumiwe kugira ngo bagire uruhara muri ico gikorwa, mu kujana n’abatsimvyi badasanzwe. Abamamaji b’Ubwami be n’abatsimvyi basanzwe bafise umutima ukunze wo kuja gukorera aho bikenewe kurusha ahandi, barajamwo muri iryo sekeza mu mice itandukanye. Bamwebamwe bararungikwa mu mashengero, bagahabwa n’akarere kugira ngo bitwararike ico cibare bongere batsimbataze ugushimishwa kubonetse. Abamamaji benshi bakiri bato be n’abatsimvyi batari bake baremeye ubwo butumire hanyuma bararonka ivyabonywe vyinshi biremesha cane.
Nk’akarorero, hari umukirisu akiri muto yitwa Abimael yari afise akazi kamuronsa amafaranga menshi mw’ishirahamwe riraba ivy’amatelefone ngendanwa, yafashe ingingo yo kujamwo muri ico gikorwa co kwamamaza mu turere twa kure. Igihe abakoresha biwe bamenya ko agiye guheba akazi, baciye bamwemerera kumuduza mu kazi no kumwongera umushahara. Abo bakorana baramushizeko umukazo, bamwereka bashimitse yuko ari akaryo kadasanzwe kandi ko kuvyanka bwoba ari ubujuju. Ariko rero, Abimael yari yiyemeje gushigikira iryo sekeza ridasanzwe ryo kwamamaza rimara amezi atatu. Amaze kwinovora uwo murimo, yafashe ingingo yo guca yigumira mw’ishengero riri ukwa ryonyene rikeneye cane abamamaji b’Ubwami. Ubu afise akazi kabayabaye kandi yarize kworosha ubuzima.
Akandi karorero na ko ni aka Julissa, uwategerezwa kugira urugendo rw’amasaha 22 n’umuduga kugira ngo ashike aho yarungitswe. Ashitse aho afatira umuduga wa nyuma umushikana iyo aja, yasanze ibisi ya nyuma igenda uwo musi yamusize. Ariko rero, hariho ikamyoneti yari itwaye abakozi. Julissa yarariye umutima amenyo maze arabasaba ko bomwunguruza. Birumvikana ko yari afise ubwoba, kubera ari we yari umugore wenyene mu bagabo benshi cane. Atanguye kubwira inkuru nziza umusore umwe, yaciye asanga ari Icabona ca Yehova! Julissa yibuka ibi: “Uretse ivyo, n’umushoferi w’iyo kamyoneti nahavuye nsanga ari umukurambere w’ishengero nari narungitswemwo!”
Abasaza baragira uruhara
Ariko rero, ico gikorwa si ic’abakiri bato gusa. Umuvukanyikazi ashaje yitwa Adela yama yipfuza kumara umwanya urushirije mu gikorwa co kwamamaza. Akaryo karibonekeje igihe yaronka ubutumire bwo kugira uruhara muri ico gikorwa kidasanzwe co kwamamaza. Yigana ati: “Naranezererewe cane igikorwa canje ku buryo nasavye abakurambere b’ishengero ngo bandeke nigumireyo. Ndahimbawe kubera yuko, naho ngeze mu zabukuru, nshobora kuba ngifise akamaro kuri Yehova.”
Nk’ukwo nyene, Martha, afise imyaka 60 y’amavuka, abitumwe n’ugukenguruka afitiye Yehova be n’urukundo akunda umuntu nkawe, yaritanze kugira ngo agire uruhara mw’isekeza. Amaze kubiraba akabona aho bagenda uko hangana be n’ukuntu ico cibare kigoye, bigatuma umugwi arimwo udashobora gushikira abantu bose, yaciye agurira nya batsimvyi umuduga bakoresha. Intererano uwo muvukanyikazi yatanze yatumye bashobora guhetura icibare kirushirije kuba kinini no kubwira ukuri kwa Bibiliya abantu benshi kuruta.
Bavyakirana igishika
Ihangiro abo bose bajamwo muri iryo sekeza ridasanzwe ryo kwamamaza bafise, ni iryo ‘guhindura abantu abigishwa’. Ivyo vyavuyemwo ivyiza bitangaje. Abantu baba mu turere twa bonyene bararonse ukuri kurokora ubuzima kuva muri Bibiliya (Matayo 28:19, 20). Inyigisho nyinshi za Bibiliya zaratangujwe. Izo nyigisho zitwararikwa n’abamamaji bo muri ako karere canke abamamazanjili bigumiye muri nya cibare. Mu bihe bimwebimwe, imigwi y’abamamaji yararinganijwe, mu yindi na yo havukamwo amashengero matomato.
Magdaleno be na bagenziwe barafashe umuduga wunguruza abantu kugira bashike mu cibare kiri ukwa conyene bari barungitswemwo. Bari ku nzira, baraboneyeho akaryo ko kubwira inkuru nziza umushoferi. “Uwo mugabo yatubwiye yuko hari haheze indwi, Ivyabona bamwebamwe baje muhira iwe mu gihe yari yafashe urugendo. Atahutse, umuryango wiwe waramusubiriyemwo ivyo wari wumvise. Twaramubwiye ko tutari abo muri ako karere, mugabo yuko twari twavuye mu zindi ntara nyinshi z’igihugu kugira ngo dushigikire iryo sekeza ridasanzwe ryo kwamamaza be n’uko ari twe twari twirihiye urugendo. Uwo mushoferi yaratangaye, aca avuga yuko we n’umuryango wiwe botanguye kwiga Bibiliya muri iyo ndwi nyene. Yaranagize ico aterera ku bw’ico gikorwa mu kutadutangisha amahera y’urwo rugendo.”
Magdaleno yaratangajwe kandi cane n’ukuntu imvukira zo mu misozi y’intara ya Chiapas zakiriye ubutumwa. “Jewe n’umugore wanje twaragiyemwo mu kubwira ubutumwa bw’Ubwami umugwi w’abakiri bato 26 bari mw’idini y’abaperesubitero. Bose baraduteze yompi mu kiringo c’iminuta 30. Barasokoroye Bibiliya zabo, maze turashobora gushinga intahe inogangije ku vyerekeye imigambi ya Yehova. Benshi mu bantu b’aho bari bifitiye Bibiliya ziri mu rurimi rw’igitseletale.” Haratangujwe inyigisho za Bibiliya zitari nke zitera imbere.
Ukurwanywa gutezura
Hari akagari kamwe ko mu ntara ya Chiapas hari haciye nk’imyaka irenga ibiri kadashikanwamwo ubutumwa bwa Bibiliya kubera ukurwanywa n’abantu bamwebamwe. Teresa, umwamamazanjili w’igihe cose, yarabonye yuko Ivyabona bamwebamwe batinya kwamamaza muri ako kagari. “Icatangaje bose ni uko abantu baho bari bafise umutima ukunze wo kwumviriza. Tumaze kurangiza kwamamaza, imvura yaciye itangura kugwa ari nyinshi. Turiko turarondera aho twugama, twashitse ku nzu imwe y’umuntu yakirana yitwa Sebastián, akaba yaratwinjije kugira ngo twugame. Tumaze kwinjira, naramubajije nimba hari uwari amaze kumugendera. Amaze kumpakanira, naciye ntangura kumubwira ubutumwa bwiza hanyuma ndatanguza inyigisho ya Bibiliya nkoresheje igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budaherab. Tumaze kurangiza, Sebastián yaratwinginze akorora amosozi ngo tuze tugaruke kwigana na we.”
Uwundi mugwi wagendeye intara ya Chiapas uvuga uti: “Ingaruka nziza twagize tuzikesha Yehova. Mu ndwi ya mbere, twatanguje inyigisho 27; mu ndwi igira kabiri, twatumiye abantu kuza kuraba ya videwo yacu La Bible: une force dans votre vie (Bibiliya: Ububasha ifise mu buzima bwawe). Hari haje abantu 60 kuyirorera. Umuntu wese muri bo yarayikunze. Irangiye, twarabasavye gutanguza umugwi w’inyigisho ya Bibiliya. Igitangaje ni uko imigwi ibiri y’inyigisho yashinzwe muri ako kagari.
“Tumaze kurangiza gukorera muri ivyo vyibare, twarasubiye kugendera nya kagari kugira ngo dukomeze abashimishijwe twongere turabe ukuntu imigwi y’inyigisho ya Bibiliya yari yararinganijwe yifashe. Twarabatumiye kw’ikoraniro ry’icese no ku nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ariko rero, nta kibanza kinini bihagije cari kihari co kugiriramwo ayo makoraniro. Umuntu yari yatanze inzu yiwe ngo igirirwemwo inyigisho yaciye atwereka mu kigo iwe maze avuga ati: ‘Amakoraniro arashobora kubera harya mu kigo.’”
Kuri iyo mpera y’umushamvu, abatsimvyi bari baharungitswe be n’abantu bashimishijwe barafashanije n’igishika cinshi mu gutegura iyo mbuga kugira ngo ishobore gukoreshwa ku bw’amakoraniro. Ikoraniro ryagizwe ubwa mbere ryari ryitabwe n’abantu 103. Ubu muri ako kagari harongorerwa inyigisho za Bibiliya 40.
“Ikintu ciza utoraba”
Uretse ko havuyemwo ibintu vyiza igitangaza muri ico gikorwa c’ukwamamaza, abakigizemwo uruhara ubwabo barahungukiye cane. Umutsimvyikazi akiri muto yitwa María yagize uruhara mw’isekeza rimwe muri ayo, aserura inyiyumvo ziwe muri ubu buryo: “Cari ikintu ciza utoraba kubera imvo zibiri. Umunezero wanje mu gikorwa co kwamamaza warongerekanye, ubucuti mfitaniye na Yehova na bwo burushiriza kuba ubwa hafi. Igihe twaduga umusozi ari bwo bwa mbere, twarumvise turushe cane. Tumaze gusaba Yehova ngo adufashe, ibivugwa muri Yesaya 40:29-31 ni vyo twiboneye. Hagira hati: ‘Abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi.’ Maze twarashitseyo, hanyuma turigana Bibiliya n’abantu batwakiranye igishika cinshi.”
Uwundi mutsimvyikazi akiri muto w’imyaka 17 yitwa Claudia atubwira ati: “Narahungukiye cane. Nararushirije kuba umuhanga mu busuku, ivyatumye ngira umunezero mwinshi kandi ivyo vyatumye nishingira imigambi yo mu vy’impwemu. Narakuze kandi mu buryo bw’impwemu. I muhira, mawe ni we yahora ankorera ikintu cose. Ubu, kubera narushirije kumenya utuntu n’utundi, narabaye umuntu arushiriza kwitwararika ibintu. Nk’akarorero, nahora ndi umuntu yinenaguza imfungurwa. Mugabo ubu nategerejwe kumenyera ibintu bitandukanye, ivy’ibifungurwa ntibikintera ingorane. Ubwo bwoko bw’umurimo bwaramfashije gutsimbataza ubugenzi nyakuri koko. Turasabikanya akantu kose dufise kandi tugafashanya.”
Iyimbura riteye umunezero
Ako kigoro kadasanzwe kavuyemwo iki? Mu ntango z’umwaka w’2002, nk’abatsimvyi 28.300 baragiye gukorera muri ivyo vyibare ata bandi bari bwabikoreremwo. Bararongoye inyigisho za Bibiliya zirenga 140.000, bamara amasaha arenga imiliyoni zibiri muri ico gikorwa c’ukwamamaza. Kugira ngo basahirize abantu kwiga ukuri kwa Bibiliya, baratanze hafi ibitabu 121.000 n’ibinyamakuru vyababa 730.000. Si ikintu c’imbonekarimwe ku batsimvyi bamwebamwe kurongora inyigisho za Bibiliya 20 canke zirenga.
Abagiriwe ubwo buntu barakenguruka cane akigoro kiyongereye kagizwe kugira babashire ubutumwa bwa Bibiliya. Naho bari mu bukene, abenshi baragobera abamamaji kwakira intererano. Hari umutamakazi w’imyaka 70 w’umworo yama agira ikintu ahaye abatsimvyi bamugendera. Banse kucakira, aca arira. Hari umuryango ukenye wabwiye abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose yuko amagi nk’angahe inkokokazi yataye ari rwabo hanyuma ubasaba ushimitse kuyatwara.
Igihambaye kuruta, abo bantu b’inziraburyarya barerekana ugukenguruka kuvuye ku mutima ibintu vy’impwemu. Nk’akarorero, hari umugore akiri muto agenda ari wenyene amasaha atatu n’igice kugira yitabe amakoraniro ya gikirisu, nta koraniro na rimwe asiba. Umutamakazi umwe yashimishijwe, naho afise ingorane z’amavi, yaragenze amasaha abiri kugira aronke amacishabwenge ava muri Bibiliya mu gihe c’ukugenderwa n’umucungezi w’ingenzi. Bamwebamwe batize baripfuje kumenya gusoma no kwandika kugira barushirize kwungukira ku nyigisho iva muri Bibiliya. Utwigoro twabo twarahezagiwe rwose.
Mu gitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa, Luka adondora iyerekwa intumwa Paulo yaronse ati: “Abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.” Paulo yaravyemeye n’umutima ukunze. Muri iki gihe, mu turere twa kure two muri Megizike, abantu benshi baritavye akamo bafise agatima nk’ako nyene, baritanga kugira bavuge inkuru nziza “gushitsa ku mpera y’isi”.—Ivyakozwe 1:8; 16:9, 10.
[Utujambo tw’epfo]
a Mu mwaka uheruka, ibice birenga 8 kw’ijana vy’icibare muri Megizike ntivyagiye biraheturwa ubudahorereza n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova. Ivyo bisobanura yuko hari abantu barenga 8.200.000 baba mu turere turi ukwa twonyene aho usanga hamamazwa gake.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 9]
Ivyabona benshi b’Abanyamegizike baragiyemwo mu masekeza adasanzwe yo kwamamaza