Idini imwe y’ukuri y’abakirisu si umugani
YEZU KIRISITU yashinze idini imwe gusa, ni ukuvuga ishengero rimwe gusa. Iryo shengero ryari umubiri wo mu buryo bw’impwemu, ari wo muryango wo mu buryo bw’impwemu. Aho dushaka kuvuga yuko kwabaye ugutororokaniriza hamwe abantu batowe n’impwemu yera y’Imana, bose Imana ikaba izi ko ari “abana” bayo.—Abaroma 8:16, 17; Ab’i Galatiya 3:26.
Yezu yigishije yuko hariho uburyo bumwe rudende Imana yakoresheje kugira ngo iyobore abantu ku kuri no ku buzima. Mu gutanga ikigereranirizo c’ukwo kuri guhambaye, Yezu yagereranije uburyo bwo gushika ku buzima budahera n’inzira. Yavuze ati: “Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake”.—Matayo 7:13, 14; Yohana 14:6; Ivyakozwe 4:11, 12.
Ishengero ryunze ubumwe
Iryo shengero ryo mu kinjana ca mbere ntidukwiye kwiyumvira yuko ryari “ishirahamwe rikwiye kw’isi yose, ryungunganijwe nk’uko tubisigura mu gihe ca none iyo tuvuze ivyerekeye idini ya Gatolika”. Ukwo ni ko inyizamvugo imwe (The New Dictionary of Theology) ibivuga. Kubera iki? Iyo nyizamvugo igira iti: “Ni kubera gusa yuko ishirahamwe nk’iryo ryungunganijwe kandi rikwiye kw’isi yose ritigeze ribaho”.
Ishengero rya gikirisu ryo mu ntango nta ho ryari rihuriye n’ukuntu amadini tubona muri kino gihe atunganijwe, kandi ivyo nta wogira imvo yo kubiharira. Ariko, ryari ryungunganijwe. Ishengero rimwerimwe ukwaryo ntiryakora ryigenga. Yose hamwe yaremera ubukuru bw’inama nyobozi y’i Yeruzalemu. Iyo nama nyobozi, iyari igizwe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero ry’i Yeruzalemu, yarafasha kuzigama ubumwe bw’ishengero uko rigize “umubiri umwe” wa Kirisitu.—Abanyefeso 4:4, 11-16; Ivyakozwe 15:22-31; 16:4, 5.
Vyagendeye gute iryo shengero rimwe ry’ukuri? Ryoba ryahindutse Ekeleziya Gatolika ikomeye? Ryoba ryavuyemwo idini y’abaporotisanti igizwe n’imigwi myinshi tubona muri iki gihe? Canke hoba hari ikindi kintu cabaye?
“Uburo” be n’“urwamfu”
Kugira ngo turonke inyishu, reka twihweze twitonze ivyo Yezu Kirisitu yivugiye ko vyoshitse. Uraza gutangazwa no kumenya yuko Yezu yari yiteze ko ishengero ryiwe ryozimanganye kandi ko yoretse ikintu kibabaje nk’ico kikabandanya mu binjana n’ibindi.
Mu gusanisha ishengero ryiwe n’“ubgami bgo mw ijuru”, yavuze ati: “Ubgami bgo mw ijuru busa n’umuntu yabivye imbuto nziza mu ndimiro yiwe. Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arīgīra. Bumaze gusēsa no kuyangika, urwamfu ruca ruraboneka. Abashumba ba nyen’urugo baraza baramubaza, bati Mbega mutungwa, ntiwabivye imbuto nziza mu ndimiro yawe? Non’urwamfu rwavuye hehe? Na we ati N’umuntu w’umwansi yagize artyo. Ba bashumba baramubaza, bati Non’uragomba ko tugenda kurutororokanya? At’Oyaye, kuko kumbure mu kurandura urwamfu mworandurana n’uburo. Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’uburo mubgimburire mu kigega canje”.—Matayo 13:24-30.
Yezu yasiguye yuko yari “umubivyi”. “Imbuto nziza” zagereranya abigishwa biwe nyakuri. “Umwansi” wiwe yari Shetani wa Mucokoranyi. “Urwamfu” rwagereranya abakirisu b’ikinyoma binyegeteje mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango. Yavuze yuko yoretse “uburo” n’“urwamfu” bigakurana gushika kw’“igenya”, iryoshitse ku “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (NW) (Matayo 13:37-43). Ivyo vyose vyashaka kuvuga iki?
Ishengero rya gikirisu ryononekara
Inyuma gatoyi y’urupfu rw’intumwa, abigisha b’abahakanyi bo mw’ishengero batanguye kuryifatira. Bavuga “ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo” (Ivyakozwe 20:29, 30). Ico vyavuyemwo ni uko abakirisu benshi ‘bataye ukwizera’. ‘Barazimiye bakurikira imigani y’ibinyoma’.—1 Timoteyo 4:1-3; 2 Timoteyo 4:3, 4.
Mu kinjana ca kane G.C., nk’uko ya nyizamvugo ibivuga, ‘Ekeleziya Gatolika yari yamaze kuba idini ya Leta y’inganji nganzabami y’Abaroma’. Harabaye “ukunywanisha idini be n’intwaro”, ni ukuvuga ugusukiranya Ekeleziya na Leta na vyo bikaba vyari bitandukanye cane n’ivyo abakirisu bo mu ntango bemera (Yohana 17:16; Yakobo 4:4). Nya nyizamvugo nyene ivuga yuko mu nyuma, uko iryo shengero ryose ryari ritunganije be n’ukuntu ryari rimeze, tudasize inyuma nyinshi mu nyigisho ngenderwako zaryo, vyahinduwe buhere “bivuye kw’isukiranywa ry’akamaramaza ry’Ubwuzure bwa Kera n’ivyiyumviro bishasha vyamuka kuri Pulato, iryo sukiranywa rikaba ryarononye ibintu gushika no mu mizi”. Nk’uko Yezu Kirisitu yari yarabibuye, abigishwa biwe nyakuri barazimanganye igihe abakirisu b’ikinyoma basagamba.
Abumviriza Yezu bari bazi ukuntu bigoye gutandukanya uburo nya buro be n’urwamfu, urushaka gusa cane n’uburo mu gihe c’ikura. Yezu rero yariko yerekana yuko mu gihe kinaka, bitobaye vyoroshe gutandukanya abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma. Ivyo ntibishaka kuvuga yuko ishengero rya gikirisu ryaretse kubaho, kubera Yezu yasezeranye yuko yobandanije kuyobora abavukanyi biwe bo mu buryo bw’impwemu “imisi yose gushitsa ku [“nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, NW]” (Matayo 28:20). Yezu yavuze yuko uburo bwobandanije gukura. Naho ari ukwo, uko imyaka yagiye irahera, abakirisu b’ukuri umwumwe canke uko bagize umugwi, nta nkeka ko bakoze uko bashoboye kugira ngo bumire ku nyigisho za Kirisitu. Mugabo ico gihe ntibari bakigize umubiri, ni ukuvuga ishirahamwe ryoroshe kumenya, riboneka. Mu vy’ukuri, ntibari bameze nk’idini riboneka ry’abahakanyi ata kindi ryagize atari gutukisha no guteza urubwa izina rya Yezu Kirisitu muri kahise kose.—2 Petero 2:1, 2.
‘Wa muntu w’umugarariji ahishurwa’
Intumwa Paulo yarabuye ikindi kintu coranze iyo dini y’ikinyoma. Yanditse ati: “Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk[o umusi wa Yehova] utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa” (2 Ab’i Tesalonike 2:2-4). Uwo “muntu w’umugarariji” nta wundi atari umugwi w’abakuru b’idini wishize hejuru mu kibanza co gutegeka ishengero ryitwa ko ari irya gikirisua.
Ubuhakanyi bwatanguye mu gihe c’intumwa Paulo. Bwararushirije kugwira aho intumwa zimariye gupfa hanyuma akosho kazo kahora kazibira ubwo buhakanyi kakazimangana. Paulo yavuze yuko bworanzwe n’‘ubwoko bwose bw’ibikorwa bigambaraye, bw’ibimenyetso n’ubw’ibitangaro vy’uguhenda, nk’uko Shetani ibigira’ (2 Abanyatesalonika 2:6-12, UB). Ese ukuntu ivyo bidondora ata kwihenda ibikorwa indongozi nyinshi cane z’amadini zakoze muri kahise kose!
Mu gushigikira ivyo bivugisha yuko Gatolika y’i Roma ari yo dini imwe y’ukuri, indongozi z’abagatolika zivuga yuko abasenyeri babo “baronse uburenganzira bwo kuba intumwa babukuye ku ntumwa zo mu ntango biciye kw’ikurakuranwa ryo kuva mu ntango y’ubukirisu”. Mu vy’ukuri, ivyo bivugisha vyerekeye ikurakuranwa ry’intumwa nta shingiro bifise ryo muri kahise canke ryo mu Vyanditswe. Nta bimenyamenya bihari vyo kwizigirwa vyerekana yuko idini yadutse inyuma y’urupfu rw’intumwa za Yezu yigeze iyoborwa n’impwemu yera y’Imana.—Abaroma 8:9; Ab’i Galatiya 5:19-21.
Bite ho ku vyerekeye ayandi madini yashinzwe inyuma ya ca kiringo bise ic’Ugutunganya ibintu busha? Yoba yarakurikije icitegererezo c’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango? Yoba yaragarukanye kwa gutyoroka kw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango? Ni ivy’ukuri yuko inyuma ya kwa Gutunganya ibintu busha, abatari bake mu bantu basanzwe bashoboye kuronka Bibiliya mu rurimi kavukire. Yamara, kahise kerekana yuko ayo madini yabandanije kwigisha inyigisho zitari zob.—Matayo 15:7-9.
Ariko rero, numenye ibi: Yezu Kirisitu yari yarabuye ashimitse yuko ishengero ryiwe rimwe ry’ukuri ryosubijwe umutamana mu gihe yise insozero y’urunkwekwe rw’ibintu (Matayo 13:30, 39). Iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya rirerekana yuko ubu tubayeho muri ico gihe (Matayo 24:3-35). Kubera ko ivyo ari uko biri, umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ati: ‘Iyo dini imwe y’ukuri iri hehe?’. Itegerezwa kurushiriza kumenyekana mu buryo butomoye.
Kumbure uriyumvira yuko wamaze gutora iyo dini canke iryo shengero. Birahambaye ko uraba neza. Kubera iki? Kubera ko nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, hategerezwa kuba hari idini imwe yonyene y’ukuri. Woba warafashe umwanya wo kuraba neza yuko idini urimwo ikurikiriza neza icitegererezo cashinzwe n’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere rikongera rikumira ku nyigisho za Yezu Kirisitu ridahemuka? Ni kubera iki ivyo utobisuzuma ubu? Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kubisuzuma.—Ivyakozwe 17:11.
[Utujambo tw’epfo]
a Ayandi mayagwa yerekeye akaranga ka “wa muntu w’umugarariji” ushobora kuyasanga mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 1990, urupapuro rwa 1-5.
b Raba ikigabane kivuga ngo “La Réforme: Un nouveau tournant dans la recherche”, mu gitabu L’humanité à la recherche de Dieu, urupapuro rwa 306-328, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Amafoto ku rup. 5]
Ca kigereranirizo ca Yezu cerekeye uburo n’urwamfu kitwigisha iki ku vyerekeye ishengero ry’ukuri?
[Amafoto ku rup. 7]
Idini urimwo yoba ikurikiza icitegererezo cashinzwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere mu vyo kwamamaza no kwigisha?