ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/9 rup. 8-13
  • Nugire Yehova ivyizigiro vyawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire Yehova ivyizigiro vyawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutsinda intambamyi ikunda gutuma umuntu atizigira Yehova
  • Ni kubera iki Yehova areka hakaba ugucumukura?
  • Ico bisobanura kwizigira Yehova
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Igituma ugucumukura kwose kugiye kurangira vuba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/9 rup. 8-13

Nugire Yehova ivyizigiro vyawe

‘Ni wewe vyizigiro vyanje, Mwami Yehova: ni wewe nizera, uhereye mu buto bwanje’.​—ZABURI 71:5.

1. Umuhungu w’umwungere yitwa Dawidi yahanganye n’umuhigo uwuhe?

UWO mugabo yari afise uburebure bw’imetero nka zitatu. Ntibitangaje kubona abasoda bose b’Abisirayeli batonze urugamba, baratinya guhangana na we! Mu kiringo c’amayinga atari make, imisi yose mu gatondo no ku mugoroba, ico kigatanya Goliyati w’Umufilisitiya yaracokora ingabo za Isirayeli, akazihigisha ngo zirungike intangamarere barwane. Amaherezo uwo muhigo waremewe, ariko ntiwemerwa n’umusoda, wemerwa n’agasore gasanzwe. Uwo muhungu w’umwungere yitwa Dawidi yari mugufi uravye uwo bagira barwane. Emwe, ashobora kuba yari afise ibiro biri musi y’ivy’ibirwanisho vya Goliyati! Naho ari ukwo, uwo musore yarahanganye n’ico kigatanya maze acika akarorero k’intibagirwa mu vyerekeye uburindutsi.​—1 Samweli 17:1-51.

2, 3. (a) Ni kubera iki Dawidi yashoboye guhangana na Goliyati afise ukwizigira kungana gutyo? (b) Tugira dusuzume intambwe zibiri izihe twotera kugira ngo Yehova tumugire ivyizigiro vyacu?

2 Ni igiki catumye Dawidi agira uburindutsi nk’ubwo? Rimbura aya majambo biboneka ko yanditswe na Dawidi mu myaka yiwe y’ubusaza: ‘Ni wewe vyizigiro vyanje, Mwami Yehova: ni wewe nizera, uhereye mu buto bwanje’ (Zaburi 71:5). Ego cane, Dawidi akiri umusore yarizigiye Yehova araherezako. Dawidi yari yarahanganye na Goliyati avuga ati: “Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye” (1 Samweli 17:45). Mu gihe Goliyati yizigira inkomezi ziwe nyinshi be n’ibirwanisho vyiwe, Dawidi we yizigira Yehova. Kubera ko Dawidi yari ashigikiwe n’Umukama Segaba w’ijuru n’isi, ni igiki cari gutuma arandurwa umutima n’umuntu buntu naho yari munini kandi afise ibirwanisho vyinshi?

3 Uko usoma ivyerekeye Dawidi, woba uca wipfuza ko ukwizigira Yehova kwawe bwite kwokomera cane? Birashoboka ko benshi muri twebwe baca bagira ico cipfuzo. Reka rero dusuzume intambwe zibiri dushobora gutera kugira ngo Yehova tumugire ivyizigiro vyacu. Ubwa mbere, turakeneye gutsinda intambamyi ikunze gutuma umuntu atagira mwene ukwo kwizigira. Ubwa kabiri, turakeneye kumenya neza na neza ico ukwizigira Yehova bisobanura.

Gutsinda intambamyi ikunda gutuma umuntu atizigira Yehova

4, 5. Ni kubera iki abantu benshi basanga bigoye kwizigira Imana?

4 Ni igiki gituma abantu batizigira Imana? Kenshi, usanga bamwebamwe bavurugwa ubwenge n’igituma ibintu bibi bishika. Benshi bigishwa yuko Imana ari yo yobazwa ugucumukura. Igihe icago cadutse, abakuru b’amadini bashobora kuvuga yuko Imana ari yo “yatwaye” abahitwanywe na co kugira ngo babane na yo mw’ijuru. Vyongeye, indongozi nyinshi zo mu madini zigisha yuko Imana yamaze kwandika ibintu vyose biba muri ino si, aho hakaba harimwo n’ivyago vyose bishika be n’ibikorwa vyose vy’ububisha. Vyogorana kwizigira Imana nk’iyo itagira inyiyumvo. Shetani, umwe ahuma imitima y’abatizera, arashashaye kuremesha “inyigisho z’abadayimoni” zose nk’izo.​—1 Timoteyo 4:1; 2 Ab’i Korinto 4:4.

5 Shetani ashaka ko abantu batakaza ukwizigira Yehova. Uwo mwansi w’Imana ntashaka ko tumenya ibintu nyavyo bituma abantu bacumukura. Kandi mu gihe twize imvo zishingiye ku Vyanditswe zerekeye ugucumukura, Shetani yipfuza ko tuzibagira. Kubera ivyo, birabereye ko tuza turasubiramwo imvo zitatu z’ishimikiro zerekana igituma hari ugucumukura mw’isi. Tubigenjeje gutyo, twoshobora gushira amazinda mu mitima yacu yuko Yehova atari we yobazwa ingorane duhangana mu buzima.​—Ab’i Filipi 1:9, 10.

6. Muri 1 Petero 5:8 herekana gute imvo imwe ituma abantu bacumukura?

6 Imvo imwe ituma abantu bacumukura ni iy’uko Shetani ashaka gusenyura ukutadohoka kw’abasavyi ba Yehova b’abizerwa. Yaragerageje gusenyura ukutadohoka kwa Yobu. Ico gihe Shetani vyaramunaniye, mugabo ntiyaciye aheba. Kubera ko ari umutware w’iyi si, arondera ‘kurotsa’ abasavyi ba Yehova b’abizerwa (1 Petero 5:8). Aho harimwo umwe wese muri twebwe! Shetani ashaka ko duhagarika gusukurira Yehova. Kubera ico, akenshi aravyura uruhamo. Naho mwene ukwo gucumukura kubabaza, turafise imvo yumvikana yotuma twihangana. Tubigize gutyo, turafasha mu kugaragaza ko Shetani ari umubeshi ivyo bigatuma Yehova anezerwa (Yobu 2:4; Imigani 27:11). Uko Yehova adukomeza kugira ngo twihanganire uruhamo, ni ko ukumwizigira kwacu kwongerekana.​—Zaburi 9:9, 10.

7. Mu B’i Galatiya 6:7 hadufasha gute kumenya imvo ituma haba ugucumukura?

7 Imvo igira kabiri ituma haba ugucumukura, tuyisanga muri iyi ngingo ngenderwako: “Ic’umuntu abiba cose [n]i co azokwimbura” (Ab’i Galatiya 6:7). Rimwe na rimwe abantu barabiba mu kugira amahitamwo mabi maze bakimbura ugucumukura ku rugero runaka. Barashobora guhitamwo gutwara umuduga batarikanuye, bigatuma bagira isanganya. Benshi bahitamwo kunywa itabi, bigatuma barwara umutima canke kanseri y’amahaha. Abahitamwo kwisuka mu vy’ubushurashuzi barahakwa gusanga basenyuye ubucuti bwo mu muryango, batakaje icubahiro, barwaye indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka be no gusanga batwaye inda batabishaka. Abantu barashobora kwegeka ku Mana ugucumukura bene ukwo, mugabo mu vy’ukuri biba bivuye ku ngingo mbi bifatiye.​—Imigani 19:3.

8. Nk’uko mu Musiguzi 9:11 habivuga, ni kubera iki abantu bacumukura?

8 Imvo igira gatatu ituma haba ugucumukura iri mu Musiguzi 9:11, ahavuga hati: “Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose”. Rimwe na rimwe usanga gusa abantu baba bari ahantu batari bakwiye kuba bari, ku gihe batari bakwiye kuba bahari. Tutaravye inkomezi dufise canke ubugoyagoye dufise, ugucumukura be n’urupfu vyoshobora gushikira uwo ari we wese muri twebwe atari avyiteze, umwanya uwo ari wo wose. Nk’akarorero, mu gihe ca Yezu umunara umwe w’i Yeruzalemu warasenyutse maze uhitana abantu 18. Yezu yarerekanye ko atari Imana yari ibahanye ibahora ivyaha bari barakoze (Luka 13:4). Emwe, Yehova si we yobazwa ugucumukura nk’ukwo.

9. Ni igiki abantu benshi badatahura ku vyerekeye ugucumukura?

9 Gutahura bimwebimwe mu bintu bituma haba ugucumukura birahambaye. Ariko rero, hariho umuce umwe w’ico kibazo abantu benshi basanga ugoye gutahura. Uwo muce ni uyu: Ni kubera iki Yehova Imana areka hakaba ugucumukura?

Ni kubera iki Yehova areka hakaba ugucumukura?

10, 11. (a) Nk’uko mu Baroma 8:19-22 habivuga, ni igiki cashikiye “ivyaremwe vyose”? (b) Twomenya gute uwageze ko ivyaremwe biganzwa n’ibitagira ikimazi?

10 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma harimwo amajambo atanga umuco kuri ico kibazo gihambaye. Paulo yanditse ati: “Ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane. Kukw ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n’Iyageze ko biganzwa birtyo, kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana. Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu”.​—Abaroma 8:19-22.

11 Kugira ngo dutahure iyo mirongo, turakeneye kubanza kuronka inyishu z’ibibazo nyamukuru bimwebimwe. Nk’akarorero, ni nde yageze ko ivyaremwe biganzwa n’ibitagira ikimazi? Bamwe bavuze ko ari Shetani, abandi bavuga ko ari Adamu. Ariko nta n’umwe muri bo yabigeze. Ni kubera iki ata n’umwe muri bo yabigeze? Ni kubera yuko uwugera ko ivyaremwe biganzwa n’ibitagira ikimazi abigira ‘yishimikije icizigiro’. Ego cane, aratanga icizigiro c’uko amaherezo abizerwa ‘bazocungurwa ntibabe abaja bo kubora’. Yaba Adamu canke Shetani nta n’umwe yari gushobora gutanga mwene ico cizigiro. Yehova musa ni we yari abishoboye. Biratomoye rero yuko ari we yageze ko ivyaremwe biganzwa n’ibitagira ikimazi.

12. Ni ugutahura ibintu ukutari kwo ukuhe kwavyutse ku bijanye no kumenya insobanuro y’“ivyaremwe vyose”, kandi ico kibazo cokwishurwa gute?

12 Ariko none, “ivyaremwe vyose” bivugwa muri ico canditswe vyerekeza kuri bande? Hari abavuga yuko “ivyaremwe vyose” vyerekeza kw’isi yose uko yakabaye, udasize inyuma ibikoko be n’ibimera. Mugabo none inyamaswa be n’ibimera vyoba vyizigira kuzohabwa “ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana”? Oya (2 Petero 2:12). “Ivyaremwe vyose” rero bishobora kwerekeza gusa ku muryango w’abantu. Ivyo ni vyo vyaremwe bishikirwa n’icaha be n’urupfu kubera ubugarariji bwo muri Edeni kandi bikaba bikeneye rwose icizigiro.​—Abaroma 5:12.

13. Ubugarariji bwo muri Edeni bwakoze iki ku muryango w’abantu?

13 None neza na neza ni igiki ubwo bugarariji bwakoze ku muryango w’abantu? Paulo adondora ingaruka zabwo muri iyi mvugo: ibitagira ikimazia. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, iyo mvugo yerekana ko “iyo ikintu kidakora nk’uko categerezwa kiba kitagira ikimazi”. Abantu bari bagenewe kubaho ibihe bidahera, gukorera hamwe ari umuryango utagira agasembwa wunze ubumwe mu kubungabunga isi y’iparadizo. Aho kumera gutyo, usanga babaho igihe gito, bari mu mubabaro no mu ngorane. Nk’uko Yobu yabivuze, “umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa” (Yobu 14:1). Ni ibitagira ikimazi pe!

14, 15. (a) Ni ikimenyamenya ikihe cerekeye ubutungane dusanga mu rubanza Yehova yaciriye umuryango w’abantu? (b) Ni kubera iki Paulo yavuze yuko ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi ‘atari vyo bivyigombeye’?

14 Ubu na ho dushitse ku kibazo nyamukuru: Ni kubera iki “Umucamanza w’isi yose” yageze ko abantu babaho mu mubabaro kandi bari mu ngorane (Itanguriro 18:25)? Yoba yakoresheje ubutungane mu kubigira gutyo? Erega, niwibuke ico abavyeyi bacu ba mbere bakoze. Igihe bagarariza Imana, baciye baja ku ruhande rwa Shetani, uwahigishije rwose ubusegaba bwa Yehova. Biciye ku vyo bakoze, barashigikiye amajambo yavuzwe yuko umuntu yomererwa neza atisunze Yehova, akitegeka ayobowe n’ikiremwa c’impwemu c’ikigarariji. Igihe Yehova yacira urubanza abo bagarariji, mu bisanzwe yabahaye ico bari basavye. Yararetse abantu baritegeka bayobowe na Shetani. Muri ico gihe none, hari iyindi ngingo yari kuba iranga ubutungane rwose kuruta kureka abantu bakaganzwa n’ibitagira ikimazi mugabo hishimikijwe icizigiro?

15 Mugabo ntiwumve, ivyaremwe si vyo ‘vyavyigombeye’. Tuvuka turi abaja b’icaha n’ukubora ata kundi twobigira. Ariko Yehova abigiranye ikigongwe yararetse Adamu na Eva barabandanya kubaho bongera baravyara abana. Naho twebwe, ababakomokako, tuganzwa n’ibitagira ikimazi ari co caha n’urupfu, turafise akaryo ko gukora ivyo Adamu na Eva bananiwe gukora. Turashobora kwumviriza Yehova maze tukamenya yuko ubusegaba bwiwe bugororotse kandi ko butagira agahaze, mu gihe ubutegetsi bw’abantu butisunga Yehova ata kindi buzana atari umubabaro, ingorane be n’ibitagira ikimazi (Yeremiya 10:23; Ivyahishuriwe 4:11). Vyongeye, akosho ka Shetani nta kindi kagira atari ukwunyura ibintu. Kahise k’abantu karemeza ko ivyo ari ukwo biri.​—Umusiguzi 8:9.

16. (a) Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova atari we yobazwa ugucumukura tubona mw’isi muri iki gihe? (b) Ni icizigiro ikihe Yehova abigiranye urukundo yahaye abasavyi biwe b’abizerwa?

16 Biratomoye yuko Yehova yari afise imvo zumvikana zo kugera ko umuryango w’abantu uganzwa n’ibitagira ikimazi. Ariko none ivyo vyoba bishaka kuvuga yuko Yehova ari we atuma umwumwe wese muri twebwe muri iki gihe, ashikirwa n’ibitagira ikimazi be n’ugucumukura? Niwihe ishusho y’umucamanza acira urubanza rugororotse inkozi y’ikibi. Nyene gukubitwa intahe mu gahanga yoshobora gucumukura rwose mu gihe ashitsa ibihano yaciriwe, mugabo none yoba afise imvo yumvikana yo kuvyegeka ku mucamanza ngo ni we yatumye acumukura? Haba n’intete! Ikindi kandi ubukozi bw’ikibi ntibwigera bukomoka kuri Yehova. Muri Yakobo 1:13 havuga hati: “Imana [nti]geragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha”. Twibuke kandi ko Yehova yaciye urwo rubanza ‘yishimikije icizigiro’. Abigiranye urukundo yarashizeho indinganizo zizotuma abantu b’abizerwa bakomoka kuri Adamu na Eva babona ikurwaho ry’ibitagira ikimazi maze bakanezererwa ‘ukwidegemvya gufatana n’ubwiza bw’abana b’Imana’. Mu kiringo c’ibihe bidahera, abantu b’abizerwa ntibazokwigera na rimwe bahagarikwa umutima n’uko ivyaremwe vyose vyohava vyongera gusubira mu mubabaro uterwa n’ibitagira ikimazi. Ukuntu Yehova atunganya ibintu mu buryo bugororotse, bizoba vyarerekanye ko ari we akwiye kuba Segaba ibihe vyose.​—Yesaya 25:8.

17. Gusubira kwihweza imvo zituma haba ugucumukura mw’isi muri iki gihe bikwiye kudukorako iki?

17 Uko dusubira kwihweza izo mvo zitatu zituma abantu bacumukura, twoba tubona ko hari ikintu na kimwe cotuma twegeka ubukozi bw’ikibi kuri Yehova, canke cotuma dutakaza ukumwizigira? Ahubwo riho, umwihwezo nk’uyo uraduha imvo ituma twemera aya majambo ya Musa: “Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Uko tuzirikana kuri ivyo bibazo, nimuze tuze turaraba ko tubitahura. Muri ubwo buryo, igihe duhanganye n’ibigeragezo, tuzonanira utwigoro twa Shetani two kubiba inkeka mu mizirikanyi yacu. Mugabo none, tuvuge iki kuri ya ntambwe igira kabiri yavuzwe mu ntango? Ukwizigira Yehova bisobanura iki?

Ico bisobanura kwizigira Yehova

18, 19. Bibiliya ituremesha kwizigira Yehova ikoresheje amajambo ayahe, mugabo mu bijanye n’ivyo, ni ivyiyumviro bitari vyo ibihe usanga bamwebamwe bafise?

18 Ijambo ry’Imana riduhimiriza riti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize u[gutahura k]wawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe” (Imigani 3:5, 6). Ayo ni amajambo aryoshe, asubiriza umutima mu nda. Nta nkeka ko ata n’umwe mu vyaremwe vyose ari umwizigirwa kuruta Dawe wa twese munyarukundo wo mw’ijuru. Naho ari ukwo, gusoma ayo majambo yo mu Migani usanga vyoroshe kuruta kuyashira mu ngiro.

19 Benshi usanga bafise ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye ico bisobanura kwizigira Yehova. Bamwe biyumvira ko mwene ukwo kwizigira ari ukugira inyiyumvo gusa, ni ukuvuga umunezero ukwiye kwizana mu mutima. Abandi basa n’abemera yuko ukwizigira Imana bisobanura yuko twitega ko idukingira ingorane iyo ari yo yose, itorera umuti akagorane kose dufise, ituma ingorane za misi yose duhura zitungana neza na neza nk’uko tubishaka, kandi buno nyene! Mugabo ivyiyumviro nk’ivyo ntibigira ishingiro. Kwizigira si ukugira inyiyumvo gusa, kandi si ikintu c’umugani. Ku bakuze, ukwizigira bisobanura gufata ingingo babikuye ku mutima kandi bavyitondeye.

20, 21. Kwizigira Yehova bisobanura iki? Tanga akarorero.

20 Subira urabe ico mu Migani 3:5 havuga. Harahushanya ukwizigira Yehova n’ukwishimikiza ugutahura kwacu bwite, hashaka kuvuga yuko tudashobora kubibangikanya. Ivyo vyoba bisobanura yuko tutarekuriwe gukoresha ububasha bwacu bwo gutahura? Oya, kubera ko Yehova, we yaduhaye ubwo bubasha, yitega ko tubukoresha mu kumusukurira (Abaroma 12:1). None mu gihe dufata ingingo twishimikiza iki, canke twisunga iki? Nimba ivyiyumviro vyacu bidahuza n’ivya Yehova, twoba twemera yuko ubukerebutsi bwiwe busumba kure n’iyo ubwacu (Yesaya 55:8, 9)? Kwizigira Yehova bisobanura kureka ivyiyumviro vyiwe bikayobora ivyacu.

21 Tubitangire akarorero: Niwiyumvire akana gatoyi kiyicariye inyuma mu muduga, abavyeyi bako na bo bicaye imbere, se wako ari we atwaye umuduga. Igihe ingorane zadutse mu gihe c’urugendo, nk’ingorane yo kumenya inzira bocamwo canke kumbure ingorane y’ikirere canke ukuntu ibarabara rimeze, umwana agamburuka yizigira se aca akora iki? Yoba aca atangira ubuyobozi aho yiyicariye inyuma, abwira se ukuntu yogendesha uwo muduga? Yoba akekeranya ku ngingo abavyeyi biwe bafashe canke akanka igihe bamwibukije kuguma yambaye wa mukaba ufasha gukinga impanuka? Ashwi da, mu bisanzwe arizigira ko abavyeyi biwe batunganya izo ngorane, naho ari abanyagasembwa. Yehova ni Dawe atagira agasembwa. Ntidukwiye none kumwizigira tugaherezako, canecane igihe duhanganye n’ibintu bigoye?​—Yesaya 30:21.

22, 23. (a) Ni kubera iki dukwiye kwizigira Yehova igihe duhanzwe n’ingorane, kandi ivyo twobigira gute? (b) Ni igiki kirimburwa mu kiganiro gikurikira?

22 Ariko rero, mu Migani 3:6 herekana yuko dukwiye ‘kumenya Yehova mu ngendo zacu zose’, atari igihe gusa turi mu bintu bigoye. Ku bw’ivyo, ingingo dufata ku musi ku musi mu buzima zikwiye kugaragaza ko twizigira Yehova. Igihe ingorane zivyutse, ntidukwiye kwihebura, guta umutwe canke ngo twanke ubuyobozi bwa Yehova bujanye n’uburyo bwiza kuruta bwo kuzitorera umuti. Dukwiye kubona ko ibigeragezo ari uturyo two gushigikira ubusegaba bwa Yehova, two gufasha kugaragaza ko Shetani ari umubeshi, no gutsimbataza ukugamburuka be n’izindi kamere zihimbara Yehova.​—Abaheburayo 5:7, 8.

23 Turashobora kwerekana ko twizigira Yehova naho twoba tubangamiwe n’intambamyi imeze gute. Ivyo tubigira mu masengesho dutura be no mu buryo duhanga amaso Ijambo rya Yehova hamwe n’ishirahamwe ryiwe ngo bituyobore. Ariko none tubivuze mu buryo butomoye, dushobora kugaragaza gute ko twizigira Yehova igihe duhanzwe n’ingorane zaduka mw’isi ya kino gihe? Ikiganiro cacu gikurikira kiraca irya n’ino ico kibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Ijambo ry’ikigiriki Paulo yakoresheje ku “bitagira ikimazi”, ni nka rimwe ryakoreshejwe mu mpinduro ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante mu guhindura imvugo Salomo yakoresheje akatari gake mu gitabu c’Umusiguzi, nko mu kuvuga ko ‘vyose ari ubusa!’.​—Umusiguzi 1:2, 14; 2:11, 17; 3:19; 12:8.

Wokwishura gute?

• Dawidi yerekanye gute ko yari yaragize Yehova ivyizigiro vyiwe?

• Ni ibintu bitatu ibihe bituma abantu bacumukura muri iki gihe, kandi ni kubera iki bibereye ko tuza turavyihweza?

• Yehova yaciriye urubanza uruhe umuryango w’abantu, kandi ni kubera iki rwari urubanza rugororotse?

• Kwizigira Yehova bisobanura iki?

[Amafoto ku rup. 8]

Dawidi yagize Yehova ivyizigiro vyiwe

[Ifoto ku rup. 10]

Yezu yarerekanye yuko igihe umunara umwe wasenyuka i Yeruzalemu, atari Yehova yari abiteye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika