ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/4 rup. 4-7
  • Igihe ivyo Imana igomba bizokorwa kw’isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe ivyo Imana igomba bizokorwa kw’isi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Imana igomba hamaze kuba ubugarariji
  • “Ivyo ugomba bibe” mu buryo bushitse
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Icotuma Isi Ihimbarwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/4 rup. 4-7

Igihe ivyo Imana igomba bizokorwa kw’isi

IGIHE Yezu yigisha abigishwa biwe gusenga ngo “Ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”, yariko abivuga kubera ko yabanye na Se mw’ijuru (Matayo 6:10; Yohana 1:18; 3:13; 8:42). Imbere yuko Yezu aba umuntu nkatwe, yariboneye igihe ikintu ico ari co cose cashika mw’ijuru no kw’isi caba gihuje n’ivyo Imana igomba. Ivyo vyari ibihe biteye umunezero vyo kurangura ibintu no gushira akanyota.—Imigani 8:27-31.

Imana yatanguye kurema ibiremwa vy’impwemu ari bo ‘bamarayika bayo b’abanyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryayo’. Bari ‘abasavyi bayo bakora ibiyihimbara’ kandi n’ubu ni ko bakimeze (Zaburi 103:20, 21). Umwe wese muri abo bamarayika yoba yari afise ubushobozi bwo kugira umwidegemvyo wo gukora ivyo agomba? Egome, nakare igihe isi yaremwa, abo ‘bana b’Imana barasesereje impundu’ (Yobu 38:7). Ukwo kuvuza impundu kwabo kwagaragaje ko banezerejwe n’ivyo Imana yari igabiye gukora, gutyo baba bahuje n’igomba ryayo.

Imana imaze kurema isi, yarayiteguye kugira ngo ibeko abantu, amaherezo irema umugabo n’umugore ba mbere (Itanguriro, ikigabane ca 1). Mbega n’ivyo vyari bikwiriye kuvugirizwa impundu? Iyo nkuru yahumetswe ivuga iti: “Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane”. Emwe ntivyagira akarohe, vyari bitunganye.—Itanguriro 1:31.

Ni ibiki Imana yagomba ku biraba abavyeyi bacu ba mbere be n’uruvyaro rwabo? Nk’uko mw’⁠Itanguriro 1:28 habivuga, na vyo nyene vyari vyiza cane. Havuga hati: “Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi”. Kugira ngo abavyeyi bacu ba mbere bashitse iryo banga ry’akaroruhore, bari bakeneye kubandanya kubaho, bakabaho ibihe bidahera, n’uruvyaro rwabo bikaba ukwo. Nta na kimwe cerekana ko hobayeho ivyago, akarenganyo, intuntu canke urupfu.

Ico gihe ivyo Imana igomba vyariko birakorwa mw’ijuru no kw’isi. Abobayeho bashitsa ivyo Imana igomba bohimbawe no kubikora. Ni igiki kitagenze neza?

Hari ikintu kitari citezwe cadutse, gihigisha ivyo Imana igomba. Ariko ntiwumve, nticari ikintu kitotorerwa umuti. Yamara, ico kintu catumye abantu batangura kubaho igihe kirekire bicwa n’intuntu be n’agahinda, bigatuma bazazanirwa ku bijanye n’ivyo Imana igomba ku biberekeye. Twese birashika tukicwa n’intuntu be n’agahinda. None ico kintu cahigishije ivyo Imana igomba cari igiki?

Ivyo Imana igomba hamaze kuba ubugarariji

Umwe mu “bana b’Imana” b’impwemu yarabonye yuko yoshobora guciramwo ivyo Imana igomba ku bijanye n’abantu, umugambi wiwe ukaba wari uwo kwironderera inyungu ziwe bwite. Uko yarushiriza kuzirikana kuri ico kintu, ni ko yarushiriza kubona ko gishoboka kandi ni ko carushiriza kumukwegera (Yakobo 1:14, 15). Ashobora kuba yibwira yuko hamwe yoshobora kwifatira wa mugabo n’umugore ba mbere bakamwumvira aho kwumvira Imana, Imana yotegerejwe kureka hakaba ubutegetsi buhiganwa n’ubusegaba bwayo. Ashobora kuba yiyumviriye ko Imana itobaranduye, kubera yuko ivyo vyosobanuye ko inaniwe gushitsa umugambi wayo. Yibajije ko aho kugira ivyo, Yehova Imana yobwirijwe guhindura umugambi wiwe, akemera ikibanza c’uwo mwana w’impwemu yobaye asigaye agamburukirwa n’abantu Yehova yaremye. Uwo mugarariji yahavuye yitwa mu buryo bubereye Shetani, bisobanura ngo “Umunanyi”.—Yobu 1:6.

Asunitswe n’icipfuzo ciwe, Shetani yaregereye nya mugore. Yamuhimirije kwirengagiza ivyo Imana igomba no kwigenga mu vy’inyifato mu kuvuga ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; . . . mu[zo]mera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi” (Itanguriro 3:1-5). Kuri uwo mugore, ivyo vyasa n’ivyotanze umwidegemvyo, gutyo aravyemera yibaza ko ari bwo buryo bwiza kuruta bwo kubaho. Mu nyuma, yarajijuye umunega wiwe kumushigikira.—Itanguriro 3:6.

Ivyo si vyo Imana yagomba ku biraba uwo mugabo n’umugore. Ryari igomba ryabo. Kandi ivyo vyokweze ingaruka zibabaje cane. Imana yari imaze kubabwira yuko ingendo nk’iyo yobashikanye ku rupfu (Itanguriro 3:3). Ntibari baremewe kubaho neza batisunga Imana (Yeremiya 10:23). Ikindi na co, bocitse abanyagasembwa, kandi kuva ico gihe uruvyaro rwabo boruraze agasembwa n’urupfu (Abaroma 5:12). Shetani ntiyoshoboye gukuraho izo ngaruka.

Ivyo bintu vyagiye biraba vyoba vyarahinduye buhere umugambi canke igomba Imana ifitiye abantu be n’isi? Habe namba (Yesaya 55:9-11). Yamara vyaravyuye ibibazo vyasaba gushirwa mu buryo. Na vyo ni ibi: Abantu boba bashobora ‘kumera nk’Imana mu vyo kumenya iciza n’ikibi’ nk’uko Shetani yavuze? Mu yindi mvugo, hamwe tworonka umwanya uhagije, ubwo mu mice yose y’ubuzima twoba dushobora kwimenyera iciza n’ikibi, icotugirira akamaro n’icotugirira nabi? Vyoba bikwiye ko tugamburukira Imana tugaherezako kubera yuko uburyo bwayo bwo gutegeka ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose? Twoba dukwiye kugamburuka bimwe bishitse ivyo igomba? Ivyo bibazo wovyishura gute?

Hari uburyo bumwe rudende bwo gutorera inyishu ivyo bibazo imbere y’ibiremwa vyose bifise ubwenge: na bwo akaba ari ukureka abo bose barondeye ukwigenga bakigeragereza. Guca bicwa ntivyari kwishura ivyo bibazo vyavyuwe. Kureka abantu bakabandanya ingendo yabo y’ukwigenga mu kiringo gihagije, vyoshize mu buryo ivyo bibazo kubera ko icovuyemwo cokwibonekeje. Imana yarerekanye ko yotoreye umuti izo ngorane muri ubwo buryo, igihe yabwira wa mugore ko yovyaye abana. Gutyo umuryango w’abantu wobaye utanguye. Kuba turiho muri iki gihe tubikesha iyo ngingo Imana yafashe.—Itanguriro 3:16, 20.

Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko Imana yoretse abantu be na wa mwana w’impwemu w’umugarariji ngo bagume bakora uko bishakiye ata co binona. Imana ntiyatanze imihoho ku bijanye n’ubusegaba bwayo vyongeye ntiyahevye umugambi wayo (Zaburi 83:18). Ivyo Imana yarabitomoye mu kubura ko iyo nkwezi y’ubwo bugarariji impera n’imperuka yofyonyowe be n’uko ingaruka mbi zabwo zose zokuweho (Itanguriro 3:15). Gutyo, kuva ubwo bugarariji bugitangura umuryango w’abantu warasezeraniwe gutabarwa.

Muri ico gihe nyene, abavyeyi bacu ba mbere ubwabo bariyonkoye ku butegetsi bw’Imana bongera batuma bigenda gutyo no ku ruvyaro rwobakomotseko. Kugira ngo Imana ibakingire ingaruka zibabaje zose z’iyo ngingo bafashe, yotegerejwe kubahatira gukora ivyo igomba ku kantu ako ari ko kose. Vyobaye ari co kimwe no kutabareka na gato ngo bagerageze kwigenga.

Ariko ntiwumve, abantu boshoboye guhitamwo ubutegetsi bw’Imana. Boshoboye kwiga ivyo Imana igomba ku bijanye n’abantu muri ico gihe, maze bakavyisunga uko bashoboye kwose (Zaburi 143:10). Ariko rero, ntibobaye batewe urucanco rubakingira ingorane igihe cose ikibazo cerekeye ukwigenga kw’abantu muri vyose cobaye kitaratorerwa inyishu.

Ingaruka z’ukwo kwihitiramwo kw’abantu, ntizatevye kwibonekeza. Wa mwana w’imfura mu muryango w’abantu ari we Kayini, yarishe murumunawe Abeli kubera ko “ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza” (1 Yohana 3:12). Iryo ntiryari igomba ry’Imana kubera yuko Imana yari yaragabishije Kayini kandi mu nyuma ikamuhana (Itanguriro 4:3-12). Kayini yahisemwo ukwigenga mu vy’inyifato kwazanywe na Shetani, bica bituma aba “uwa wa Mubi”. N’abandi bakoze ukwo.

Haciye imyaka irenga 1.500 abantu babayeho, “isi yari yononekaye imbere y’Imana, yuzuye umuryano” (Itanguriro 6:11). Vyasaba ko hafatwa ingingo ruhasha kugira ngo isi ntigende akagirire. Imana yafashe ingingo mu guteza umwuzure ku mubumbe wose no mu gukingira umuryango umwe wari ugororotse ngo ubandanye kubaho, uwo na wo ukaba wari ugizwe na Nowa, umugore wiwe, abahungu biwe be n’abagore babo (Itanguriro 7:1). Twese ni bo dukomokako.

Muri kahise k’umuntu ko kuva ico gihe, Imana yagiye iraha ubuyobozi abantu bose bipfuza ata buryarya kumenya ivyo igomba. Yarahumekeye abagabo b’intahemuka kugira ngo bandike ibintu yagiye iramenyesha kugira abantu bose borondeye ubuyobozi bwayo bavyikoreko. Ivyo bintu vyanditswe muri Bibiliya (2 Timoteyo 3:16). Ibigiranye urukundo, yararetse abantu b’abizerwa baragiranira ubucuti na yo, mbere baracika abakunzi bayo (Yesaya 41:8). Yarabaronkeje inkomezi bari bakeneye kugira ngo bihanganire amarushwa yasinzikaje abantu muri ino myaka ibihumbi bamaze bigenga (Zaburi 46:1; Ab’i Filipi 4:13). Mbega ukuntu dukwiye gukenguruka ku bw’ivyo vyose!

“Ivyo ugomba bibe” mu buryo bushitse

Ivyo Imana imaze gukora gushika ubu si ryo gomba ryayo ryuzuye ku bijanye n’abantu. Intumwa Petero mukirisu yanditse ati: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo” (2 Petero 3:13). Iyo mvugo ngereranyo yerekeza ku ntwaro nshasha izotwara abantu be no ku kibano gishasha c’abantu kizotwarwa na yo.

Umumenyeshakazoza Daniyeli akoresheje imvugo idomako, yanditse ati: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, . . . buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose” (Daniyeli 2:44). Ubwo buhanuzi bubura iherezo ry’urunkwekwe rw’ibintu rwa none ata co rumaze be n’ukuntu Ubwami bw’Imana, ari yo ntwaro yayo, buzorusubirira. Mbega ukuntu ari inkuru nziza! Amatati be n’ubwikunzi bituma iyi si ya none irangwamwo ubukazi kandi birondera gusubira guherengeteza isi, umusi uri izina ntibizoba bikiriho.

None ivyo bizoba ryari? Abigishwa ba Yezu babajije bati: “Ivyo bizobaho ryari, kand’ikimenyetso kizoba iki [“c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero ry’urunkwekwe rw’ibintu”, NW]”? Mu gice c’inyishu Yezu yatanze, yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza”.—Matayo 24:3, 14.

Ni ikintu kizwi n’abantu bose yuko ico gikorwa co kwamamaza ubu kiriko kirakorwa kw’isi yose. Woba umaze kuvyibonera aho uherereye. Porofeseri Charles S. Braden yanditse mu gitabu ciwe Aba na bo nyene baremera (mu congereza) ati: “Ivyabona vya Yehova barujuje bwuzuze isi yose ugushinga intahe kwabo. . . . [N]ta wundi mugwi w’ivy’idini mw’isi wagaragaje umwete mwinshi n’ugushikama kuruta Ivyabona vya Yehova mu kigoro ko gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami”. Ivyabona vya Yehova bariko baratangaza bashirutse ubute inkuru nziza mu bihugu birenga 230, mu ndimi zababa 400. Ico gikorwa cari carabuwe nticari bwigere kirangurwa kw’isi yose ku rugero rungana gutyo. Ni kimwe mu bimenyamenya vyinshi vy’uko igihe c’uko Ubwami busubirira intwaro z’abantu, ubu kiriko kiregereza.

Ubwo Bwami Yezu yavuze ko bwokwamamajwe ni bumwe nyene yatwigisha gusaba muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, mu kuvuga ati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:10). Egome, ubwo Bwami ni co gikoresho Imana izokoresha mu gushitsa umugambi ifitiye abantu be n’isi, ari ryo gomba ryayo.

None ivyo bisobanura iki? Umviriza ingene mu Vyahishuriwe 21:3, 4 hishura: “Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”. Si ivy’imbeshere, ivyo Imana igomba bizoba bikozwe kw’isi no mw’ijuru mu buryo bushitsea. Ntiwoshima kuzoba ari ho uri?

[Akajambo k’epfo]

a Niba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana, turakwinginze wegere Ivyabona vya Yehova b’aho uherereye canke wandike ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru.

[Ifoto ku rup. 5]

Kurondera kwigenga aho kwisunga ivyo Imana igomba vyakweze ubugesera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika