ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/4 rup. 8-11
  • Rebeka—umukenyezi w’umunyabikorwa yatinya Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rebeka—umukenyezi w’umunyabikorwa yatinya Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Haronderwa umugore akwije kamere zisabwa
  • Rebeka yoba afise kamere zisabwa?
  • Abahungu b’amahasa
  • Hagirwa akigoro kugira Yakobo aronke umuhezagiro
  • Yakobo arungikwa i Harani
  • “Ndemeye kugenda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Rebeka yari afise umutima ukunze wo guhimbara Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yaremeye kuja iyo atazi
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Rebeka yashaka kunezereza Yehova
    Niwigishe abana bawe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/4 rup. 8-11

Rebeka—umukenyezi w’umunyabikorwa yatinya Imana

DUFATE yuko vyoshoboka ko uhitiramwo umuhungu wawe umukenyezi. Mbega wohitamwo umuntu ameze gute? Ni kamere izihe yoba afise? Woba worondera umuntu asa n’irirenga, w’incabwenge, w’umutima mwiza kandi w’umunyabikorwa? Canke hari ikindi kintu wobanza kuraba?

Aburahamu yarahanganye n’ico kintu kitoroshe. Yehova yari yarasezeranye yuko imihezagiro yoshungurukiye ku bomukomotseko biciye ku muhungu wiwe Isaka. Iyi nkuru tuyitangurira ku gihe Aburahamu yari ashaje, ariko umuhungu wiwe akaba atarubaka urwiwe (Itanguriro 12:1-3, 7; 17:19; 22:17, 18; 24:1). Kubera ko iyo mihezagiro Isaka azoyisangira n’umugore akironderwa be n’abo ari bo bose bazovyarana, Aburahamu aratunganya ivy’uko aronderera Isaka umukenyezi abereye. Ikiruta vyose, uwo mugore ategerezwa kuba ari umusavyi wa Yehova. Kubera ko umugore nk’uwo adashobora kuboneka i Kanani, aho Aburahamu agerereye, ategerezwa kuronderera ahandi. Amaherezo uwo muntu acagurwa ni Rebeka. Aboneka bigenze gute? Yoba ari umugore akunda ivy’impwemu? Turimbuye akarorero kiwe, ni igiki dushobora kuhigira?

Haronderwa umugore akwije kamere zisabwa

Aburahamu ararungika kure i Mezopotamiya umusuku wiwe akuze kuruta abandi, biboneka ko yoba ari Eliyezeri, kugira ngo agende kuronderera umugeni Isaka mu ncuti za Aburahamu zisenga Yehova nka we. Ico gikorwa kirahambaye cane ku buryo Eliyezeri arahizwa kutaronderera Isaka Umunyakananikazi. Kubona Aburahamu ashimika kuri ico kintu birahambaye cane.—Itanguriro 24:2-10.

Eliyezeri amaze kugira urugendo agashika muri nya gisagara incuti za Aburahamu zibamwo, atwara ingamiya ziwe cumi kw’iriba. Niwihe ishusho y’ivyo bintu! Ni ku mugoroba, kandi Eliyezeri asenga ati: “Ehe mpagaze kw iriba, kand’abakobga b’abo mu gisagara bahava basokoroka baze kuvoma; enda se bibe birtya: umwigeme ndibubgire, nti Ndakwinginze, ururutsa umubindi wawe, nnyweko; akanyishura ati Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe: uyo abe ari we watoranirije Isaka umusavyi wawe”.—Itanguriro 24:11-14.

Nk’uko umugore uwo ari we wese w’aho hantu yashobora kuba abizi, ingamiya imwe yanyotewe ishobora kunywa amazi menshi cane (gushika ku malitiro 100). Urumva rero ko umugore yarinze yemera kuvomera amazi ingamiya cumi, ategerezwa kuba yari yiteze igikorwa kitoroshe. Ugukora ico gikorwa abandi bariko baramwitegereza ata co bamufasha, vyotanze ikimenyamenya kigaragara c’uko ari umugore akomeye, yihangana, yicisha bugufi, bikerekana n’umutima mwiza afitiye abantu n’ibikoko.

Ni ibiki bishika? “Akirikw aravuga, Rebeka arasokoroka, afise umubindi ku rutugu; yari mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori umugabo wiwe, murumuna wa Aburahamu. Kand’uwo mwigeme yari mwiza cane w’umunyakaranga, yar’inkumi, . . . aramanuka, aja kw’iriba, yuzuza umubindi wiwe, aradūga. Uwo mubgiriza arīkānya, aramusanganira, aramubgira ati Ntabaza se utuzi two kunywa kur’uwo mubindi wawe. Aramwishura, ati Nywako, mutungwa. Anyarutsa kwururukiriza umubindi wiwe ku kiganza, aramuha, aranywa”.—Itanguriro 24:15-18.

Rebeka yoba afise kamere zisabwa?

Rebeka ni umwuzukuru wa mwenewabo na Aburahamu, kandi uretse ko ari mwiza ni n’umunyangeso nziza. Ntatinya kuyagisha uwo atazi, ariko kandi ntamufata nk’aho bamenyeranye birenze. Arakorera iciza Eliyezeri igihe amusaba amazi yo kunywa. Kumuha amazi cari ikintu gisanzwe kubera ko vyagaragaza urupfasoni abantu basanzwe bagaragarizanya. Bite ho ku vyerekeye ikimenyetso kigira kabiri Eliyezeri yari yavuze?

Rebeka avuga ati: “Nywako, mutungwa”. Ariko ntibigarukira aho. Rebeka abandanya ati: “Hinge mvomere n’ingamiya zawe, zihodoke”. Yasavye gukora ikintu kiruta icari mu bisanzwe citezwe. Abigiranye umutima ukunze, ‘aranyaruka, agasuka umubindi wiwe mu bwato, akiruka, agasubira kw’iriba kuvoma, akavomera ingamiya ziwe zose’. Ni umunyabikorwa. Iyo nkuru ivuga ko “uwo mugabo amushinga ijisho anumye”.—Itanguriro 24:19-21.

Eliyezeri amenye yuko iyo nkumi ari incuti ya Aburahamu, aca akubita inkoro hasi ashimira Yehova. Aramubaza nimba mu nzu ya se wiwe hoshobora kuboneka aho we be n’abo bari kumwe borara. Rebeka avuga ko hariho, agaca yirukanga i muhira kumenyesha ivy’abo bashitsi.—Itanguriro 24:22-28.

Musaza wa Rebeka yitwa Labani be na se wiwe Betuweli, bamaze kwumviriza ivyo Eliyezeri abiganiye, baratahura ko Imana ari yo iriko irayobora ivyo bintu. Nta gukeka, Rebeka ni we agenewe Isaka. Bavuga bati: “N’umujane wīgīre, abe umugore w’umwana wa shobuja, nk’uk’Uhoraho abigize”. Rebeka avyakira gute? Bamubajije ko aca agenda ubwo nyene, yishura ijambo rimwe gusa ry’igiheburayo risobanura ngo “Ndemeye”. Ivyo bamusavye ntavyemera kubera bamugobereye. Aburahamu yaratomoye neza yuko ya ndahiro itokurikiranye Eliyezeri ‘mu gihe uwo mukobwa atoramutse akunze’ kugenda. Ariko Rebeka na we nyene arabona ko Imana ibirimwo. Ku bw’ivyo adatebaganye, arasiga umuryango wiwe kugira ngo agende kwubakana n’umuntu atari bwigere abona. Iyo ngingo iranga umutima rugabo ni ikintu gikomeye kigaragaza ukwizera. Ni umugore wo guhitamwo koko!—Itanguriro 24:29-59. Rebeka abonye Isaka, aritwikira aba yerekanye ko agamburuka. Isaka aramwabira, kandi aramukunda cane, nta nkeka amukunda kubera kamere ziwe nziza.—Itanguriro 24:62-67.

Abahungu b’amahasa

Rebeka aramara nk’imyaka 19 ata kana araronka. Amaherezo asama inda y’amahasa, mugabo iyo mbanyi iramugora kubera abo bana barwanira mu nda, gushika naho Rebeka atakambira Imana. Dushobora kubigenza gutyo nyene igihe dushikiwe n’umubabaro mwinshi mu buzima. Yehova arumvira Rebeka maze akamusubiriza umutima mu nda. Azoba nyina w’amahanga abiri, kandi “Bukuru azoshumbira Butoyi”.—Itanguriro 25:20-26.

Ayo majambo si yo yonyene atuma Rebeka akunda cane umuhungu wiwe mutoyi Yakobo. Abo bahungu baratandukanye. Yakobo ‘ntagira umugayo’, ariko Esau we ni umuntu atanezwe ivy’impwemu ku buryo uburenganzira bwiwe bwo kuba samuragwa, ni ukuvuga uburenganzira bwo kuragwa imihezagiro y’Imana, abugurisha kuri Yakobo abukavye icibo kimwe c’indya. Kubona Esau yabira abagore b’Abahetikazi babiri, birerekana ko adaha agaciro ingingo mfatirwako zerekeye ivy’impwemu, mbere ko azisuzugura. Ivyo biratuntuza cane abavyeyi biwe.—Itanguriro 25:27-34; 26:34, 35.

Hagirwa akigoro kugira Yakobo aronke umuhezagiro

Bibiliya nta ho ivuga nimba Isaka azi ko Esau ategerezwa gushumbira Yakobo. Uko biri kwose, Rebeka na Yakobo bompi barazi ko uwo muhezagiro ari uwiwe. Rebeka aranyaragasa kugira ico akoze yumvise ko Isaka agomba ahezagire Esau niyamuzanira icibo c’inyama z’ico yahize. Wa mwiyemezo be na wa mwete yari afise mu buto, n’ubu biracamuranga. ‘Ategeka’ Yakobo kumuzanira imyagazi ibiri y’impene. Ahava ategura imfungurwa umunega wiwe akunda cane. Maze Yakobo ategerezwa kwihindura akamera nka Esau kugira ngo aronke uwo muhezagiro. Yakobo aranka. Se wiwe yohava ahinyura ayo mayeri agaca amuvuma. Rebeka aramugobera. Avuga ati: “Mwana wanje, umuvumo wovumwe uz’ube kuri jewe”. Maze arategura nya mfungurwa, akayoberanya Yakobo hanyuma akamurungika kwa se.—Itanguriro 27:1-17.

Igituma Rebeka akora ibintu muri ubwo buryo, ntikivugwa. Benshi bariyamiriza ico gikorwa Rebeka yakoze, yamara Bibiliya nta vyo igira, mbere na Isaka nta vyo agira aho amenyeye ko Yakobo ari we yaronse wa muhezagiro. Ahubwo riho, Isaka arawongereza (Itanguriro 27:29; 28:3, 4). Rebeka arazi ivyo Yehova yabuye ku vyerekeye abahungu biwe. Ku bw’ivyo, arakora ibintu kugira ngo Yakobo abe ari we aronka umuhezagiro akwiriye. Biraboneka neza ko ivyo bihuye n’igomba rya Yehova.—Abaroma 9:6-13.

Yakobo arungikwa i Harani

Rebeka arica imigambi ya Esau mu guhimiriza Yakobo guhunga gushika ishavu rya mwenewabo riheze. Ararondera kuvyemererwa na Isaka ariko akirinda yiyoroheje gucisha mu kanwa ivyerekeye ishavu Esau afise. Ahubwo abigiranye ubugenge, yinginga umunega wiwe mu kumuserurira umwitwarariko afise w’uko Yakobo na we yohava yabira Umunyakananikazi. Ico ciyumviro kirahagije kugira ngo kijijure Isaka gutegeka Yakobo kwirinda umubano nk’uwo, gutyo akamurungika mu muryango Rebeka akomokamwo ngo aronderereyo umukenyezi atinya Imana. Nta kintu na kimwe kivuga ko Rebeka yigeze asubira kubonana na Yakobo, ariko ibikorwa vya Rebeka vyarazaniye impera nyinshi ihanga rya Isirayeli ryo muri kazoza.—Itanguriro 27:43–28:2.

Ivyo tuzi kuri Rebeka biratuvyurira umutima wo kumushima. Yasa n’irirenga, ariko ubwiza bwiwe nyakuri bwari buhagaze ku kuyobokera Imana kwiwe. Ico ni co Aburahamu yarondera mu mukazana wiwe. Izindi kamere nziza yari afise biboneka ko zari mbere zirengeye kure n’iyo izo Aburahamu yari amwitezeko. Ukwizera kwiwe be n’umutima rugabo yagaragaza mu gukurikiza ubuyobozi bw’Imana be n’umwete wiwe, ukwifata ruto kwiwe be n’ubwakiranyi bwiwe buranga ukuba inda nziza, ni kamere abagore bose bakirisu bakwiye kwigana. Izo ni zo kamere Yehova ubwiwe aba arondera mu mugore w’intangakarorero vy’ukuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika