Gushinga intahe akaryo kizanye muri Megizike mu cibare bavuga icongereza
IGIHE intumwa Paulo yari arindiriye abo bari gufatanya urugendo rubashikana i Atenayi, yaraboneyeho akaryo ko gushinga intahe akaryo kizanye. Bibiliya ivuga iti: “Ahārīrira . . . mu kaguriro imisi yose . . . n’abāmusangaho” (Ivyakozwe 17:17). Yezu ari ku rugendo ava i Yudaya aja i Galilaya, yarashinze intahe akaryo kizanye ku Musamariyakazi i ruhande y’iriba (Yohana 4:3-26). Woba ukoresha akaryo kose uronka ukayagira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana?
Mu cibare bavuga icongereza muri Megizike, ni ahantu habereye gushinga intahe akaryo kizanye. Ingenzi ziraza kuratira ijisho ibibanza vyo gusamiramwo akayaga, muri kaminuza hama haje abanyeshure bashasha abandi bakagenda, abanyamahanga bakukurutse bagaca baza kwibera muri Megizike na bo baraja mu busitani be no mu maresitora. Ivyabona vya Yehova benshi bavuga icongereza baracitse abahanga mu vyo gutanguza ibiyago n’abo bantu. Kukaba nkako, bama biteguriye kuyaga n’umuntu uwo ari we wese babona ko ari umunyamahanga canke avuga icongereza. Reka turabe ukuntu babigenza.
Akenshi, Ivyabona baje bava mu bindi bihugu bagasukurira mu cibare aho abantu bavuga icongereza, nta kindi bakora atari ukwidondora ku bantu biboneka ko ari abanyamahanga maze bakababaza iyo baje bava. Ni ivyumvikana ko bituma abo banyamahanga baca babaza ivyo Vyabona ico bariko bakora muri Megizike, maze na bo bagaca baboneraho akaryo ko kubiganira ivyo abakirisu bemera. Nk’akarorero, uwitwa Gloria asukurira mu cibare c’ahitwa Oaxaca kirimwo inkenero nyinshi aho bavuga icongereza, biramworohera cane gutanguza ibiyago muri ubwo buryo. Igihe yariko arataha avuye gushinga intahe ahantu hahurira abantu benshi muri ico gisagara, hari umugabo n’umugore bubakanye bo mu Bwongereza bamuhagaritse. Uwo mugore yavuze ati: “Ndatangaye kubona umugore w’umwirabure muri aya mabarabara y’i Oaxaca!”. Aho gushavuzwa n’ayo majambo, Gloria yaritwengeye, baca batangura kuyaga ku catumye aza muri Megizike. Uwo mugore yaratumiye Gloria i muhira kugira basangire agakawa. Bahejeje guhana isango, Gloria yaramushikirije ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!, ariko nya mugore aranka, avuga ko atemera Imana. Gloria yishuye ko ahimbarwa no kuyaga n’abantu batemera Imana kandi ko yipfuza kumenya ico uwo mugore yibaza ku kiganiro kivuga ngo “Ibibanza vyo Gusengeramwo—Twoba Tubikeneye?”. Uwo mugore yaremeye mu kuvuga ati: “Niwashobora kunjijura, uzoba ukoze ikintu gitangaje”. Mu nyuma baragiraniye ibiyago bishimishije bitari bike mu gihe co gufata ako gakawa. Haciye igihe, abo bubakanye barasubiye mu Bwongereza, ariko barabandanya ibiyago vyabo bakoresheje bwa buhinga bwo gutumatumanako amakuru biciye kuri orodinateri.
Gloria yaratanguye kandi kuyaga n’uwitwa Saron, umunyeshure yaje ava i Washington, D.C., ico gihe aho i Oaxaca akaba yakorana avyishakiye n’abakenyezi b’imvukira z’aho kugira anonosore ivyigwa vyiwe vya kaminuza. Gloria amaze gukeza Saron kubera utwigoro twiwe, yarasiguye igituma ari ngaho muri Megizike. Ivyo vyatumye bagiranira ikiyago ciza ku vyerekeye Bibiliya be n’ivyo Imana izokora, ikaba itazobikorera abakene gusa, yamara ibikorere n’abandi bantu bose. Saron yasobanuye ko vyari bitwengeje kubona igihe yari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika atari bwigere ayaga n’Ivyabona, mugabo umuntu babonanye ari bwo bwa mbere muri Megizike akaba ari Icabona ca Yehova! Saron yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, maze atangura kwitaba amakoraniro ya gikirisu adatebaganye.
Abanyamahanga benshi baragendera ibibanza bafatiramwo akayaga vyo ku nkengera z’ibiyaga muri Megizike, barondera ahantu hameze nk’iparadizo. Uwitwa Laurel afatira kuri ico cipfuzo kugira ngo atangure kuyaga n’abantu baba i Acapulco, mu kubabaza nimba i Acapulco ari ho hantu harusha iyo baje bava gusa n’iparadizo be n’ico bahashimira. Aca asigura yuko vuba uyu mubumbe wose ugiye kuba iparadizo nya paradizo. Kuganira muri ubwo buryo n’umukenyezi umwe w’Umunyakanada bahuriye mu biro vy’umuganga w’ibitungwa, kwaratumye uwo mukenyezi yiga Bibiliya. Gutanguza ibiyago nk’ukwo, kwoba gushobora kuba ngirakamaro aho iwanyu?
‘Mu mabarabara be n’ahantu hakunda guhurira abantu benshi’
Akenshi umuntu ari mu mabarabara be n’ahantu hakunda guhurira abantu benshi, atanguza ibiyago mu kubaza ati: “Mwoba muvuga icongereza?”. Abanyamegizike benshi barazi icongereza kubera akazi bakora canke kubera bigeze kuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Hari umugabo n’umugore bubakanye b’Ivyabona begereye umukenyezi umwe ageze mu zabukuru ari ku gakinga k’ibimuga ariko arasunikwa n’umuforomakazi. Barabajije uwo mukenyezi ko yoba avuga icongereza. Yishuye ko akivuga kubera yuko yamaze imyaka myinshi aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yaremeye kwakira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!, akaba atari bwigere abisoma, ababwira ko yitwa Consuelo, aranabaha aderese yiwe. Igihe baza kumuraba kuri ya aderese haheze imisi ine, basanze aba mu kigo babungabungiramwo abageze mu zabukuru kirabwa n’ababikira b’Abagatolika. Ubwa mbere, vyaragoranye kubonana na Consuelo kubera ko abo babikira bagize amakenga bavuga ko Consuelo adashobora kubakira. Abo bubakanye barasavye bashimitse ba babikira kumenyesha Consuelo ko baje kumuraba kugira bamuramutse. Consuelo yaciye abaha ikaze. Kuva ico gihe, uwo mukenyezi w’imyaka 86 arinovora inyigisho ya Bibiliya naho nyene ba babikira bavuga amajambo yerekana ko babibona nabi. Ikindi, yaritavye amakoraniro amwamwe ya gikirisu.
Mu Migani 1:20 havuga hati: “Bgenge arangururira ijwi mu nzira; ashira ijwi hejuru ahiyaguye”. Raba ingene ivyo vyashitse ahantu hagendera abantu benshi i San Miguel de Allende. Umusi umwe hakiri kare mu gitondo, uwitwa Ralph yaregereye umugabo umwe ahumuye yari yicaye ku ntebe ndende. Uwo mugabo yaratangaye cane kubona ahabwa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! bituma yiganira Ralph kahise kiwe.
Yari umusirikare yarwanye muri ya ntambara yo muri Viyetinamu afise intimba mu mutima bitumwe n’uko yabonye abantu benshi bapfa igihe yari mu gisirikare. Yari yakuwe ku rugamba arungikwa mw’ikambi. Muri iyo kambi yashinzwe igikorwa co kwoza ibiziga vy’abasirikare abitegura kugira ngo birungikwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ubu haheze imyaka 30, aracasinzikazwa no kwama yarose ibintu bibi yabonye be no kwumva afise ubwoba bwinshi. Muri ico gitondo, igihe yari yicaye aho hantu, yariko asenga mu gacerere asaba icomufasha.
Uwo muntu yahoze mu gisoda yaremeye kwakira ivyo bisohokayandikiro be n’ubutumire bwo kuza ku Ngoro y’Ubwami. Ikoraniro riheze, yavuze yuko mu masaha abiri yamaze mu Ngoro y’Ubwami yagize amahoro atari bwigere agira muri iyo myaka 30. Uwo mugabo yari yaje kumara i San Miguel de Allende amayinga nk’angahe, ariko akaba yarahimbawe no kwiga Bibiliya akatari gake yongera aritaba amakoraniro yose gushika asubire i muhira. Haragizwe intunganyo z’uko abandanya inyigisho yiwe.
Gushinga intahe akaryo kizanye ku kazi no kw’ishure
Ku kazi, woba umenyesha ko uri Icabona ca Yehova? Uwitwa Adrián akaba ajejwe gupangisha amazu ku baza mu karuhuko i Cape San Lucas arabigira. Ico vyavuyemwo, uwo bikorana yitwa Judy aracigana ati: “Mu myaka itatu gusa iheze, uwari kumbwira ko nobaye icabona ca Yehova, nari kwishura nti: ‘Naho hoba mu myaka umuliyoni!’. Ariko narafashe ingingo yo gusoma Bibiliya. Niyumvira nti: ‘Ntibizongora kubera ko nkunda gusoma’. Emwe, maze gusoma nk’impapuro zitandatu gusa, naratahuye ko nkeneye uwomfasha. Nta wundi muntu nabona ko yoshoboye kumfasha atari uwo dukorana yitwa Adrián. Narashima kuganira na we kubera ko ku kazi ari we muntu wenyene w’intungane vy’ukuri”. Bidatevye Adrián yaramusavye ko bozanana n’uwo yari areheje yitwa Katie, hanyuma barishura ibibazo vyose Judy yari afise. Katie yaratanguye kwigana Bibiliya na we kandi ntiyatevye kuba Icabona ca Yehova yabatijwe.
Bite hoho ku vyerekeye ugushinga intahe akaryo kizanye kw’ishure? Hari Ivyabona babiri bariko bariga igisupanyoli kuri kaminuza, ariko umusi umwe barasiba ivyigwa kuko bari bitavye iteraniro rya gikirisu. Basubiye kw’ishure, barasabwe kuvuga mu gisupanyoli ico bariko barakora. Baraboneyeho akaryo ko gushinga intahe uko bashoboye kwose muri urwo rurimi. Umwigisha wabo Silvia yarashimishijwe cane n’ubuhanuzi bwa Bibiliya. Yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya mu congereza kandi ubu akaba ari umwamamaji w’inkuru nziza. Abatari bake bo mu muryango wiwe na bo nyene bariko bariga Bibiliya. Silvia avuga ati: “Narubuye ico narondera mu buzima bwanje bwose”. Emwe, ugushinga intahe akaryo kizanye birashobora kwama ivyamwa utoraba!
Gukoresha utundi turyo
Kuba umwakiranyi birashobora gutanga akaryo ko gushinga intahe. Jim na Gail basukurira i San Carlos i Sonora, basanze ivyo ari ko biri. Hari umugore yariko atembereza imbwa ziwe igihe c’isaha 12 zo mu gitondo yahagaze kugira ngo aratire ijisho imbuga yabo. Jim na Gail baramuhaye ikaze kugira ngo bitange umusase bari kumwe. Mu myaka 60 yari amaze, bwari bwo bwa mbere yumva ivyerekeye Yehova be n’ivyerekeye icizigiro c’ubuzima budahera. Inyigisho ya Bibiliya yaciye itangura.
Uwitwa Andrienne na we nyene afatana ubuntu abantu atazi. Yariko afungurira muri resitora imwe y’i Cancún igihe umwana w’umuhungu yamwegera maze akamubaza ko yoba aturuka muri Kanada. Igihe yishura ko ari yo aturuka, nya muhungu yaramusiguriye ko we na nyina wiwe bariko barafasha mushikiwe gutegura raporo yo kw’ishure ku vyerekeye Abanyakanada. Nyina w’uwo muhungu, akaba avuga icongereza, yaciye ahaseruka. Andrienne ahejeje kwishura abigiranye ukwihangana ibibazo uwo muvyeyi yamubajije ku vyerekeye Abanyakanada, yavuze ati: “Ariko hari imvo ikomeye cane yatumye mva muri Kanada nkaza ngaha. Naje kugira mfashe abantu kumenya ivyerekeye Bibiliya. Woshima nawe kumenya ivyerekeye Bibiliya?”. Uwo mugore yishuye ko yobishima. Hari haciye imyaka cumi ahevye idini yahoramwo akaba yari yaragerageje kwiyigisha Bibiliya. Uwo mugore yarahaye Andrienne aderese ziwe be n’inomero za telefone, maze inyigisho ya Bibiliya ihimbaye iratanguzwa.
‘Nuterere ivyo kurya vyawe ku mazi’
Kubwira abandi ivyerekeye ukuri kwo muri Bibiliya igihe cose akaryo kabonetse, akenshi birashobora gutuma umuntu ashinga intahe ku bantu baronse akaryo gake ko kwumva ubutumwa bw’Ubwami canke mbere batigeze bakaronka. Mu karesitora kamwe gahuriramwo abantu benshi ko mu gisagara ca Zihuatanejo kiri ku kivuko, hari Icabonakazi umwe yahaye ikaze abanyamahanga babiri ngo baze kwicara ku meza yariko, kubera ko ako karesitora kari kakubise karazima. Abo bantu bubakanye bari bamaze imyaka indwi bafata ingendo mu bwato bava aha baja hariya. Baraseruye ukuntu babona nabi Ivyabona vya Yehova. Aho ico Cabona amariye guhura n’abo bubakanye muri ako karesitora, yarabagendeye mu bwato bwabo hanyuma arabatumira i muhira iwe. Barakiriye ibinyamakuru birenga 20 be n’ibitabu 5 bongera bamwemerera kuzorondera Ivyabona nibashika ku kivuko gikurikira.
Jeff na Deb barabonye abagize umuryango umwe bari kumwe n’akana kabo keza k’agakobwa ku kibanza c’uburiro co kw’ihuriro ry’ubudandaji i Cancún. Jeff na Deb bamaze kugira ico bavuze kuri ako kana, abo bavyeyi bako barabahaye ikaze ngo basangire udufungurwa bita pizza. Bahavuye bamenya ko uwo muryango waje uva mu Buhindi. Ntibari bwigere bumva ivyerekeye Ivyabona vya Yehova, canke ngo bakubite n’ijisho ibisohokayandikiro vyacu. Iryo huriro ry’ubudandaji barivuyemwo bafise ibitabu bimwebimwe vy’Ivyabona.
Ikintu gisa n’ico carashitse mw’izinga riri ku nkengera y’ikiyaga ahitwa Yucatán. Hari Umushinwa n’Umushinwakazi bari baherutse kwubakana basavye Jeff kubafotora, na we abigirana umutima mwiza. Yaciye amenya ko, naho bari bamaze imyaka 12 baba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, batari bwigere babona canke bumva ivyerekeye Ivyabona vya Yehova. Baragiraniye ikiyago gishimishije. Jeff yabaremesheje kurondera Ivyabona nibasubira i muhira.
Aho uba hoshobora kuba urubanza rudasanzwe rwotuma uronka ukuntu ushinga intahe akaryo kizanye. Igihe umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagendera umukuru w’igihugu ca Megizike kw’iyororero ryiwe ryari hafi y’i Guanajuato, abamenyeshamakuru bo hirya no hino kw’isi baraje gushikiriza ingene urwo rubanza ruriko ruragenda. Hari umuryango umwe w’Ivyabona wafashe ingingo yo kuboneraho akaryo ko kwamamaza mu congereza. Abantu bavyakiriye neza. Nk’akarorero, hari umumenyeshamakuru yari amaze kuja kurondera amakuru mu ntambara zitari nke, nk’imwe y’i Kosovo n’iyo muri Koweti. Hari uwo bahora bakorana yamupfiriye mu maboko amaze kuraswa n’umuntu yari yinyegeje. Uwo mumenyeshamakuru amenye ivyerekeye izuka, yarakuriye ubwatsi Imana arira kubera ko itumye amenya yuko ubuzima buri n’intumbero. Yavuze ko naho atosubiye kubonana n’abo bubakanye b’Ivyabona, azoshira muri ntibate ubwo butumwa bwiza buvuye muri Bibiliya.
Nk’uko dushobora kubibona, ikiva mu gushinga intahe nk’ukwo, kenshi nta wukimenya. Ariko rero, wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi”. Yongeye kandi ati: “Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ibi cank’ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe” (Umusiguzi 11:1, 6). Emwe, ‘nuterere ivyo kurya vyawe’ ku mazi menshi ubigiranye umwete wongere ‘ubibe imbuto zawe’ wivuye inyuma nk’uko Paulo na Yezu babigize, be n’uko Ivyabona bo mu gihe ca none bo muri Megizike basukurira mu cibare bavuga icongereza bariko barabigira.