Inkuru y’ubuzima
Navuye mu gasho k’umwiza nja mu misozi miremire yo mu Busuwisi
NK’UKO VYAVUZWE NA LOTHAR WALTHER
Inyuma y’imyaka itatu yasa n’iyidahera nari maze mu gasho k’umwiza mu mabohero y’Abakomunisita yo mu Budagi bwo mu Buseruko, nari nshashaye kwigina umwidegemvyo w’akaroruhore no kwongera kubana n’umuryango wanje mu buryo burimwo igishika.
ARIKO rero, sinari niteguriye kubona umuhungu wanje Johannes w’imyaka itandatu andaba ukuraho nk’uwutanzi. Hari haciye ikiringo kingana n’ica kabiri c’imyaka yiwe atabona se wiwe. Kuri we, nari kavantara yuzuye.
Jeho ntivyari vyangendeye nk’umuhungu wanje, nari narabanye n’abavyeyi banje mu buryo burangwa urukundo. Igishika ni co carangwa mu rugo iwacu i Chemnitz mu Budagi aho navukiye mu 1928. Dawe ntiyatinya na gato kuvuga ko adakunda icitwa idini. Yaribuka yuko mu Ntambara ya Mbere y’isi yose, abasoda bitwa ko ari abakirisu bo mu ruhande rumwe wasanga bipfuriza “Noweli nziza” abo mu rundi ruhande ku wa 25 Kigarama, bukeye bagaca basubira kwicana. Kuri we, idini bwari bwo buryo bubi kuruta ubundi bwose bwo kugaragaza uburyarya.
Ukuvunika umutima gusubirirwa n’ukwizera
Igishimishije kuri jewe, ni uko ntigeze ngira akababaro mwene ako. Intambara ya Kabiri y’isi yose yarangiye mfise imyaka 17 y’amavuka, hakaba habuze gato ngo nshirwe mu gisoda ku gahato. Naho ivyo bitanshikiye, narabuzwa amahoro n’ibibazo bivuruga ubwenge, nk’akarorero ‘Ni kubera iki habaye ubwo bwicanyi bungana gutyo? Nokwizigira nde? Noronkera hehe umutekano nyakuri?’. Ubudagi bwo mu Buseruko, ari ho twaba, bwahavuye bwigarurirwa n’Abasoviyeti. Ivyivugo vy’Abakomunisita ari vyo ubutungane, ukungana, ugufashanya be n’imigenderanire irangwa amahoro vyarakwegereye abari bararuhijwe n’intambara. Bidatevye, benshi muri abo bantu b’imitima nziraburyarya bovunitse umutima bimwe bibabaje, ubu hoho bikaba bitoturutse kw’idini, ahubwo biturutse kuri politike.
Igihe nariko ndironderera inyishu zishika ku nyota ni ho mamawacu umwe, akaba yari Icabona ca Yehova, yanyagira ibijanye n’ukwizera kwiwe. Yarampaye igisohokayandikiro gishingiye kuri Bibiliya camvyuriye umutima wo gusoma ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje, ikigabane ca 24 ca Matayo cose uko kingana. Narakozwe ku mutima n’insobanuro zumvikana kandi zijijura zitangwa muri ico gitabu zerekana yuko tubayeho mu “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu” zikongera zikadoma urutoke ku muzi w’ingorane z’abantu.—Matayo 24:3, NW; Ivyahishuriwe 12:9.
Bidatevye, nararonse ibindi bisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova, kandi igihe nariko ndabisoma n’umushasharo mwinshi, naratahuye yuko nubuye ukuri nari maze igihe ndonderana ubwira. Vyari biteye akamwemwe kumenya yuko Yezu Kirisitu yari yarimitswe mw’ijuru mu 1914 be n’uko vuba yokuyeho ibintu vyose bituma haba ukutubaha Imana kugira ngo abantu bagamburuka abazanire imihezagiro. Kuri jewe, ikindi kintu gihambaye namenye cabaye ugutahura neza incungu. Vyaramfashije guhindukirira Yehova Imana mw’isengesho rivuye ku mutima, ndamusaba kumparira ivyaha. Narakozwe ku mutima cane n’akamo karangwa urukundo kari muri Yakobo 4:8 kagira gati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”.
Naho ukwo kwizera nari mperutse kuronka nari ndagufitiye igishika cinshi, abavyeyi banje be na mushikanje babanje kugonanwa kwemera ivyo nababwira. Ariko rero, ivyo ntivyagabanije icipfuzo canje co kwitaba amakoraniro ya gikirisu yagirwa n’umugwi mutoya w’Ivyabona hafi y’i Chemnitz. Naratangaye kubona abavyeyi banje be na mushikanje bamperekeza kw’ikoraniro rya mbere nitavye! Aho hari mu rushana rwo mu mwaka wa 1945 ushira uwa 1946. Mu nyuma, igihe umugwi w’inyigisho ya Bibiliya washingwa aho twaba i Harthau, umuryango wacu waciye utangura kwitaba amakoraniro udahorereza.
‘Ndacari muto’
Kwiga ukuri guhambaye kwo muri Bibiliya no kwifatanya ubudahorereza n’abasavyi ba Yehova vyaramvyuriye umutima wo kwegurira ubuzima bwanje Yehova, maze mbatizwa ku wa 25 Rusama 1946. Naragize umunezero ntangere igihe abo mu muryango wacu na bo nyene batera imbere mu vy’impwemu, mu nyuma bose uko ari batatu bagacika Ivyabona b’abizerwa. Mushikanje aracari umuvukanyikazi w’umunyamwete akukira rimwe mu mashengero y’i Chemnitz. Mawe na dawe barakoreye Imana ari intahemuka gushika ku rupfu rwabo rwashitse umwe mu 1965 uwundi mu 1986.
Haciye amezi atandatu mbatijwe, naciye ntangura gusukura ndi umutsimvyi adasanzwe. Iyo ni yo yabaye intango y’umurimo nakoze mu buzima bwanje bwose “mu gihe gikwiye no mu kidakwiye” (2 Timoteyo 4:2). Bidatevye, harabonetse utundi turyo two kurangura umurimo. Hari hakenewe abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose mu karere ka kure ko mu Budagi bwo mu Buseruko. Jewe hamwe n’uwundi muvukanyi, twarasavye ico gikebere, mugabo niyumvamwo yuko ata tuntu n’utundi nzi be n’uko ntaciye uruma kugira ngo nshobore kurangura ico gikorwa kitoroshe. Kubera yuko nari mfise imyaka 18 gusa, nari mfise inyiyumvo nk’izo Yeremiya yari afise igihe yavuga ati: “Yō, . . . Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto” (Yeremiya 1:6). Naho niyumvamwo yuko ata vyo nshoboye, abavukanyi bahagarikiye igikorwa babigiranye umutima mwiza barafashe ingingo yo kutureka ngo tugerageze. Twaciye rero turungikwa gukorera mu gasagara gatoya ka Belzig, ko muri Leta ya Brandenburg.
Kwamamaza muri ico cibare vyari bigoye cane, ariko vyarandonkeje ukumenyerezwa kw’agaciro. Mu nyuma, abagore benshi batunze cane barakiriye ubutumwa bw’Ubwami maze baracika Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, impagararo yabo yari itandukanye n’imico kama yari yaratsimbataye muri ico kibano co hagati mu gihugu ikaba kandi yari iteye kubiri n’agatima kaharangwa ko kwicura ikintu cose gitandukanye n’ico abantu basanzwe bamenyereye. Abakuru b’amadini b’abagatolika n’ab’abaporotisanti baraturwanije bivuye inyuma bongera baratwagiriza ibinyoma badusiga iceyi, baduhora igikorwa cacu co kwamamaza. Mugabo kubera yuko twizigiye Yehova kugira ngo atuyobore yongere adukingire, twarashoboye gufasha abantu bamwebamwe bari bashimishijwe barakira ukuri.
Ibimenyamenya vy’uko badashaka kuduha umwidegemvyo birushiriza kwongerekana
Mu mwaka wa 1948 nararonse imihezagiro be n’ingorane ntari niteze. Ubwa mbere, nararonse igikebere co kuja gukora ubutsimvyi i Rudolstadt, muri Thuringia. Muri ako karere naramenyanye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi benshi b’abizerwa, nongera ndahimbarwa no kwifatanya na bo. Uwundi muhezagiro ntangere nawuronse mu kwezi kwa Mukakaro kw’uwo mwaka nyene. Narubakanye na Erika Ullmann, umwigeme mukirisu w’umwizerwa kandi w’umunyamwete nari naramenye kuva igihe natangura kwitaba amakoraniro mw’ishengero rya Chemnitz. Twempi twaciye dutangura umurimo w’ubutsimvyi mu gisagara mvukamwo ca Harthau. Ariko rero, mu nyuma Erika ntiyabaye agishobora kubandanya umurimo w’igihe cose biturutse ku ngorane z’amagara no ku zindi mvo.
Ivyo vyari ibihe bigoye ku basavyi ba Yehova. Ubushikiranganji bujejwe ivy’akazi i Chemnitz bwarahagaritse ikarata yanje yo gufatirako ibifungurwa burondera kumpatira guheba igikorwa co kwamamaza maze nkemera akazi ko mw’isi k’igihe cose. Abavukanyi bahagarikiye igikorwa barakoresheje ico kintu canshikiye kugira ngo bagofere urubanza rwo kurondera yuko Leta yotwemera mu buryo buhuye n’amategeko. Ivyo ntivyashobotse, ari co gituma ku wa 23 Ruheshi 1950, bansavye gutanga ihadabu canke kumara imisi 30 mw’ibohero. Twarunguruje urubanza, mugabo sentare nkuru irusubiza inyuma hanyuma ndungikwa mw’ibohero.
Ico kintu cari ikimenyamenya c’uko ukurwanywa be n’amagume bimeze nk’igihuhusi vyari mu kuza. Hataraca n’ukwezi, muri Nyakanga 1950, intwaro y’Abakomunisita imaze gutanguza isekeza ryo kudusiga iceyi mu bimenyeshamakuru, yaciye ibuza ibikorwa vyacu. Bivuye kw’iyongerekana ryacu ryariko riba ningoga na ningoga be no ku mpagararo yacu yo kutagira aho duhengamiye, batwise urwego rw’abatasi ruteye akaga rukukira ibihugu vyo mu Burengero bitari ivy’Abakomunisita, rurangura “igikorwa giteye amakenga” rwinyegeje inyuma y’idini. Ku musi nyene ibuzwa ryacu ryatangazwa, umukenyezi wanje yaribarutse umwana wacu w’umuhungu Johannes, amwibarukira i muhira igihe nari mw’ibohero. Naho umwakirizi yari yankiye abakozi bo mu rwego rw’igihugu rujejwe umutekano kwinjira, barinjiye ku nguvu mu nzu yacu maze bararondera ikimenyamenya co gushigikira ivyagirizo vyabo. Birumvikana yuko ata na kimwe bahasanze cotwagiriza. Ariko rero, mu nyuma barashoboye gushira mw’ishengero umutasi yaza arabaronsa amakuru. Ivyo vyashikanye kw’ihagarikwa ry’abavukanyi bose bahagarikiye igikorwa, harimwo na jewe, muri Gitugutu 1953.
Mu gasho k’umwiza
Tumaze kubwirwa ko twagirwa n’ikosa hanyuma tugacirwa urubanza rwo gupfungwa kuva ku myaka itatu gushika ku myaka itandatu, twarajanywe ahari abavukanyi bacu bamwebamwe mu busho buteye ishishi bwo mu nyubakwa ya Osterstein i Zwickau. Naho muri ako gasho hari habi biteye ubwoba, kwifatanya n’abavukanyi baciye uruma wari umunezero nyakuri. Ukuba ata mwidegemvyo twari dufise ntivyasigura ko ata mfungurwa zo mu vy’impwemu dufise. Naho intwaro yadukengera kandi ikabuza ibikorwa vyacu, Umunara w’Inderetsi warinjira mw’ibohero mu kinyegero, eka mbere ugashika no mu vyumba twari dupfungiwemwo! Uti gute?
Bamwebamwe muri abo bavukanyi bari bashinzwe gukorera aho bacukura ubwoko bw’ibizuku (vyitwa charbon), bakaba barahahurira n’abavukanyi bo hanze bakabaha ivyo binyamakuru. Nya bavukanyi baraheza bakazana ivyo binyamakuru mu kinyegero mw’ibohero, maze bakoresheje amayeri ahambaye, bagashobora kudushikiriza imfungurwa nyinshi z’ivy’impwemu twaba dukeneye. Narahimbawe cane ndongera ndaremeshwa cane no kwibonera ukuntu Yehova atubungabunga kandi akatuyobora muri ubwo buryo!
Mu mpera za 1954, twimuriwe mw’ibohero ry’i Torgau ryari rizwi cane kubera ububi bwaryo. Abavukanyi bari bapfungiwe ngaho barahimbawe no kutwakira. Gushika ico gihe, bari bagumye bakomeye mu buryo bw’impwemu mu kuza barasubiramwo ivyo baba bibuka vyo mu nomero za kera z’Umunara w’Inderetsi. Emwe, bari bashashaye kuronka izindi mfungurwa nshasha zo mu vy’impwemu! Twabwirizwa rero gusangira na bo ivyiyumviro twari twigiye i Zwickau. Mugabo none, ivyo twari kubishobora gute kandi twarabuzwa bimwe bikomeye kuvugana mu gihe twaba turiko turagendagenda ku murango? Urumva, abavukanyi bari baratugiriye inama ngirakamaro z’ukungene twobigenza, kandi ukuboko kwa Yehova kw’ububasha kwaradukingiye. Ivyo vyaratwigishije yuko bihambaye kwiyigisha Bibiliya no kuyizirikanako tubigiranye ubwira igihe dufise umwidegemvyo be n’akaryo ko kubigira.
Igihe co kugira amahitamwo ahambaye
Tubifashijwemwo na Yehova, twagumye dushikamye. Twaratangaye cane igihe bamwebamwe muri twebwe bagirirwa ikigongwe bakarekurwa mu mpera z’umwaka wa 1956. Ntitworonka ukuntu tudondora umunezero twagize igihe inzugi z’ibohero zugururwa! Ico gihe, umuhungu wanje yari afise imyaka itandatu y’amavuka, kandi wari umunezero ntangere kuri jewe gusubira kubonana n’umukenyezi wanje maze nkamufasha kurera umwana wacu. Johannes yamaze igihe kanaka amfata nk’umuntu atazi, mugabo bidatevye ubucuti burangwa igishika bwaratsimbataye hagati yacu.
Muri ico gihe, Ivyabona vya Yehova bo mu Budagi bwo mu Buseruko bariko bahangana n’igihe kigoye cane. Ukuba ubusuku bwacu bwa gikirisu be n’impagararo yacu y’ukutagira aho duhengamiye vyariko birushiriza kurwanywa, vyasigura yuko dutegerezwa kubaho imisi yose duhagaritse umutima, ni ukuvuga kugira ubuzima bwuzuyemwo ingeramizi, amaganya be n’ukudendebukirwa. Kubera ivyo, vyabaye ngombwa yuko twe na Erika dusuzuma twitonze ukuntu ivyacu vyifashe kandi tujanisha n’isengesho, maze tubona yuko bikenewe ko twimuka kugira ngo tube ahantu ibintu birushirije kumera neza kugira ntiturengerwe n’umwitwarariko. Twashaka kuronka umwidegemvyo wo gusukurira Yehova no gushishikara amahangiro y’ivy’impwemu.
Mu mpeshi yo mu 1957, twararonse akaryo ko kwimukira i Stuttgart, mu Budagi bwo mu Burengero. Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza nticari kibujijwe ngaho, ari co gituma twashobora kwifatanya n’abavukanyi bacu ata ngorane. Baradushigikiye bimwe bidasanzwe babigiranye urukundo. Twamaze imyaka indwi mw’ishengero ry’i Hedelfingen. Muri iyo myaka yose, umuhungu wacu yaratanguye ishure yongera aragira iterambere ryiza mu kuri. Muri Nyakanga 1962, naratewe agateka ko kwitaba Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami i Wiesbaden. Muri iryo shure nararemeshejwe kwimukana n’umuryango wanje tukaja gusukurira ahari hakenewe abigisha ba Bibiliya bavuga ikidagi. Aho harimwo uturere tumwetumwe tw’Ubudagi n’utw’Ubusuwisi.
Nja mu misozi miremire yo mu Busuwisi
Ku bw’ico, mu 1963 twarimukiye mu Busuwisi. Twashinzwe gukorana n’ishengero ritoyi ry’i Brunnen, ahari ca Kiyaga c’akaroruhore citwa Lucerne, mu gice co hagati ca ya misozi miremire yo mu Busuwisi. Kuri twebwe, kwari nko kuba mw’iparadizo. Twategerezwa kumenyera ubwoko bw’ururimi rukomoka ku kidagi ruvugwa ngaho, uburyo bwo kubaho bwo muri ako karere, be n’inyifato y’abantu b’aho. Naho twategerezwa kugira ivyo vyose, twarahimbarwa no gukorera be no kwamamaza muri abo bantu bikundira amahoro. Twamaze imyaka 14 i Brunnen. Umuhungu wacu ni ho yakuriye.
Mu 1977, igihe nari mfise imyaka hafi 50 y’amavuka, twararonse ubutumire bwo kuja gukorera kuri Beteli yo mu Busuwisi i Thun. Twabonye yuko ubwo butumire ari agateka tutari twiteze maze turakemera n’ugukenguruka kwinshi. Twe n’umukenyezi wanje twamaze imyaka icenda mu murimo wo kuri Beteli, iyo myaka tukaba tuyibuka nk’ikiringo c’intibagirwa mu buzima bwacu bwa gikirisu be no mw’iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu. Ikindi kandi, twararyoherwa no kwamamaza i Thun no mu turere tubanyi, turi kumwe n’abamamaji bo mu karere twarimwo, tukama nantaryo duhimbarwa n’‘ibikorwa bitangaje’ vya Yehova twabona, na vyo bikaba ari ya misozi miremire y’akaroruhore y’i Berne ifise udusongero dushasheko shelegi.—Zaburi 9:1.
Twongera kwimuka
Ukwimuka kwacu gukurikira kwashitse mu ntango zo mu 1986. Twasabwe kuja gusukura bwa batsimvyi badasanzwe mu cibare kinini cane cakebewe ishengero rya Buchs mu Buseruko bw’Ubusuwisi. Twabwirijwe kwongera kumenyera uburyo bwo kubaho butandukanye n’ubwo twari tumenyereye. Ariko rero, dusunitswe n’icipfuzo co gusukurira Yehova ahantu hose twari kuba kirumara, twaratanguye ico gikebere gishasha maze turaronka imihezagiro ivuye kuri Yehova. Rimwe na rimwe, narakora ndi umucungezi w’ingenzi musubirizi, nkagendera amashengero nkongera nkayaremesha. Imyaka 18 iramaze guhera, kandi twariboneye ibintu vyinshi biteye umunezero mu gikorwa co kwamamaza muri ako karere. Ishengero ry’i Buchs ryarakuze, kandi turahimbarwa no gukoranira mu Ngoro y’Ubwami y’akaroruhore, ikaba imaze imyaka itanu yeguriwe Yehova.
Yehova yaratubungabunze abigiranye ubutanzi bwa cane. Imyaka myinshi yo mu buzima bwacu twayimaze turi mu busuku bw’igihe cose, yamara nta kintu na kimwe twigeze dukena. Kubona umuhungu wacu, umukenyezi wiwe n’abana babo hamwe n’ingo z’abo buzukuru bacu bagendera mu nzira ya Yehova badahemuka, biradutera umunezero bikongera bigatuma twumva duheze akanyota.
Nsubije amaso inyuma, ndiyumvamwo vy’ukuri yuko twasukuriye Yehova “mu gihe gikwiye no mu kidakwiye”. Ukuba narashishikaye ubusuku bwa gikirisu vyarankuye mu gasho k’umwiza mu mabohero y’Abakomunisita binjana mu misozi miremire y’akaroruhore yo mu Busuwisi. Twe n’umuryango wanje ntitwigeze twicuza na gato.
[Uruzitiro ku rup. 28]
“Abahowe ubusa kabiri kose” bahagarara bashikamye mu gihe c’uruhamo
Mu gihe c’intwaro ya Repubulika Iharanira Demokarasi y’Ubudagi (RDA), iyizwi kandi ko ari Ubudagi bwo mu Buseruko, Ivyabona vya Yehova baragabweko ibitero mu ntumbero yo kubazimanganya bunyamaswa. Amaraporo arerekana yuko Ivyabona barenga 5.000 barungitswe mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho no mu mabohero, bahorwa ubusuku bwabo bwa gikirisu be n’ukutagira aho bahengamiye kwabo.—Yesaya 2:4.
Bamwebamwe muri abo bavuzwe ko ari “abahowe ubusa kabiri kose”. Abashika ku 325 muri bo bari barapfungiwe mu makambi y’itunatuniro be no mu mabohero y’Abanazi. Mu nyuma, mu myaka ya 1950, barakurikiranywe bongera barapfungwa na rwa Rwego rw’igihugu rujejwe umutekano (ari rwo Stasi), rwa Repubulika Iharanira Demokarasi y’Ubudagi. Mbere amwamwe muri nya mabohero yakoreshejwe kabiri: yabanje gukoreshwa n’Abanazi, mu nyuma akoreshwa na rwa Rwego rwitwa Stasi.
Mu myaka icumi ya mbere y’uruhamo rukaze, kuva mu 1950 gushika 1961, Ivyabona 60 bagizwe n’abagabo n’abagore, barapfiriye mw’ibohero biturutse ku gucurwa bufuni na buhoro, ku gufungura nabi, ku ndwara be no ku busaza. Hari Ivyabona 12 bakatiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose, mu nyuma ico gihano kiragabanywa cane gishika ku myaka 15.
Muri kino gihe, mu vyahora ari ibiro bikuru vya rwa Rwego rwitwa Stasi i Berlin, harashizweho ibintu biguma vyerekana imyaka 40 y’uruhamo rwemejwe n’amategeko rwagizwe ku Vyabona vya Yehova bo mu Budagi bwo mu Buseruko. Amafoto be n’inkuru z’ivyashikiye abantu vyerekanwa ngaho, birashingira intahe ata jambo bivuze uburindutsi be n’inkomezi zo mu vy’impwemu vyagaragajwe n’ivyo Vyabona babaye intahemuka mu gihe c’uruhamo rwari rumeze nk’umuriro.
[Ikarata ku rup. 24, 25]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
UBUDAGI BWO MU BUSERUKO
Rudolstadt
Belzig
Torgau
Chemnitz
Zwickau
[Ifoto ku rup. 25]
Ya Nyubakwa ya Osterstein i Zwickau
[Abo dukesha ifoto]
Fotosammlung des Stadtarchiv Zwickau, Deutschland
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari kumwe n’umukenyezi wanje Erika