ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/6 rup. 29
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Icigwa ku vyerekeye ubwibone n’ukwicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Igituma Dawidi Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/6 rup. 29

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Dawidi, umusavyi wa Yehova w’umwizerwa, yemeye ko umukenyezi wiwe Mikali atunga igishusho ca terafimu, canke ikigirwamana, nk’uko bivugwa muri 1 Samweli 19:12, 13?

Nimuze tubanze turimbure mu ncamake ivyabaye bijanye n’ico kintu. Igihe inkuru yerekeye umugambi Umwami Sauli yari afise wo kwica Dawidi yashika kuri muka Dawidi, uno mugore yaciye agira ico akoze adatebaganye. Bibiliya ivuga iti: “Mikali acisha Dawidi mw idirisha, aramwururutsa, na we aca aratemesha, arahunga. Mikali araheza ahitana terafimu [iyo biboneka ko yari ifise umutumba ungana n’uw’umugabo kandi ikaba yari ifise imero nk’iy’umugabo], ayirambika ku buriri, ayishirakw ikijishano c’ubushenza bg’impene mu mutwe, ayorosakw impuzu”. Igihe intumwa za Sauli zaza gufata Dawidi, Mikali yazibwiye ati: “Ararwaye”. Ayo mayeri yaratumye Dawidi aronka akabero, arahunga.—1 Samweli 19:11-16.

Ivyatowe mu bucukuzi vyerekana yuko mu bihe vya kera, ibishusho vya terafimu batabitunga kugira ngo bizokoreshwe mu vyo gusenga gusa, mugabo ko banabitunga kugira ngo bizokoreshwe ku bw’imvo zijanye n’ivy’amategeko. Nka kurya nyene muri iki gihe hakoreshwa icete co kwemeza ko umuntu yeguriwe ikintu, canke agahabwa icete c’iragi gutyo bikaba vyemeje ko atoranye nya kintu, ni na ko ibishusho vya terafimu vyakora kera. Biboneka rero yuko ugutunga terafimu vyashobora mu bihe bimwebimwe guha umukwe uburenganzira bwemewe n’amategeko bwo gutorana ubwatsi busigwa na sebukwe. Ivyo birashobora gusigura igituma mu bihe vy’imbere yaho Rakeli yatwaye ibishusho vya terafimu vya se wiwe be n’igituma se wiwe yabirondeye yivuye inyuma kugira ngo abigarukane. Ico gihe, umunega wa Rakeli ari we Yakobo, ntiyari azi ivyo umukenyezi wiwe yari yakoze.—Itanguriro 31:14-34.

Igihe Abisirayeli bacika ihanga, barahawe ya Mabwirizwa Cumi, irigira kabiri muri yo rikaba ribuza mu buryo butomoye guhingura ibigirwamana (Kuvayo 20:4, 5). Haciye igihe, umuhanuzi Samweli yarerekeje kuri iryo bwirizwa igihe yariko abwira Umwami Sauli. Yavuze ati: “Ubugarariji [ni] co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana [ari vyo “terafimu”, NW]” (1 Samweli 15:23). Ku bw’iyo mvo, ntibiboneka yuko muri Isirayeli terafimu yakoreshwa ku bw’imvo z’ivy’ugutorana. Naho ari ukwo, ubwo buryo bwa kera bw’ukwemera ibintazi bw’Abayuda busa n’ubwabandanije mu ngo zimwezimwe z’Abisirayeli (Abacamanza 17:5, 6; 2 Abami 23:24). Kubona Mikali yaragumanye terafimu mu vyo yari atunze bishaka kwerekana yuko umutima wiwe utari warifatanije akaramata na Yehova. Dawidi ashobora kuba atari azi ivy’ico gishusho ca terafimu canke akaba yakiretse kubera yuko Mikali yari umukobwa w’Umwami Sauli.

Ukuntu Dawidi yabona ivyo kwibanda kuri Yehova we musa kugaragarira muri aya majambo: “Uhoraho a[ra]hambaye, abereye gushimwa cane: n’uw’igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose. Kukw ibigirwamana vy’amahanga vyose ar’ubusa, arik’Uhoraho ni we yaremye amajuru”.—1 Ngoma 16:25, 26.

[Ifoto ku rup. 29]

Irya kabiri muri ya Mabwirizwa Cumi ryabuza guhingura ibigirwamana, nk’iyi terafimu ubona ngaha

[Abo dukesha ifoto]

Yakuwe mu gitabu citwa Ca gihugu ceranda (mu congereza), Imb. II, 1859

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika