ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 21-25
  • Igituma ugucumukura kwose kugiye kurangira vuba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma ugucumukura kwose kugiye kurangira vuba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwiza bwo kwishura ico kibazo
  • Nushimike kuri kamere za Yehova
  • Gutahura kamere ya Yehova iruta izindi
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 21-25

Igituma ugucumukura kwose kugiye kurangira vuba

“Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore”.​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 32:4.

1, 2. (a) Ni kubera iki uha agaciro icizigiro co kubaho ibihe bidahera? (b) Ni igiki gituma abantu benshi batemera Imana idusezeranira ibintu vyiza igitangaza ku bijanye na kazoza?

WOBA ukunda kwiyumvira ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo? Kumbure uriha ishusho uriko urihweza witonze uno mubumbe mwiza igitangaza wongera wiga ivyerekeye ibinyabuzima vy’ubwoko butagira uko bungana biri kuri wo. Canke kumbure uriyumvira ukuntu uzohimbarwa no gufadikanya n’abandi mu kwitwararika isi kugira ngo yose uko ingana ihinduke ahantu habereye ijisho. Canke wokwiyumvira ubuhanga ushobora kuzotsimbataza mu bijanye n’utugenegene, mu vy’ubwubatsi, mu vy’umuziki, kibure mu bindi bintu udashobora kuronkera umwanya mu buzima bwo muri iki gihe usanga budaha umuntu n’akanya ko guhema. Uko bimeze kwose, uraha agaciro icizigiro kijanye no kugira ico Bibiliya yita “ubu[zima] nyakuri”, ni ukuvuga ukubaho ibihe bidahera nk’uko Yehova yari yarabigabiye.​—1 Timoteyo 6:19.

2 Kubwira abandi ibijanye n’ico cizigiro gishingiye kuri Bibiliya birahimbaye kandi ni agateka kadasanzwe, si vyo none? Ariko rero, abantu benshi ntibemera ico cizigiro. Babona yuko ari indoto nsa, ko ari ikintu kidashoboka usanga cemerwa n’abantu bapfa ivyo bemeye. Vyoshobora mbere no kubagora kwemera Imana idusezeranira kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Uti biva ku ki? Kuri bamwebamwe, biva ku kuba hariho ikibi kw’isi. Biyumvira yuko nimba Imana iriho, ikaba ishobora vyose kandi ikaba iri n’urukundo, bitumvikana igituma hari ikibi n’ugucumukura mw’isi. Biyumvira bati: ‘Nta Mana iriho yokwirengagiza ikibi. Nimba na ho iriho, rero si mushoboravyose canke ntitunezwe. Kuri bamwebamwe, kwiyumvira gutyo bisa n’ivyumvikana. Emwe, nta gukeka yuko Shetani yakoranye ubuhanga mu guhuma abantu ubwenge.​—2 Ab’i Korinto 4:4.

3. Ni ikibazo kigoye ikihe dushobora gufasha abantu kuronkera inyishu, kandi ni kubera iki twovuga ko turi n’akaryo kadasanzwe ko kubigira?

3 Kubera yuko turi Ivyabona vya Yehova, turi n’akaryo kadasanzwe ko gufasha abantu bariko barazimizwa na Shetani be n’ubwenge bw’iyi si (1 Ab’i Korinto 1:20; 3:19). Turatahura igituma abantu benshi batemera imihango yo muri Bibiliya. Muri make, ntibazi Yehova. Bashobora kuba batazi izina ryiwe canke ico risobanura, kandi ushobora gusanga bazi bike cane canke ata co bazi namba ku bijanye na kamere ziwe be n’ukuntu ari Imana yama ishitsa ivyo isezerana. Ni agateka kuba tuzi ivyo vyose. Ni vyiza ko rimwe na rimwe tuza turasubira kwihweza ingene twofasha abantu usanga “ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza” kugira ngo baronke inyishu yerekeye kimwe mu bibazo bigoye kuruta ibindi abantu bibaza, na co kikaba ari iki: “Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi n’ugucumukura?” (Abanyefeso 4:18). Ubwa mbere, turaza kurimbura ukuntu dushobora kwishura ico kibazo mu buryo kirumara. Mu nyuma, turaza guca irya n’ino ingene kamere za Yehova zigaragarira mu kuntu yavyifashemwo ku bijanye n’ikibazo cerekeye ikibi.

Uburyo bwiza bwo kwishura ico kibazo

4, 5. Ni igiki twokenera kubanza kugira igihe hari umuntu atubajije igituma Imana ireka abantu bagacumukura? Sigura.

4 Igihe hagize uwutubaza igituma Imana ireka abantu bagacumukura, tuvyifatamwo gute? Twoshobora kumbure guca dutangura kumusigurira ido n’ido ibijanye n’ico kibazo, duhereye ku vyabaye mw’itongo ry’i Edeni. Mu bihe bimwebimwe, ivyo vyoshobora kuba bibereye. Ariko rero, hari ikintu dukwiye kuraba neza. Hari igihe vyokenerwa ko umuntu abanza gushinga umushinge wo kwubakirako (Imigani 25:11; Ab’i Kolosayi 4:6). Reka twihweze ibintu bitatu bishingiye ku Vyanditswe twoshima kubanza gukora tutarandira imbere yo kwishura ico kibazo.

5 Ubwa mbere, nimba uwo muntu avurugwa ubwenge cane n’igituma ikibi ciganje mw’isi, hari igihe wosanga we ubwiwe canke abiwe barakorewe ikibi. Hari igihe vyoba biranga ubukerebutsi rero uciye ubanza kugaragaza ko umufitiye impuhwe vy’ukuri. Intumwa Paulo yahanuye abakirisu ati: “Murirane n’abarira” (Abaroma 12:15). Kugaragariza uwo muntu impuhwe, canke kugaragaza ko ‘tumubabaye’, vyoshobora kumukora ku mutima (1 Petero 3:8). Igihe atahuye yuko tumwitwararika, biroroha cane ko atega yompi ivyo tumubwira.

6, 7. Ni kubera iki vyoba bibereye ko dukeza umuntu w’inziraburyarya abajije ikibazo kimuvuruga ubwenge kijanye n’ivy’impwemu?

6 Ubugira kabiri, twoshobora gukeza uwo muntu w’inziraburyarya kubona yabajije ico kibazo. Abantu bamwebamwe biyumvira yuko kuba bibaza mwene ivyo bibazo vyerekana ko batizera Imana canke ko batayubaha. Ushobora gusanga mbere ivyo ari vyo umukuru w’idini munaka yababwiye. Ariko rero, kubaza mwene ivyo bibazo ntivyama vyerekana ko umuntu atizera Imana canke ko atayubaha. Kanatsinda, hari n’abantu b’intahemuka bo mu bihe vya Bibiliya babajije ibibazo bisa n’ivyo. Nk’akarorero, umwanditsi wa Zaburi Dawidi yabajije ati: “N’iki gitumye uhagarara kure, Uhoraho we? N’iki gitumye wihisha mu bihe vy’amarushwa?” (Zaburi 10:1). Umuhanuzi Habakuki na we yabajije ati: “Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’umuryano uriho, nawe ntuwunkize? N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’inzigo? Kuk’ubugesera n’umuryano bir’imbere yanje, hakaba n’imitongano, kandi havyutse n’ibihāri”.​—Habakuki 1:2, 3.

7 Abo bari abagabo b’intahemuka bubaha cane Imana. None Imana yoba yarabakariye kubera ko babajije ivyo bibazo vyabavuruga ubwenge? Ahubwo riho, Yehova yabonye ko bibereye yuko ivyo bibazo babajije babikuye ku mutima vyandikwa mw’Ijambo ryiwe. Muri iki gihe, umuntu arajwe ishinga n’igituma ikibi ciraye ashobora kuba mu vy’ukuri afise inzara yo mu buryo bw’impwemu, akaba yipfuza cane kuronka inyishu zishobora gutangwa na Bibiliya gusa. Niwibuke yuko Yezu yavuze neza abantu bafise inzara yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga “abazi ko bakeneye ivy’impwemu” (Matayo 5:3, NW). Ese ukuntu ari agateka gufasha mwene abo bantu kwironkera ka gahimbare Yezu yasezerana!

8. Ni inyigisho izihe zivuruga umutwe zatumye abantu biyumvira yuko Imana ari yo ituma bacumukura, kandi twofasha gute abantu biyumvira gutyo?

8 Ubugira gatatu, hari aho vyokenerwa ko dufasha uwo muntu kubona yuko Imana atari yo itera ubukozi bw’ikibi bwiganje mw’isi. Abantu benshi bigishwa yuko Imana ari yo iganza iyi si tubayemwo, ko yatwandikiye kuva kera akantu kose kadushikira mu buzima, be n’uko iri n’imvo umuntu adashobora kumenya canke gutahura zituma iteza umuryango w’abantu amarushwa. Izo nyigisho ni iz’ikinyoma. Zirateza urubwa Imana kandi zigatuma iboneka ko ari yo yobazwa ubukozi bw’ikibi n’ugucumukura birangwa mw’isi. Twoshobora rero gukoresha Ijambo ry’Imana kugira ngo dutunganye canke tugorore izo nyigisho (2 Timoteyo 3:16). Yehova si we mutware w’iyi si yononekaye. Ahubwo nyabuna umutware wayo ni Shetani wa Mubesheranyi (1 Yohana 5:19). Yehova ntiyandika imbere y’igihe ibizoshikira ibiremwa vyiwe bifise ubwenge; kimwe cose muri vyo aragiha umwidegemvyo be n’akaryo vyo kwihitiramwo gukora ikibi canke iciza, ikibereye canke ikitabereye (Gusubira mu vyagezwe 30:19). Yehova ntiyigera na rimwe atuma haba ubukozi bw’ikibi; arabwanka akongera akitwararika abantu bacumukura ata co bazira.​—Yobu 34:10; Imigani 6:16-19; 1 Petero 5:7.

9. Ni ibikoresho ibihe wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” yaturonkeje kugira ngo dufashe abantu gutahura igituma Yehova Imana areka abantu bagacumukura?

9 Umaze gushinga uwo mushinge, woshobora gusanga uwo muyaga yiteguriye kumenya igituma Imana ireka abantu bakabandanya gucumukura. Kugira ngo wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” abigufashemwo, yaratanze ibikoresho bitari bike (Matayo 24:45-47). Nk’akarorero, kuri rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” ryabaye mu mwaka wa 2005 ushira uwa 2006, harasohowe agapapuro k’inkuru nziza gafise umutwe uvuga ngo Ugucumukura kwose kugiye kurangira. Nimba ako gapapuro k’inkuru nziza kaboneka mu rurimi rwawe, ubona gute urondeye kumenya neza ibikavugwamwo? Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? na co, ikiboneka ubu mu ndimi 157, kirimwo ikigabane kivuga gusa ivy’ico kibazo gihambaye. Nukoreshe cane ivyo bikoresho. Birasigura mu buryo butomoye vyishimikije Ivyanditswe ingene vyagenze kugira ngo muri Edeni havyurwe ca kibazo cerekeye uwukwiye kuba Segaba w’ibiriho vyose, be n’icatumye Yehova arondera gutorera inyishu ico kibazo mu buryo dusanzwe tuzi. Niwame kandi wibuka yuko igihe uba uriko uganira n’umuntu kuri ico kibazo, uba uriko uramufasha kuronka ubumenyi buhambaye kuruta ubundi bwose bubaho. Ubwo bumenyi ni ubwerekeye Yehova na kamere ziwe z’agahore.

Nushimike kuri kamere za Yehova

10. Ni igiki gituma abantu benshi bibagora gutahura igituma Imana ireka abantu bagacumukura, kandi ni ibintu ibihe vyobafasha baramutse babimenye?

10 Igihe ufasha abantu gutahura igituma Yehova yaretse abantu ngo bitegeke bayobowe na Shetani, nugerageze gushimika kuri kamere z’agahore za Yehova. Abantu benshi barazi ko Imana ifise ububasha. Nakare bakunze kwumva Imana yitwa Mushoboravyose. Ariko rero, vyoshobora kubagora gutahura igituma idakoresha ubwo bubasha bwayo bukomeye kugira ngo ikureho akarenganyo n’ugucumukura buno nyene. Bashobora kuba badatahura izindi kamere za Yehova, nk’ubweranda, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo. Yehova aragaragaza izo kamere mu buryo butagira agahaze kandi buri ku burimbane. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Igikorwa ciwe n’agahore” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Ushobora gute gushira ahabona kamere za Yehova mu gihe wishura ibibazo bikunda kubazwa ku bijanye n’igituma Imana ireka abantu bagacumukura? Reka twihweze uburorero bukeyi.

11, 12. (a) Igihe Adamu na Eva bacumura, ni kubera iki Yehova atashobora kubaharira? (b) Ni kubera iki Yehova atazoreka ngo ikibi kibandanye kubaho imyaka yose?

11 Yehova yoba yari gusa guharira Adamu na Eva? Yehova ntiyashobora kubaharira. Adamu na Eva, abari basanzwe batagira agasembwa, bahisemwo gutera akagere ubusegaba bwa Yehova n’ibigirankana, bahitamwo kuyoborwa na Shetani. Ntibitangaje kubona ata kintu na kimwe abo bagarariji bakoze cerekana ko bigaye. Ariko rero, igihe abantu babajije igituma Yehova atabahariye, mu vy’ukuri bashobora kuba bariko bibaza igituma Yehova ataciye amera nk’uworosha ingingo mfatirwako ziwe akemera ko icaha n’ubugarariji bibandanya kubaho. Inyishu y’ico kibazo irafitaniye isano na kamere imwe iri mu bintu nyamukuru biranga uko Yehova ameze, iyo na yo ikaba ari ubweranda.​—Kuvayo 28:36; 39:30.

12 Bibiliya irashimika ku bweranda bwa Yehova incuro amajana n’amajana. Ariko rero, birababaje kubona abantu bake muri ino si yononekaye ari bo batahura iyo kamere. Yehova ntahumanye, aratyoroye kandi yitandukanije n’icitwa icaha cose (Yesaya 6:3; 59:2). Yehova ntazoreka ngo icaha kibandanye kubaho imyaka yose, ahubwo riho yaratunganije uburyo bwo kugihongera kugira ngo agikureho. Mu gihe Yehova yoshima kureka icaha ngo kibandanye ibihe bidahera, nta cizigiro ca kazoza twoheza tukagira (Imigani 14:12). Igihe Yehova yashinze kigeze, azotuma abo yaremye bose basubirana ubweranda. Ivyo ntibizobura gushika kuko ari vyo Umwe Mweranda agomba.

13, 14. Ni kubera iki Yehova yahisemwo kudaca yica ba bagarariji bo muri Edeni?

13 Yehova yoba yari gukuraho gusa abo bagarariji bo muri Edeni maze agasubira gutunganya ibintu kundi gusha? Nta gukeka ko yari afise ububasha bwo kubigira. Mbere vuba agiye gukoresha ubwo bubasha kugira ngo akureho abanyakibi bose. Hari abashobora kwibaza bati: ‘Ni kubera iki none ivyo atabigize igihe hari hakiri abacumuzi batatu gusa kw’isi no mw’ijuru? Ivyo none ntivyari gutuma icaha be n’amarushwa yose tubona mw’isi bidakwiragira?’. Ni kubera iki none Yehova atahisemwo kubigenza gutyo? Mu Gusubira mu vyagezwe 32:4 hagira hati: “Inzira ziwe zose ziragororotse”. Yehova ariyumvamwo cane ubutungane. Kukaba nkako, “Uhoraho akunda imanza ziroranye”, ni ukuvuga ubutungane (Zaburi 37:28). Kubera ko Yehova akunda ubutungane, yashimye kudaca yica abo bagarariji bo mw’itongo ry’i Edeni. Kubera iki none yavyifashemwo gutyo?

14 Ubugarariji bwa Shetani bwaravyuye ikibazo ku bijanye n’uburenganzira Imana ifise bwo kugaba no kuganza. Ubutungane bwa Yehova bwasavye yuko ikirego ca Shetani gitorerwa inyishu ishingiye ku butungane. Naho abo bagarariji bari babereye guca bicwa buno nyene, ivyo ntivyari gutuma iyo nyishu ishingiye ku butungane iboneka. Ni ivy’ukuri yuko ivyo vyari gutanga ikindi kimenyamenya c’ububasha buhebuje Yehova afise. Yamara ikibazo cari cavyuwe nticari kijanye n’uko Yehova yoba afise canke adafise ububasha. N’ikindi kandi, Yehova yari yarabwiye Adamu na Eva umugambi yari afise. Borondotse bakuzura isi, bakayigaba, bakongera bakaganza ivyaremwe vyose biri kuri yo (Itanguriro 1:28). Iyo Yehova akuraho gusa Adamu na Eva, umugambi yari yaravumereye werekeye abantu wari kuba ugwijwe n’ubusa. Ubutungane bwa Yehova ntibwari gukunda ko bigenda gutyo, kuko umugambi wiwe wama nantaryo uranguka.​—Yesaya 55:10, 11.

15, 16. Twoshobora gute gufasha abantu igihe batanze ivyiyumviro ku bijanye n’ukuntu bo babona ingene ca kibazo cavyurwa muri Edeni cari “gutorerwa umuti”?

15 Mu bariho bose, hoba hari n’umwe yari gushobora gutorera umuti ubwo bugarariji akoresheje ubukerebutsi buruta ubwo Yehova yakoresheje? Abantu bamwebamwe boshobora gushikiriza ivyiyumviro vy’ukuntu bo babona ingene bwa bugarariji bwaba muri Edeni bwari “gutorerwa umuti”. Ariko none mu gihe bashikirije ivyo vyiyumviro, ntibaba bariko bamera nk’abavuga yuko bari kwiyumvira ubundi buryo burushirije kuba bwiza bwo gutorera umuti ico kibazo? Ivyo boshobora kubigira batabitumwe n’imvo mbi, ahubwo babitumwe n’uko badatahura ivyerekeye Yehova n’ubukerebutsi bwiwe buteye akoba. Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu b’i Roma, yarinjiye mu mizi ibijanye n’ubukerebutsi bw’Imana, aravuga n’ibijanye n’“ibanga” ryeranda ryerekeye umugambi wa Yehova wo gukoresha Ubwami burongowe na Mesiya kugira ngo acungure abantu b’intahemuka yongere yeze izina ryiwe ryeranda. None Paulo yabona gute ibijanye n’ubukerebutsi bw’Imana yateguye uwo mugambi? Iyo ntumwa yasozereye iryo kete mu kuvuga iti: “Imana ifise ubgenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubga Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amen”.​—Abaroma 11:25; 16:25-27.

16 Paulo yaratahura yuko Yehova ari we ‘afise ubwenge wenyene’, ibisobanura yuko kw’isi no mw’ijuru ari we afise ubukerebutsi buhebuje. Mbega, ni nde mu bantu b’abanyagasembwa yoshobora kwiyumvira uburyo bwiza bwo gutorera umuti ikibazo na kimwe kuruta ubwo Yehova yiyumvira, tutarinze kuvuga ca kibazo kigoye kuruta ibindi vyose vyigeze kuvyurwa vyasavye ko Imana ikoresha ubukerebutsi bwayo? Turakeneye rero gufasha abantu kugira ngo, cokimwe natwe, bagirire akoba iyo Mana y’“inkerebutsi mu mutima” (Yobu 9:4, NW). Uko turushiriza gutahura ubukerebutsi bwa Yehova, ni ko turushiriza kwizigira yuko uburyo akoresha mu gutorera inyishu ibibazo ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose.​—Imigani 3:5, 6.

Gutahura kamere ya Yehova iruta izindi

17. Kurushiriza gutahura urukundo rwa Yehova bishobora gute gufasha abadatahura igituma Imana ireka abantu bagacumukura?

17 “Imana [ni] urukundo” (1 Yohana 4:8). Mu kuvuga ayo majambo akomeye, Bibiliya irashira ahabona kamere ya Yehova iruta izindi, ikwegera kuruta izindi zose, kandi ihumuriza kuruta izindi zose abavurugwa ubwenge no kubona ubukozi bw’ikibi bwiganje mw’isi. Yehova yarerekanye urukundo mu muce umwumwe wose w’uburyo yakoresheje mu kurondera gutorera umuti amabi yakwezwe n’icaha ashikira abo yaremye. Urukundo ni rwo rwatumye Yehova aha icizigiro uruvyaro runyacaha rwa Adamu na Eva, rutuma abaronsa uburyo bwo kumwiyegereza maze bakagiranira na we ubucuti ari abantu ashima. Urukundo ni rwo rwatumye Imana itanga incungu yotumye abantu bashobora guharirwa ivyaha bimwe bishitse maze bigatuma bashobora kuzobaho ibihe bidahera ari abantu batagira agasembwa (Yohana 3:16). Urukundo kandi ni rwo rwatumye yihanganira umuryango w’abantu, araronsa abantu benshi bashoboka akaryo ko kuvavanura na Shetani maze bahitamwo ko Yehova ababera Segaba.​—2 Petero 3:9.

18. Twatewe agateka ko gutahura ibiki, kandi turimbura iki mu kiganiro gikurikira?

18 Igihe umupasitori umwe yariko ashikiriza ijambo abantu bari bakoraniye hamwe kugira ngo bibuke igitero kimwe ca ba gaterabwoba cigeze kuba kigatikiza inganda, yavuze ati: “Ntituzi igituma Imana ireka ikibi n’ugucumukura bikabandanya kubaho”. Umve nawe ntuze ukuntu bibabaje! Wumva none atari agateka kubona twebwe dutahura ibijanye n’ico kibazo (Gusubira mu vyagezwe 29:29)? Vyongeye, kubera ko Yehova afise ubukerebutsi, akoresha ubutungane kandi akundana, turazi yuko agiye gukuraho vuba ugucumukura kwose. Kukaba nkako, ni na vyo yasezeranye (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’abagiye barapfa mu binjana n’ibindi? Uburyo Yehova yakoresheje kugira atunganye ca kibazo cavyurwa muri Edeni bwoba budatanga icizigiro ku bijanye na mwene abo bantu? Ihibambewe. Urukundo rwatumye na bo nyene agira ico abateguriye biciye kw’izuka. Ivyo ni vyo turimbura mu kiganiro gikurikira.

Wokwishura gute?

• Twokwishura gute umuntu yotubaza igituma Imana ireka abantu bagacumukura?

• Ubweranda bwa Yehova n’ubutungane bwiwe bigaragarira gute mu buryo yafashe ba bagarariji bo muri Edeni?

• Ni kubera iki dukwiye gufasha abantu kugira ngo barushirize gutahura urukundo rwa Yehova?

[Ifoto ku rup. 21]

Nurondere gufasha abavurugwa umutwe no kubona isi irimwo ugucumukura

[Amafoto ku rup. 23]

Ba bantu b’intahemuka Dawidi na Habakuki barabajije Imana ibibazo bitarimwo uburyarya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika