ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 26-30
  • Izuka ryoba atari umugani kuri wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izuka ryoba atari umugani kuri wewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Izuka ni ntakekeranywa
  • Icizigiro c’izuka kiraduhumuriza
  • Icizigiro ufise n’uburyo ubayeho muri iki gihe
  • Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Izuka ni inyigisho igira ico ikora kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ububasha bw’Icizigiro c’Izuka
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Icizigiro c’izuka kivuze iki kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 26-30

Izuka ryoba atari umugani kuri wewe?

“Hazoba ukuzuka”.​—IVYAKOZWE N’INTUMWA 24:15.

1. Ni kubera iki bisa n’uko urupfu ata woruhunga?

“MURI ino si, urupfu n’amakori ni vyo bintu vyonyene umuntu adashobora guhunga”. Ayo majambo, ayanditswe mu 1789 n’umukuru mu vy’intwaro w’Umunyamerika yitwa Benjamin Franklin, bamwebamwe barayikuguye bavuga yuko ari amajambo y’ubwenge koko. Yamara rero, hari abantu benshi b’ingunge bagira ubusuma ku bijanye n’ukuriha amakori. Urupfu rworwo, urugereranije n’amakori, bisa n’uko ata ho umuntu yoruhungira. Nta kintu na kimwe ubwacu twokora ngo amaherezo ntirudushikire. Nta n’umwe rutagera umutwe. Kubera yuko imva rusangi abantu bajamwo iyo bapfuye itigera ihaga, yama idutwara abacu (Imigani 27:20). Naho ari ukwo, zirikana kuri iki ciyumviro gihumuriza.

2, 3. (a) Ni kubera iki urupfu atari ikintu ntahungwa nk’uko abantu benshi bavyiyumvira? (b) Ni ibiki tugiye kwihweza muri iki kiganiro?

2 Ijambo rya Yehova riratanga icizigiro ntakekeranywa c’uko hazoba izuka, maze abapfuye bagasubira kuba bazima. Ico cizigiro si indoto nsa, kandi nta kintu na kimwe kiriho mw’ijuru canke kw’isi gishobora kubuza Yehova kurangura ico cizigiro. Ariko rero, ku bantu bamwebamwe urupfu si ikintu ntahungwa nk’uko benshi bavyiyumvira. Uti kubera iki? Kubera yuko abantu batazwi igitigiri bagize “ishengero ryinshi” bazorokoka wa “mubabaro mwinshi” ugiye kuza (Ivyahishuriwe 7:9, 10, 14). Inyuma y’uwo mubabaro mwinshi, bazobandanya kubaho bafise icizigiro c’ubuzima budahera. Birumvikana rero ko urupfu atari ikintu gitegerezwa kuzobashikira. Vyongeye, ‘urupfu ruzorandurwa’.​—1 Ab’i Korinto 15:26.

3 Turakwiye kwemera tudakeka yuko hazoba izuka, cokimwe n’intumwa Paulo uwavuze ati: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15). Reka twihweze ibibazo bitatu bijanye n’izuka. Ica mbere: Ni igiki gituma ico cizigiro kiba ntakekeranywa vy’ukuri? Ikigira kabiri: Icizigiro c’izuka gishobora gute kuguhumuriza wewe ubwawe? Ikigira gatatu: Ico cizigiro gishobora gute kugira ico gikoze ku buryo ubayeho muri iki gihe?

Izuka ni ntakekeranywa

4. Ni kubera iki izuka ari ikintu nyamukuru mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova?

4 Hariho impamvu zitari nke zituma izuka riba ntakekeranywa. Impamvu nyamukuru ni uko izuka ari ikintu nyamukuru mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova. Niwibuke yuko Shetani yatumye umuryango w’abantu ugwa mu caha, gutyo aba awukwegeye n’ingaruka yaco itari kubura kuwushikira, iyo na yo ikaba ari urupfu. Ni co gituma Yezu yavuze ku vyerekeye Shetani ati: “Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi” (Yohana 8:44). Naho vyagenze ukwo, Yehova yarasezeranye yuko “umugore” wiwe, uwugereranya ishirahamwe ryiwe ryo mw’ijuru, yogize “uruvyaro”, ari rwo rubuto, urwo na rwo rukaba rwokomerekeje ku mutwe iyo “nzoka ya mbere”, ni ukuvuga rugakuraho Shetani ubutagisubira kubaho (Itanguriro 3:1-6, 15; Ivyahishuriwe 12:9, 10; 20:10). Uko Yehova yagiye arahishura intambwe ku yindi umugambi wiwe werekeye Urubuto ari rwo Mesiya, vyaribonekeje yuko urwo Rubuto rworanguye n’ibindi uretse gusa ugukuraho Shetani. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi” (1 Yohana 3:8). Urupfu rwazanywe n’icaha twarazwe na Adamu ni co gikorwa nyamukuru mu bikorwa vyose vya Shetani Yehova yipfuza kubona bisanganguwe bikavaho, biciye kuri Yezu Kristu. Inkuka y’incungu ya Yezu be n’izuka birafise uruhara ruhambaye cane mu bijanye no gusangangura ivyo bikorwa vya Shetani.​—Ivyakozwe n’intumwa 2:22-24; Abaroma 6:23.

5. Ni kubera iki izuka rizoninahaza izina rya Yehova?

5 Yehova afise umwiyemezo wo kuninahaza izina ryiwe ryeranda. Shetani yarasize iceyi izina ry’Imana yongera araremesha ibinyoma. Yarabeshe avuga yuko Adamu na Eva ‘batopfuye’ na mba baramutse bariye ku camwa Imana yari yababujije (Itanguriro 2:16, 17; 3:4). Kuva ico gihe, Shetani yararemesheje n’ibindi binyoma bisa n’ivyo, nka ya nyigisho ivuga yuko muri twebwe hari ikintu kibandanya kubaho iyo dupfuye. Ariko rero, biciye kw’izuka, Yehova azokubitira ahashashe ivyo binyoma vyose. Azogaragaza rimwe rizima yuko ari we wenyene Muzigamyi w’ubuzima kandi ko ari we musa ashobora gutuma umuntu asubira kuba muzima.

6, 7. Yehova yiyumva gute ku bijanye n’ukuzura abapfuye, kandi tuzi gute yuko ukwo ari ko yiyumva?

6 Yehova aripfuza cane kuzura abapfuye. Bibiliya irerekana mu buryo butomoye ukuntu Yehova yiyumva ku bijanye n’ukuzura abapfuye. Rimbura nk’akarorero aya majambo yahumetswe yavuzwe na wa mugabo w’intahemuka Yobu, ayagira ati: “Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’[“igikorwa canje c’agahato”, NW] yose, nkarorēra igihe canje co kurekurwa. Wompamagaye nkakwitaba; wobaye wifuza igikorwa c’amaboko yawe” (Yobu 14:14, 15). None ayo majambo asigura iki?

7 Yobu yari azi ko amaze gupfa yomaze igihe kinaka arindiriye ari mw’itiro ry’urupfu. Ico gihe yakibona ko ari ‘igikorwa c’agahato’, kuko ari igihe yobwirijwe kumara arindiriye kurekurwa agakurwa mu rupfu. Yobu ntiyakeka yuko amaherezo yorekuwe agakurwa mu rupfu. Yaratahura yuko igihe c’uko akurwa mu rupfu coshitse. Kubera iki? Kubera yuko yari azi ukuntu Yehova yiyumva. Yehova yobaye ‘yipfuza’ gusubira kubona umusavyi wiwe w’intahemuka. Ni vyo, Imana irashashaye gusubiza ubuzima abantu bose b’abagororotsi. Yehova azoha n’abandi bantu akaryo ko kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi (Luka 23:43; Yohana 5:28, 29). Ko Imana yipfuza kurangura uwo mugambi, wumva none ari nde yoshobora kuyibuza kubigira?

8. Ni gute Yehova ‘yatanze ikimenyamenya’ cemeza ko icizigiro dufise ku bijanye na kazoza kizoranguka ata kabuza?

8 Izuka rya Yezu ni ikimenyamenya cemeza yuko icizigiro dufise ku bijanye na kazoza kizoranguka ata kabuza. Igihe Paulo yashikiriza insiguro i Atenayi, yavuze ati: “[Imana] yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye” (Ivyakozwe n’intumwa 17:31). Bamwebamwe mu bariko barumviriza Paulo baritwengeye igihe bumva avuga ibijanye n’izuka. Ariko rero, abantu bakeyi muri abo baracitse abizera. Kwumva yuko hariho ikimenyamenya cemeza ico cizigiro bishobora kuba ari vyo vyatumye bipfuza kwumviriza. Igihe Yehova yazura Yezu yari akoze igitangaro gikomeye gusumba ibindi vyose. Yarakuye Umwana wiwe mu rupfu, asubira kuba muzima ari ikiremwa c’impwemu c’inkomezi (1 Petero 3:18). Igihe Yezu yari amaze kuzurwa yari asigaye akomeye gusumba mbere uko yari imbere y’uko aba umuntu. Narirya Yezu adashobora gupfa akaba kandi arushwa ububasha na Yehova gusa, ubu arashoboye kurangura amabanga meza utoraba ashingwa na Se wiwe. Yezu ni we Yehova akoresha mu kuzura abazukira kuba mw’ijuru, kandi ni we azokoresha mu kuzura abafise icizigiro co kuba kw’isi. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]” (Yohana 5:25; 11:25). Mu kuzura uwo Mwana wiwe, Yehova yari atanze ikimenyamenya c’uko abantu bose b’intahemuka bozutse.

9. Inkuru zo muri Bibiliya zerekana gute ko izuka atari umugani?

9 Hariho abantu bazuwe bene umurango barorera kandi birandikwa mw’Ijambo ry’Imana. Bibiliya irimwo inkuru umunani zigana ido n’ido ibijanye n’izuka ry’abantu batandukanye bazukiye kw’isi ari abantu. Ivyo bitangaro ntivyakorewe mu kinyegero, ahubwo vyakorewe ku mugaragaro, akenshi bikaba vyakozwe abantu barorera. Yezu yarazuye Lazaro, uwari amaze imisi ine yarapfuye, ivyo abigira imbere y’ishengero ry’abantu bari bagandaye, akaba ata gukeka yuko muri ryo harimwo n’abo mu muryango wiwe, abagenzi n’ababanyi. Ico kimenyamenya c’uko Yezu yarungitswe n’Imana cari gikomeye cane ku buryo n’abamurwanya mu vy’idini batigeze bahakana yuko yari yazuye Lazaro. Ahubwo riho, baragiye inama yo kwica Yezu be na Lazaro (Yohana 11:17-44, 53; 12:9-11)! Vy’ukuri, turashobora gushira amazinda yuko izuka ari ntakekeranywa. Imana yaraturonkeje inkuru zerekeye izuka ry’abantu batandukanye ryabaye muri kahise kugira ngo ziduhumurize zongere zikomeze ukwizera kwacu.

Icizigiro c’izuka kiraduhumuriza

10. Ni ibiki twokora vyotuma duhumurizwa n’inkuru zerekeye izuka ziri muri Bibiliya?

10 Woba wipfuza guhumurizwa ku bijanye n’urupfu ruduhanamiye? Rimwe mu masoko nyakuri dushobora kuronkeramwo uguhumurizwa, ni inkuru ziri muri Bibiliya zivuga ibijanye n’izuka. Gusoma mwene izo nkuru, kuzizirikanako no kumera nk’uwuzibona mu bwenge birashobora gutuma urushiriza kubona ko icizigiro c’izuka atari umugani (Abaroma 15:4). Izo nkuru si nk’ibitito. Ni inkuru zigana ibintu vyabayeho koko bishikira abantu bameze nkatwe babayeho koko, babaho mu gihe kandondwa no mu turere tubaho koko. Reka twihweze muri make imwe muri izo nkuru, iyo na yo ikaba ari inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye n’umuntu yabaye uwa mbere mu kuzurwa.

11, 12. (a) Ni icago ikihe cashikiye umupfakazi w’i Zarefati, kandi yabanje kuvyifatamwo gute? (b) Nusigure ico Yehova yatumye umuhanuzi Eliya ashobora gukorera uwo mupfakazi.

11 Nugerageze kubona iyi nkuru mu bwenge. Umuhanuzi Eliya aramaze indwi nka zingahe yakiriwe n’umupfakazi w’i Zarefati, uwo muhanuzi akaba arara mu cumba co hejuru co mu nzu y’uwo mupfakazi. Ni igihe c’amarushwa. Akarere uwo mupfakazi abamwo kararembejwe n’uruzuba be na kigoyi. Abantu benshi bariko bicwa n’inzara. Yehova aramaze gukoresha Eliya mu gukora igitangaro kimara imisi itari mike, kugira ngo ahezagire ukwizera uwo mupfakazi aciye bugufi yagaragaje. Hari kabiri na rimwe uwo mupfakazi n’umwana wiwe bakicwa n’inzara, kubera yuko bari basigaranye utwo gufungura rimwe gusa. Ico gihe, Imana yarashoboje Eliya gukora igitangaro ku buryo uwo mupfakazi yaguma aronka ifu n’amavuta. Ariko rero ubu, arashikirwa n’icago. Umwana wiwe ararwara giturumbuka, maze hadaciye n’umwanya agacikana. Ese ukuntu uwo mupfakazi yicwa n’intuntu! Ngo amagorwa ntasiga ayandi, uwo mupfakazi nta mugabo yari afise wo kumufata mu mugongo, none ubu na ho n’akana k’ikinege yari afise karahwereye. Aragira intuntu gushika n’aho ata umwikomo kuri Eliya no kuri Yehova Imana ya Eliya! None uwo muhanuzi aza gukora iki?

12 Eliya ntahambarira uwo mupfakazi kubera ivyo vyagirizo bitari vyo. Ahubwo riho, abwira uwo mupfakazi ati: “Mpa uwo mwana wawe”. Eliya amaze kujana ikiziga c’uwo mwana mu cumba co hejuru, arasenga Imana incuro nka zingahe kugira ngo uwo mwana asubire kuba muzima. Amaherezo, Yehova aragira ico akoze! Iyumvire nawe ukuntu Eliya yumva agize umunezero aravye igikiriza c’uwo mwana akabona atanguye guhema. Uwo mwana arakanura, maze umuravye mu maso ukabona ko ari muzima. Eliya aramanukana uwo mwana akamushira nyina maze akamubwira ati: “Eh’umwana wawe ni muzima”. Emwe, uwo mupfakazi akamwemwe karamusya! Maze avuga ati: “Noneho mmenye k’ur’umuntu w’Imana koko, kandi kw ijambo ry’Uhoraho uvuga ar’iry’ukuri” (1 Abami 17:8-24). Uwo mupfakazi ararushiriza cane kwizera Yehova be n’uwo muserukizi wiwe.

13. Ni kubera iki inkuru yigana ukuntu Eliya yazuye umwana w’umupfakazi iduhumuriza muri iki gihe?

13 Nta gukeka yuko iyo uzirikanye ku nkuru mwene iyo uheza ugahumurizwa cane. Si agaseseshwarumuri, Yehova arashoboye kunesha wa mwansi wacu rupfu! Niwiyumvire umusi hazoba izuka rusangi ry’abapfuye, maze abantu ibihumbi n’ibihumbi bakagira umunezero nk’uwo uwo mupfakazi yagize! No mw’ijuru hazoba umunezero ntangere igihe Yehova azohimbarwa no gukoresha Umwana wiwe kugira ngo azure abantu kw’isi yose (Yohana 5:28, 29). Woba umaze kubura uwawe? Ese ukuntu bihimbaye kumenya yuko Yehova ashoboye gusubiza ubuzima abapfuye kandi ko ivyo azobikora!

Icizigiro ufise n’uburyo ubayeho muri iki gihe

14. Icizigiro c’izuka gishobora kugira ico gikoze gute ku buryo ubayeho?

14 Icizigiro c’izuka gishobora gute kugira ico gikoze ku kuntu ubayeho muri iki gihe? Ico cizigiro kirashobora kugukomeza igihe uba uri mu bintu bigoye, ufise ingorane, uhanganye n’uruhamo canke igihe uba uri mu kaga. Shetani ashaka yuko wotinya urupfu ku buryo uba mpemuke ndamuke. Niwibuke yuko Shetani yabwiye Yehova ati: “Ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe” (Yobu 2:4). Mu kuvuga ayo majambo, Shetani yaratwambitse ibara twese, na wewe urimwo. Vyoba ari vyo none yuko uzoreka gukorera Imana igihe uzoba ugeramiwe? Mu kuzirikana ku cizigiro c’izuka urashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo kubandanya ukora ivyo So wawe wo mw’ijuru agomba.

15. Amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 10:28 ashobora gute kuduhumuriza igihe tuba tugeramiwe?

15 Yezu yavuze ati: “Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubiri muri Gehinomu” (Matayo 10:28). Ntidukwiye gutinya Shetani n’abantu akoresha. Ni ivy’ukuri yuko bamwebamwe muri bo bashobora kuba bafise ububasha bwo kutugirira nabi, mbere n’ubwo kutwica. Naho ari ukwo, ikibi kibishe kiruta ibindi vyose bodukorera ni ic’igihe gito gusa. Yehova arashoboye gukuraho ikibi cose cakorewe abasavyi biwe b’intahemuka, no kubazura akabazura, kandi ivyo ni vyo azokora. Yehova ni we wenyene abereye ko dutinya, tukamugirira akoba bimwe bigera kure, tukongera tukamwubaha. Ni we musa afise ububasha bwo kwaka umuntu ubuzima ubutagisubira kubaho, gutyo akaba ahonereje umubiri n’ubugingo vy’uwo muntu muri Gehinomu. Ariko humura, ivyo si vyo Yehova akwipfuriza (2 Petero 3:9). Kubera icizigiro c’izuka twebwe abasavyi b’Imana dufise, turashobora kwama twiyumvamwo ata makenga ko dutekaniwe. Igihe tuguma turi intahemuka turizigira ko tuzoronka ubuzima budahera, kandi nta kintu na kimwe Shetani n’abakinagizwa biwe bashobora guhindura kuri ivyo.​—Zaburi 118:6; Abaheburayo 13:6.

16. Uburyo tubona ibintu bugira ico bukoze gute ku vyo dushira imbere y’ibindi mu buzima bwacu?

16 Mu gihe icizigiro c’izuka kiba atari umugani kuri twebwe, kirashobora kugira ico gikoze ku kuntu tubona ubuzima. Turatahura yuko “namba turiho, canke namba dupfa, tur’ab’Umwami” Yehova (Abaroma 14:7, 8). Igihe dushinga ibija imbere y’ibindi mu buzima bwacu, turakurikiza rero impanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose” (Abaroma 12:2). Abantu benshi usanga baca ku biti no ku mabuye kugira ngo bahaze ivyipfuzo vyose basanganywe be n’ibindi vyipfuzo bipfa kubadukamwo, canke kugira ngo bashike ku vyo bahahamira vyose. Kubera yuko babona ko ubuzima ari bugufi, usanga biruka inyuma y’ibibanezereza ukamengo nta kindi cizigiro bafise. Mu gihe na ho bitwa ko basenga, usanga ukwo gusenga kwabo kudahuje n’“ivy’Imana igomba . . . bitunganye rwose”.

17, 18. (a) Ijambo rya Yehova ryerekana gute ko mu vy’ukuri ubuzima bw’abantu ari bugufi, ariko Imana itwipfuriza iki? (b) Ni igiki kituvyurira umutima wo gushemeza Yehova ku musi ku musi?

17 Ni ivy’ukuri yuko ubuzima ari bugufi koko. “[Bu]shira vuba, natwe tukaba tugurutse”, kumbure tumaze nk’imyaka 70 canke 80 (Zaburi 90:10). Abantu bamara igihe gito nk’ivyatsi, nk’igitutu gishira, nk’impemu zihumetswe (Zaburi 103:15; 144:3, 4). Naho ari ukwo, umugambi w’Imana ntiwari uw’uko tubaho imyaka mikeyi gusa turiko turakura, turonka ubukerebutsi bunaka twongera tubona utuntu n’utundi, kugira ngo gusa mu nyuma tumare yindi myaka mikeyi tugenda turata inkomezi, turwara, maze amaherezo tugapfa. Yehova yaremanye abantu icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. Bibiliya igira iti: “Yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo” (Umusiguzi 3:11). Imana yoba ari ruburakigongwe ku buryo yodushiramwo ico cipfuzo hanyuma igatuma kidashobora kuranguka? Oya nawe nu! Nakare, “Imana [ni] urukundo” (1 Yohana 4:8). Izokoresha izuka kugira ngo itume abantu bapfuye bashobora kubaho ibihe bidahera.

18 Kubera icizigiro c’izuka, turashobora kugira kazoza katagiramwo amakenga. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kuba abantu bahagarika umutima ku buryo duca ku biti no ku mabuye kugira ngo dushike ku vyo dushoboye gushikako vyose muri iki gihe. Ntidukwiye gukoresha “cane” iyi si iri ku mpfiro (1 Abakorenti 7:29-31, UB; 1 Yohana 2:17). Twebwe ntitumeze nk’abatagira icizigiro nyakuri kubera yuko dufise ingabirano nziza utoraba yo kuba tuzi ko tugumye turi intahemuka kuri Yehova Imana, tuzobaho ibihe bidahera tumutazira twongera twinovora ubuzima. Ku bw’ivyo rero, uko vyogenda kwose, nimuze twame dushemeza Yehova ku musi ku musi, we atuma icizigiro c’izuka kiba ntakekeranywa!

Wokwishura gute?

• Dukwiye kubona gute izuka?

• Ni impamvu izihe zituma icizigiro c’izuka kiba ntakekeranywa?

• Woshobora gute guhumurizwa n’icizigiro c’izuka?

• Icizigiro c’izuka coshobora kugira ico gikoze gute ku kuntu ubayeho?

[Ifoto ku rup. 28]

Yobu yari azi yuko Yehova yipfuza cane kuzura abagororotsi

[Ifoto ku rup. 29]

“Eh’umwana wawe ni muzima”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika