ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/9 rup. 8-10
  • Ingene wotsimbataza ugukunda Imana mu mutima w’umwana wawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wotsimbataza ugukunda Imana mu mutima w’umwana wawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya
  • Akarorero dutanga karagira akosho gakomeye
  • Dufashe abana bacu bamenye Imana
  • Guhitamwo abagenzi
  • Agaciro ko kumenyereza abana
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Ingene mwoha indero umwana wanyu
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/9 rup. 8-10

Ingene wotsimbataza ugukunda Imana mu mutima w’umwana wawe

MURI iki gihe, kugira ngo umuntu atsimbataze ubucuti bwa somambike na Yehova Imana, ni urugamba rutoroshe (Zaburi 16:8). Nk’uko vyari vyarabuwe, tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira”. Abantu benshi ni “abakunda ibibanezereza aho kuba abakunda Imana” (2 Timoteyo 3:1-5, NW). Egome, gukunda Imana ata buryarya ni ikintu vy’ukuri c’imbonekarimwe mw’isi ya kino gihe.

Kugira ngo urukundo umwana akunda Imana rugwire mu mutima wiwe si ikintu gishobora gupfa kwizana. Ugukunda Yehova Imana bitegerezwa gutsimbatazwa mu mitima y’abana bacu. None ivyo twobigira gute?

Uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya

Turashobora gutsimbataza ugukunda Imana mu mitima y’abana bacu nimba imitima yacu ubwayo ibogabogamwo urukundo dukunda Imana (Luka 6:40). Ivyo Bibiliya iravyerekana igihe ivuga iti: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose. Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu”.​—Gusubira mu vyagezwe 6:4-7.

Dushobora gute gutsimbataza ugukunda Imana mu mutima w’umwana wacu? Ubwa mbere, dutegerezwa kubanza kumenya ikiri mu mutima wiwe. Ubugira kabiri, dutegerezwa guserura ibiri mu mutima wacu bwite.

Igihe Yezu Kristu yari mu nzira ija i Emawusi ari kumwe na babiri mu bigishwa biwe, yabanje kubaremesha guserura ivyo bari biteze be n’ivyari bibaraje ishinga. Yezu amaze akanya katari gato abumviriza, ni ho yashoboye gukosora ivyiyumviro vyabo mu kubasigurira Ivyanditswe. Mu nyuma bavuze bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko aravugana natwe?”. Ico kiyago cabaye akarorero kerekana uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya (Luka 24:15-32, NW). None dushobora gute kumenya ukuntu umwana wacu yiyumva?

Abavyeyi bamwebamwe bafise abana ubu bakuze canke bariko baragera mu bigero kandi abo bana bakaba ari intangakarorero mu vy’ukwizera, baherutse kubazwa ku bijanye n’uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya. Nk’akarorero, Glen wo muri Megizike afise abana bane bakuzea, avuga ati: “Guseruriranira akari ku mutima ata guhishanya hagati y’abavyeyi n’abana ntibipfa kwizana. Twe n’umukenyezi wanje twarashize ku ruhande ibintu bidahambaye cane kugira ngo tumarane umwanya n’abana bacu. Igihe bari bageze mu myaka yabo y’ubuyabaga, rimwe na rimwe twaramara umugoroba wose twicaranye na bo, tukaganira ikintu cose caba kibaje mu bwenge. No mu bihe vyo gufungura, biciye ku kwumviriza ibiyago vyabo, twarashobora kumenya ingorane bafise maze tubigiranye umutima mwiza tugakosora impengamiro mbi baba bagaragaje, akenshi ivyo bikaba batabiciye n’ikanda”.

Uguseruriranira akari ku mutima ata guhishanya birimwo kandi no guserura ibiri mu mutima wacu bwite. Yezu yavuze ati: “Umuntu mwiza asohora ivyiza mw’itunga ryiza ry’umutima wiwe, . . . kuko akanwa kiwe kavuga bivanye n’ibibogaboga mu mutima” (Luka 6:45, NW). Toshiki, uno akaba afise abana batatu bari mu murimo w’igihe cose mu Buyapani, avuga ati: “Nama nababwiye ivyatumye nizera Yehova, ni ukuvuga ukuntu nashoboye kwemera n’umutima wanje wose ko abaho be n’ukuntu ivyanshikiye mu buzima vyatumye njijuka ko Bibiliya ari iy’ukuri kandi ko ari yo ishobora kuyobora umuntu mu buzima bwiwe kuruta ikindi cose”. Cindy wo muri Megizike avuga ati: “Umunega wanje yama asenga ari kumwe n’abana bacu. Igihe baba bumvise amajambo avuga ayakuye ku mutima, baca bamenya ko Yehova atari umugani”.

Akarorero dutanga karagira akosho gakomeye

Ikintu gihambaye mbere kuruta amajambo tuvuga ni ukuntu twigenza mu buzima bwacu, kubera ko vyereka abana bacu ingene urwo dukunda Imana rungana. Abantu bihweza ukuntu Yezu Kristu yagamburukira Yehova barashobora kumenya ingene urwo yakunda Imana rwangana. Yezu yavuze ati: “Kugira ngo isi imenye ko nkunda Data, nk’uko nyene Data yantegetse gukora, ni ko nkora”.​—Yohana 14:31, NW.

Gareth, uno akaba ari Icabona ca Yehova aturuka mu gihugu ca Galles, avuga ati: “Abana bacu bategerezwa kubona ko dukunda Yehova kandi ko tugerageza gukora ibintu nk’uko agomba. Nk’akarorero, abana banje barabona ko kubera yuko ngamburuka ivyo Imana itubwira, niyemerera amakosa yanje. Ubu rero abo bana baragerageza kubigenza gutyo nyene”.

Greg wo muri Ositaraliya, avuga ati: “Twipfuza ko abana bacu babona yuko ubuzima bwacu tubushingira ku kuri. Igihe twaba dufashe ingingo zijanye n’ivyo twokora canke udukino twokina, twabanza kwihweza ko bitazogira ico bikoze ku bikorwa vyacu vya gikirisu. Ntiworaba ukuntu duhimbawe kubona umukobwa wacu w’imyaka 19 yarakurikiye iyo ngendo mu murimo arangura ari umutsimvyi mufasha”.

Dufashe abana bacu bamenye Imana

Ntidushobora gukunda canke kwizigira umuntu tutazi. Igihe intumwa Paulo yashaka ko abakirisu b’i Filipi barushiriza gukunda Yehova, yabandikiye ati: “Iki ni co nshishikara gusaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwogwira rukanarushiriza kuguma rugwira hamwe n’ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye” (Ab’i Filipi 1:9, NW). Falconerio wo mu gihugu ca Peru, uno akaba areze abana bane, avuga ati: “Gusoma no kwiga Bibiliya ubudahorereza turi kumwe na bo vyarakomeje ukwizera kwabo. Yamara, hari igihe nananirwa kubayoborera inyigisho maze ngatangura kubona urwo bakunda Imana ruyama”. Gary wo muri Ositaraliya agira ati: “Kenshi ndereka abana banje ibintu vyemeza ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka. Ndabereka kandi ivyiza biva mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ukugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango tudahorereza vyarabaye co kintu nyamukuru cakomeje ukwizera kwabo”.

Ubumenyi buzoshikira umutima w’umwana bimwe bishitse, igihe mwiga mu buryo bwisanzuye yamara bwisoneye, butuma inyigisho irangwa n’akanyamuneza (Yakobo 3:18). Shawn na Pauline bo mu Bwongereza, bano bakaba bafise abana bane, bavuga bati: “Mu kiringo c’inyigisho ya Bibiliya y’umuryango, twaragerageza kudakankamira abana bacu no mu gihe baba bakubaganye. Twaza turahindura uburyo twayobora iyo nyigisho. Rimwe na rimwe twarareka abana bakihitiramwo iciyumviro twoshimikirako mu nyigisho. Twarakoresha amavidewo yatunganijwe n’ishirahamwe rya Yehova. Hari igihe twasubiza inyuma igice kinaka c’iyo videwo canke tukabanza kuyihagarika kugira ngo tugire ico tuyivuzeko”. Aho mu Bwongereza nyene hari inabibondo umwe yitwa Kim avuga ati: “Nditegurira inyigisho y’umuryango nitonze kugira ngo nshobore kubaza ibibazo bizosaba ko abana banje biyumvira. Turaryoherwa no kwiga ndetse tukanatwenga cane”.

Guhitamwo abagenzi

Abana bacu barashobora kworoherwa no gutsimbataza ugukunda Yehova be no guha agaciro ugusenga kw’ukuri muri bo, igihe bakikijwe n’abantu bakunda Imana. Gutunganya ivyo kwifatanya n’abagenzi abana bacu bashobora kwungukirako igihe bayaga canke igihe bakina na bo, vyoshobora gusaba utwigoro. Ariko kubigira birahambaye! Vyongeye, birahambaye kurondera uturyo twotuma abana bacu bifatanya n’Ivyabona vya Yehova bashoboye kugira umurimo w’igihe cose wo mwuga wabo mu buzima. Benshi mu bahisemwo iyo ngendo, babigize kubera ukwifatanya n’abasavyi b’Imana b’abanyamwete. Umuvukanyikazi umwe yahavuye aba umumisiyonari avuga ati: “Abavyeyi banje, akatari gake baratumira abatsimvyi kugira ngo dusangire udufungurwa. Vyaragaragara ko bahimbawe cane mu busuku barangura ku buryo naciye nshaka gukorera Imana nk’ukwo nyene”.

Ariko ntiwumve, inyifato z’abana bacu zirashobora kwoshwa, bigatuma bakora iciza canke ikibi. Ingorane ziva ku kwifatanya n’abagenzi babi zica rero zituma bitatworohera gukoresha ubuhanga dufise bwo kurera abana bacu (1 Ab’i Korinto 15:33). Kwigisha abakiri bato ingene bokwirinda kwifatanya n’abantu badakunda Yehova canke batamuzi ni ubuhinga (Imigani 13:20). Shawn, umwe twavuze kare, avuga ati: “Twarigishije abana bacu bakiri bato kugiriranira ubucuti n’abo bigana mu bintu bijanye n’ivyigwa gusa ariko ubwo bucuti bukagarukira aho, ni ukuvuga kw’ishure honyene. Abana bacu baratahuye igituma batari bakwiye kugira uruhara mu bikorwa bigirwa inyuma y’amasaha y’ivyigwa canke mu bindi biringo vyo kwinonora imitsi vyabera kw’ishure”.

Agaciro ko kumenyereza abana

Biciye ku kumenyereza abana bacu gusigura ibijanye n’ukwizera kwabo, tuba tubafashije kugira ngo bahimbarwe n’uguserura urukundo bakunda Imana. Mark, uno akaba aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Twashaka ko abahungu bacu bumva ko bashobora kubwira abandi ivyo bizera igihe ico ari co cose, atari gusa igihe biteguriye kwamamaza ku mugaragaro. Ku bw’ivyo, igihe tugiye ahantu kwisamaza, nk’ahari ibikoko, ku kiyaga canke mu mashamba, tugenda twitwaje amabibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya maze tukayagira ivyo twizera abantu tuhasanga. Abo bahungu bacu barahimbarwa cane no kwifatanya natwe mu gushinga intahe akaryo kizanye muri ubwo buryo. Baragira uruhara muri ivyo biyago kandi bakavuga ibijanye n’ukwizera kwabo”.

Intumwa Yohani, uwari ageze mu zabukuru, yarafashije abantu benshi kurushiriza gukunda Imana. Ku biberekeye yanditse ati: “Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: yuko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri” (3 Yohana 4, NW). Nitwatsimbataza ugukunda Imana mu mitima y’abana bacu, nta gukeka ko tuzogira umunezero nk’uwo intumwa Yohani yagize.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

[Amafoto ku rup. 9]

Guseruriranira akari ku mutima ata guhishanya mu bintu bijanye n’ukwizera ntibipfa kwizana

[Ifoto ku rup. 10]

Nimumenyereze abana banyu guserura urwo bakunda Imana

[Abo dukesha ifoto]

Tuyikesha Green Chimneys Farm

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika