Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 14 Myandagaro
Ururirimbo rwa 23 (200)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nugire ico uvuze kuri raporo y’igihugu n’iy’ishengero ry’iwanyu y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ndamukiza. Hasigaye gusa amawikendi abiri muri Myandagaro, kubera ivyo nuhimirize umwe wese agire uruhara mu busuku imbere y’uko ukwezi guhera. Nusubiremwo urutonde rw’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro muri wikendi.
Imin. 15: “Rwana Intambara Nziza yo Kwizera.” Amajambo y’intangamarara ntarenze umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nukure izindi nsasanuro zivuye mu gitabu Notre Ministère ku rupapuro rwa 44-45, ku vyerekeye ukuntu abarongozi b’Inyigisho z’Igitabu baringaniza umurimo wo mu ndimiro w’imigwi yabo n’ingene bitaho abo bose bakeneye imfashanyo kugira bagire uruhara mu murimo kandi batange raporo badahorereza.
Imin. 18: Ukuntu Ushobora Kwungukira ku Kuja kw’Ishure. Sebibondo umwe araganira n’abana biwe kugira abafashe gutahura igituma ivyigwa vyo kw’ishure ari ngirakamaro. (Raba igitabu Les Jeunes s’interrogent urupapuro rwa 133-139.) Abakiri bato benshi biyumvamwo yuko kuja kw’ishure ari urugamba nya rugamba mu kibano ca kino gihe kitagira ico cibanga. Bumva kandi barambiwe, bagakuraho bavuga yuko ivyo biga ata kintu kinini bizobamarira. Sebibondo arasubiramwo ingingo zo mu Vyanditswe hamwe n’imvo zumvikana zituma biba ibiranga ubukerebutsi kuronka urugero kanaka rw’inyigisho zo mw’ishure. Araremesha abana biwe kwiga neza no gutega yompi mu kiringo c’ivyigwa.
Ururirimbo rwa 15 (127) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 21 Myandagaro
Ururirimbo rwa 16 (143)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nihabe umwerekano wateguwe neza w’ukuntu twokwishura ikibazo kibaza giti: “Ni kuki Imana y’urukundo yoreka ugucumukura kukabandanya igihe kirekire gutya?” (Igitabu Comment raisonner, urupapuro rwa 376-377) Nuremeshe umwe wese kugira uruhara mu busuku muri iyi wikendi.
Imin. 8: “Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe.” Insiguro. Nutangaze igenekerezo ry’iteraniro ridasanzwe ryimirije kuba, nimba rizwi, wongere uhimirize bose kuzoryitaba uwo musi wose. Nuremeshe abamamaji gutumira abaherutse gushimishwa hamwe n’abatohoji ba Bibiliya.
Imin. 25: “Woba Uriko Urironsa Inyungu?” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 26 (212) hamwe n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 28 Myandagaro
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo yo muri Myandagaro. Abarongozi b’Inyigisho z’Igitabu z’Ishengero bakwiye kubaza umwe wese mu bagize umugwi wabo kugira ngo raporo zose zibe zegeranijwe gushika ku wa 6 Nyakanga.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu hamwe n’Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 20: “Amakoraniro Ari n’Ico Yungura Abakiri Bato.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu kirongorwa n’umukurambere. Mu gihe muriko muraganira ku ngingo y’8 nimurimbure ibintu bimwebimwe vy’ingirakimazi bituma umuntu arushiriza gukurikira adasamara mu kiringo c’amakoraniro. (Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nyakanga 1998, urupapuro rwa 19-20.) Nuremeshe abavyeyi gushimika ku vy’uko abana babo bokwitaba amakoraniro badahorereza.—Raba ivyabonywe mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1997, urupapuro rwa 25.
Ururirimbo rw’8 (53) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 4 Nyakanga
Ururirimbo rwa 1 (13)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Inyishu ku Bibazo Vyanyu. Nihagire abamamaji bigana ivyo biboneye igihe bariko barashinga intahe akaryo kizanye igihe bari mu kayira bagana kw’iteraniro ry’intara canke bavuyeyo canke mu kiringo ryari ririko riraba.
Imin. 10: Igihe Cacu Ntigisanzwe. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1996, urupapuro rwa 22-23.
Imin. 20: “Woba Uriko Urihangana?” Insiguro hamwe n’uguhana ijambo n’abumviriji. Nuremeshe bose kuzirikana ku kuntu ubwabo bererwa mu kwerekana ukwihangana mu busuku bwa gikirisu. Igihe intege nke zigaragaye, harakenewe ko twikomeza mu vy’impwemu. Nunyuzemwo insasanuro zivuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1999, urupapuro rwa 30-31, ingingo y’17-21. Nuhe ikaze abamamaji babiri canke batatu bihanganye bakaguma ari abizerwa mu kiringo c’imyaka n’iyindi, bigane ico bariko barakora kugira kibafashe gushishikara.
Ururirimbo rwa 29 (222) n’isengesho ryo gusozera.