ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Umuti Nyawo wo Kuturemurura Umwitwarariko
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Nzero
    • Munsi y’Ingogo

      9, 10. Mu bihe vya kera, ingogo yagereranya iki, kandi ni kuki Yezu yasavye abantu kwishirako ingogo yiwe?

      9 Ngirango wabonye yuko mu majambo yakuwe muri Matayo 11:28, 29, Yezu yavuze ati: “Nimwishireko ingogo yanje, munyigireko.” Muri ico gihe, nyarucari ashobora kuba yiyumva nk’aho ariko akora ari munsi y’ingogo. Kuva mu bihe vya kera, ingogo yamye igereranya ubuja canke ubushumba. (Itanguriro 27:40; Abalewi 26:13; Gusubira mu Vyagezwe 28:48) Benshi mu bakora ku murango Yezu yahura na bo, bakoresha ingogo nyangogo bayitwaye ku bitugu, batwaye imizigo iremereye. Bivuye ku kuntu ingogo yaba ikozwe, yarashobora kworoha ku gikanu no ku bitugu canke igatuma hatuta. Kubera ko Yezu yari umubaji, ashobora kuba yarabaje ingogo, gutyo agashobora kuba yari azi ukuntu yohingura ingogo kugira ngo ‘ntibabaze.’ Kumbure yarazingazingira urushato canke igihuzu ahakora ku mubiri kugira ngo uko bishoboka kwose iyo ngogo ntibabaze uwuyikoresha.

      10 Igihe Yezu yavuga ati: “Nimwishireko ingogo yanje,” ashobora kuba yariko yisanisha n’umuntu atanga ingogo zihinguye neza kandi ‘zitababaza’ igikanu canke ibitugu vy’umukozi. Ni co gituma Yezu yongeyeko ati: “Umutwaro wanje u[ra]hwahutse.” Ivyo vyerekana yuko gukoresha ico giti caba kigize ingogo bitababaza, kandi ko n’ico gikorwa kitari nk’ubuja. Ego ni ko, mu gusaba abamwumviriza ngo bemere ingogo yiwe, Yezu ntiyariko arabaremurura ubwo nyene umukandamizo wose wari ubaremereye muri ico gihe. Ariko rero, ivyiyumviro yashikirije bitandukanye n’ivyo bari bamenyereye, vyobaruhuye cane. Bahinduye uburyo bwabo bwo kubaho be n’uburyo bakora ibintu, na vyo nyene vyobaremuruye. Igihambaye kuruta ni uko icizigiro gitomoye kandi gikomeye cobafashije kugabanya imyitwarariko yo mu buzima.

      Urashobora Kuruhurirwa

      11. Ni kuki Yezu atariko aravuga gusa ivy’uko umuntu afata ingogo akayiguza iyindi?

      11 Urabona yuko Yezu atariko avuga ko abantu bofata ingogo imwe bakayiguza n’iyindi. Roma yogumye itwara ico gihugu, nk’uko intwaro zo muri iki gihe usanga zitwara aho Abakirisu baba. Amakori yo mu kinjana ca mbere yasabwa na Roma ntiyokuweho. Ingorane z’amagara n’iz’ubutunzi zogumyeho. Agasembwa n’icaha vyobandanije gucumukuza abantu. Naho ari ukwo, boruhuriwe bivuye ku kwakira inyigisho za Yezu, nk’uko natwe tuzakiriye dushobora kuruhurirwa muri iki gihe.

      12, 13. Yezu yashize ahabona ibiki vyotuma abantu baruhurirwa, kandi bamwebamwe bavyakiriye gute?

      12 Uburyo bumwe buhambaye bwo gushira mu ngiro ikigereranirizo ca Yezu cerekeye ingogo, bwaserutse ku bijanye n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa. Nta nkeka ko igikorwa nyamukuru ca Yezu kwari ukwigisha abandi, ashimikiye canecane ku Bwami bw’Imana. (Matayo 4:23) Rero, igihe yavuga ati: “Nimwishireko ingogo yanje,” nta gukeka ko ivyo vyarimwo kumukurikira muri ico gikorwa nyene. Inkuru yo mu Njili irerekana yuko Yezu yavyuriye abantu b’inziraburyarya umutima wo guhindura imirimo yabo, ikaba yari ikintu nyamukuru abenshi bitwararika mu buzima. Niwibuke ukuntu yahamagaye Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Yababwiye ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.” (Mariko 1:16-20) Yareretse abo barovyi ukuntu vyobamara akanyota baramutse bakoze igikorwa we yashira imbere mu buzima bwiwe, bakagikora abayobora kandi abafasha.

      13 Bamwebamwe mu Bayuda bamutega amatwi barabitahuye bongera barabishira mu ngiro. Niwihe ishusho ku vyabereye ku nkengera z’ikiyaga dusoma muri Luka 5:1-11. Abarovyi bane bari bacumukuye ijoro ryose ntibafata n’ak’umuti. Bukwi na bukwi, babona insega zabo ziranihiriye! Ivyo ntivyizanye; Yezu ni we yabitumye. Batereje amaso ku nkengera, babona isinzi ry’abantu bashimishwa cane n’inyigisho za Yezu. Ivyo vyarafashije gusigura ivyo Yezu yabwiye abo bane ati: “Uhereye none, [m]uzoroba abantu.” Bavyakiriye gute? “[Bashikanye] amato yabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira.”

      14. (a) Dushobora gute kuruhurirwa muri iki gihe? (b) Ni inkuru nziza iyihe iruhura Yezu yatangaje?

      14 Na wewe ntacokubuza kuvyakira gutyo nyene. Igikorwa co kwigisha abantu ukuri kwa Bibiliya kiracabandanya. Ivyabona vya Yehova nk’imiliyoni zitandatu kw’isi yose baremeye ubutumire bwa Yezu bwo ‘kwishirako ingogo [yiwe].’ Baracitse “abaroba abantu.” (Matayo 4:19) Bamwebamwe babigize igikorwa c’igihe cose; abandi bakabikora uko bashoboye. Bose basanga biruhura, ku bw’ivyo bagaca bagira imyitwarariko mike mu buzima. Birimwo gukora ivyo bakunda, ni ukuvuga kubwira abandi inkuru nziza, na yo ikaba ari “ubutumwa bgiza bg’ubgami.” (Matayo 4:23) Vyama bihimbaye kuganira ivyerekeye amakuru meza, na canecane iyo nkuru nziza. Bibiliya irimwo amayagwa nyamukuru dukeneye kugira ngo tujijure abantu benshi yuko bashobora kugira imyitwarariko mike mu buzima.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

      15. Ushobora gute kwungukira ku nyigisho za Yezu zerekeye ubuzima?

      15 Hari ukuntu n’abantu bagitangura kwiga ivyerekeye Ubwami bw’Imana bungukiye ku nyigisho za Yezu zerekeye uburyo bwo kubaho. Benshi barashobora kuvuga batibesha yuko inyigisho za Yezu zabaruhuye zikongera zikabafasha guhindura ubuzima bwabo. Urashobora kuvyibonera mu kwihweza ingingo ngenderwako zimwezimwe zigenga uburyo bwo kubaho, zavuzwe mu nkuru zerekeye ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku bwiwe, canecane Injili zanditswe na Matayo, Mariko na Luka.

      Inzira Ishikana ku Kuruhurirwa

      16, 17. (a) Ni hehe ushobora gusanga inyigisho nyamukuru zimwezimwe za Yezu? (b) Umuntu akeneye iki kugira ngo aruhurirwe biciye ku gushira mu ngiro inyigisho za Yezu?

      16 Mu rushana rwo mu 31 G.C., Yezu yarashikirije insiguro izwi kw’isi yose gushika no muri iki gihe. Ikunda kwitwa Insiguro yo ku Musozi. Yanditswe muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku c’⁠7 no muri Luka ikigabane ca 6, kandi iraca ku masonga nyinshi mu nyigisho yatanze. Urashobora gusanga izindi nyigisho za Yezu ahandi mu Njili. Vyinshi mu vyo yavuze biroroshe itahura, naho kubishira mu ngiro usanga atari aho gutuma umwana. Ni kuki none utosoma witonze ivyo bigabane ukongera ukabizirikanako? Nureke ububasha bw’ivyo vyiyumviro bugire ico bukoze ku vyiyumviro vyawe no ku nyifato yawe.

      17 Biragaragara yuko inyigisho za Yezu zishobora gushirwa mu migwi itandukanye. Nimuze dushire inyigisho nkurunkuru za Yezu mu migwi kugira ngo ku musi wose w’ukwezi habe imwe wishingira umugambi wo kuyishira mu ngiro mu buzima bwawe. Mu buryo ki? Ntuzitohoze wicira hejuruhejuru. Niwibuke wa mutware w’umutunzi yabajije Yezu Kirisitu ati: “Nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” Igihe Yezu yasubiramwo ibintu ngirakamaro bisabwa mu Vyagezwe vy’Imana, uwo mugabo yasubijeyo yuko yari asanzwe abishitsa. Naho vyari ukwo, yaratahuye ko hari ikindi yari akeneye gukora. Yezu yamusavye kurushiriza kwihata gushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana mu buryo buboneka, mu kuba umwigishwa w’umunyamwete. Bigaragara yuko uwo mugabo atari yiteguriye gushika iyo hose. (Luka 18:18-23) Ni co gituma umuntu ashaka kumenya inyigisho za Yezu muri iki gihe, akeneye kwibuka yuko hariho itandukaniro hagati yo kuzemera no kuzishira mu ngiro, gutyo umuntu akaba yitezuriye imyitwarariko.

      18. Tanga akarorero k’ukuntu ushobora gukoresha uruzitiro rujanye n’iki kiganiro mu buryo ngirakamaro.

      18 Mu gutangura kwihweza no gushira mu ngiro inyigisho za Yezu, tereza akajisho ku ciyumviro ca mbere co ku ruzitiro rujanye n’iki kiganiro. Cerekeza kuri Matayo 5:3-9. Kukaba nkako, umwe wese muri twebwe arashobora kumara akanya azirikana ku mpanuro z’akaroruhore zishikirijwe muri iyo mirongo. Ariko rero, iyo mirongo uyifatiye hamwe, uca ushika ku kihe ciyumviro ku biraba inyifato? Niba vy’ukuri ushaka gutsinda ingaruka z’umwitwarariko urenze urugero mu buzima bwawe, ni igiki cogufasha? Ushobora gute kubaho neza mu gihe worushiriza kwitwararika ibintu vy’impwemu, ukareka bikaba ari vyo wamiza mu bwenge? Mu buzima bwawe, hoba hari ikintu kikuraje ishinga ukeneye kwiremurura, gutyo ugashobora kurushiriza kwitunira ku bintu vy’impwemu? Niwabigira, bizotuma urushiriza kugira agahimbare muri iki gihe.

      19. Ushobora gukora iki kugira ngo urushirize gutahura ibintu?

      19 Ubu na ho nutere iyindi ntambwe. Ni kuki utoganira iyo mirongo n’abandi basavyi b’Imana, kumbure ukayiganira n’uwo mwubakanye, incuti ishika, canke umugenzi? (Imigani 18:24; 20:5) Nugumize mu muzirikanyi ko wa mutware w’umutunzi yagize uwundi abaza, ni ukuvuga Yezu, ikibazo kimwerekeye ubwiwe. Inyishu yaronse yari gushobora gutuma arushiriza kugira icizigiro co kugira ubuhirwe no kuramba. Uwo musangiye ukwemera muganira kuri iyo mirongo, ntazoba angana na Yezu; yamara rero, kuganira ivyerekeye inyigisho za Yezu bizobagirira akamaro mwempi. Nugerageze kubigira mu maguru masha.

      20, 21. Ushobora gukurikiza iyihe porogarama kugira ngo wige ivyerekeye inyigisho za Yezu, kandi ushobora gute gusuzuma iterambere ryawe?

      20 Subira utereze akajisho ku ruzitiro rujanye n’iki kiganiro rufise umutwe uvuga ngo: “Inyigisho zo Kugufasha.” Izo nyigisho ziri mu migwimigwi ku buryo n’imiburiburi ufise inyigisho imwe urimbura ku musi. Ushobora guhera ku gusoma ico Yezu yavuze mu mirongo yatanzwe. Maze, nuzirikane kuri ayo majambo yavuze. Niwiyumvire ukuntu ushobora kuyashira mu ngiro mu buzima bwawe. Ubonye yuko usanzwe ubishira mu ngiro, niwiyumvire ico ushobora kurushiriza gukora kugira ngo ubeho wisunga izo nyigisho z’Imana. Gerageza kuzikurikiza kuri uwo musi. Mu gihe vyosaba kwihata kugira ngo uzitahure canke ubone ukuntu ushobora kuzishira mu ngiro, nusubire umare uwundi musi uziriko. Ariko rero, uragumiza mu muzirikanyi yuko atari ngombwa ko ubanza kuzitahura neza imbere y’uko ubandanya kuzikurikira. Ku musi ukurikira, urashobora kurimbura iyindi nyigisho. Mu mpera y’umushamvu, urashobora kugira isubiramwo ukaraba ukuntu werewe mu gushira mu ngiro inyigisho za Yezu zine canke zitanu. Mu ndwi igira kabiri nuze urongerako izindi, uko umusi utashe. Niwabona gaciyemwo ukadohokerwa ntushire mu ngiro inyigisho yinaka, ntucike intege. Umukirisu wese ivyo bizomushikira. (2 Ngoma 6:36; Zaburi 130:3; Umusiguzi 7:20; Yakobo 3:8) Nubandanye mu ndwi ya gatatu n’iya kane.

      21 Haheze nk’ukwezi, ushobora kuba wahetuye ivyiyumviro vyose uko ari 31. Uko bimeze kwose, bizotuma wumva umerewe gute? Ubwo ntuzosanga hari ukuntu warushirije guhimbarwa, kumbure worohewe gusumba? Naho woba wagize iterambere rito muri ivyo, nta nkeka ko uzokwumva utagifise umwitwarariko ungana n’uwo wahorana, canke n’imiburiburi ukazovyifatamwo neza igihe ufise umwitwarariko, kandi ukaba umenye uburyo bwo kubandanya. Ntiwibagire yuko hariho ibindi vyiyumviro vyinshi vyizavyiza biri mu nyigisho za Yezu ariko bitari kuri uru rutonde. Ni kuki utorondera zimwezimwe muri izo nyigisho maze ukagerageza kuzishira mu ngiro?​—Ab’i Filipi 3:16.

      22. Gukurikira inyigisho za Yezu bishobora gutanga iki, mugabo ni uwundi muce uwuhe dukwiye kwiga?

      22 Urabona rero ko ingogo ya Yezu itababaza koko, naho itabuze uburemere bunaka. Umutwaro w’inyigisho ziwe n’uw’ukuba umwigishwa, urahwahutse. Amaze imyaka irenga 60 avyibonera, intumwa Yohani, wa mugenzi somambike wa Yezu, yemeje ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.” (1 Yohana 5:3) Urashobora kugira icizigiro nk’ico nyene. Uko umara igihe kirekire ushira mu ngiro inyigisho za Yezu, ni ko uzorushiriza kubona yuko ibintu bitera imyitwarariko mu buzima bw’abantu benshi muri iki gihe, hari ukuntu bitaguhagarika umutima cokimwe na bo. Uzosanga waremuruwe bimwe biboneka. (Zaburi 34:8) Ariko rero, hariho uwundi muce w’ingogo itababaza ya Yezu bisaba ko urimbura. Yezu yarongeye aravuga ivy’uko ‘ari umugwaneza kandi yiyoroheje mu mutima.’ Ivyo bijanye gute n’ukuntu twigira kuri Yezu kandi tukamwigana? Turaza kubirimbura mu kiganiro gikurikira.​—Matayo 11:29.

  • “Munyigireko”
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Nzero
    • “Munyigireko”

      “[“Nimwishireko ingogo,” “NW”] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.”​—MATAYO 11:29.

      1. Ni kuki kwiga ivyerekeye Yezu bishobora kuryoha bikongera bikazana akunguko?

      YEZU KIRISITU yamye nantaryo yiyumvira, yigisha yongera akora ibintu mu buryo bubereye. Yamaze igihe gito ngaha kw’isi, mugabo yarinovoye umurimo w’agaciro kandi umara akanyota, vyongeye yagumye ahimbawe. Yaratororokanije abigishwa yongera arabigisha ukuntu bosenga Imana, ukuntu bokunda umuryango w’abantu n’ukuntu botsinda isi. (Yohana 16:33) Yujuje imitima yabo icizigiro kandi ‘ubuzima no kutagipfa abiserurisha ubutumwa bwiza.’ (2 Timoteyo 1:10) Niba uri mu bigishwa biwe, wibaza ko kuba umwigishwa bisobanura iki? Turimbuye ico Yezu yavuze ku vyerekeye abigishwa, turashobora kwiga ukuntu tworyohora ubuzima bwacu. Ivyo birimwo kwemera ivyiyumviro vyiwe no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako nyamukuru zimwezimwe.​—Matayo 10:24, 25; Luka 14:26, 27; Yohana 8:31, 32; 13:35; 15:8.

      2, 3. (a) Kuba umwigishwa wa Yezu ni ukuvuga iki? (b) Ni kuki ari ngirakamaro ko twibaza duti: ‘Noba nacitse umwigishwa wa nde?’

      2 Mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, ijambo ryahinduwe ngo “umwigishwa” ahanini risobanura umuntu yerekeza umuzirikanyi wiwe ku kintu kinaka canke rigasobanura umuntu yiga. Ijambo rifitaniye isano na ryo turarisanga mu canditswe cacu c’ishimikiro ari co Matayo 11:29, kigira giti: “[“Nimwishireko ingogo,” NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.” (Ni twe tubihiritse.) Emwe, umwigishwa ni umuntu yiga. Injili kenshi zerekeza ijambo “umwigishwa” kuri ba bayoboke somambike ba Yezu, abagendana na we igihe yigisha bakongera bagacishwa ubwenge na we. Hari abantu bamwebamwe bashobora kuba gusa baremeye inyigisho za Yezu, mbere bakabigira mu mpisho. (Luka 6:17; Yohana 19:38) Abanditsi b’Injili baravuze kandi ivyerekeye “abigishwa ba Yohana [Umubatizi] n’abigishwa b’Abafarisayo.” (Mariko 2:18) Kubera yuko Yezu yagabishije abayoboke biwe “kwirinda . . . inyigisho z’Abafarisayo,” turashobora kwibaza duti: ‘Noba nacitse umwigishwa wa nde?’​—Matayo 16:12.

      3 Niba turi abigishwa ba Yezu, niba twaramwigiyeko, igihe rero turi kumwe n’abandi bakwiye kwumva baruhuriwe mu vy’impwemu. Bakwiye kubona yuko twarushirije kuba abagwaneza kandi twiyoroheje mu mutima. Niba dufise igiti c’ubuyobozi ku kazi, niba turi abavyeyi canke tujejwe amabanga yo kuragira intama mw’ishengero rya gikirisu, ubwo abo tujejwe boba bumva tubafata nk’uko Yezu yafata abo yari ajejwe?

      Ukuntu Yezu Yafata Abantu

      4, 5. (a) Ni kuki bitagoye kumenya ukuntu Yezu yafata abantu baba bari mu ngorane? (b) Ni ibiki vyashikiye Yezu igihe yariko arafungura mu nzu y’Umufarizayo?

      4 Turakeneye kumenya ukuntu Yezu yafata abantu, na canecane abari n’ingorane zikomakomeye. Ivyo ntibikwiye kutugora kubona; Bibiliya irimwo inkuru nyinshi z’igihe Yezu yaba ahuye n’abandi, bamwebamwe bakaba bari mu ngorane. Reka turabe kandi ukuntu indongozi z’idini, canecane Abafarizayo, bafata abantu baba bari mu ngorane zisa n’izo nyene. Ubudasa tuza kubona hari ikintu buza kuduhishurira.

      5 Mu mwaka wa 31 G.C., igihe Yezu yari i Galilaya mu rugendo rwo kwamamaza, “umwe mu Bafarizayo [y]aramuhamaga[ye] ngw amuzimane.” Yezu ntiyagonanwe kwemera ubwo butumire. “Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye. Umugore wo mur’ico gisagara, yar’umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana, ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta.”​—Luka 7:36-38.

      6. Ni igiki gishobora kuba caratumye wa mugore w’“umunyavyaha” ashika mu nzu y’Umufarizayo?

      6 Woba ushobora kwiha ishusho y’ivyo bintu? Igitabu kimwe kivuga giti: “Uwo mugore (avugwa ku murongo wa 37), yaboneye akaryo ku mugenzo wakurikizwa muri ico kibano wemerera abantu ba ntahonikora kuza kuri ayo mazimano kugira ngo bahabwe bimwebimwe ku misigazwa.” Ivyo ni vyo vyosigura ingene umuntu yashobora kwinjira atatumiwe. Hashobora kuba hari n’abandi bari batuneje kugira batoragure imisigazwa bahejeje gufungura. Ariko rero, ibintu nya mugore yakoze ntivyari ibisanzwe. Ntiyabirabiye kure arindiriye ko abatumire barangiza gufungura. Yari azwi nabi cane ko ari “umunyavyaha” ruhebwa, ari co gituma Yezu yavuze yuko yari azi “ivyaha vyiwe vyinshi.”​—Luka 7:47.

      7, 8. (a) Twari gushobora kuvyifatamwo gute iyo tuba twari mu bintu bivugwa muri Luka 7:36-38? (b) Simoni yavyifashemwo gute?

      7 Niwiyumvire ko muri ico gihe wariho, maze wishire mu kibanza ca Yezu. Wari kuvyifatamwo gute? Woba wari kwumva utewe ubuyega n’uko uwo mugore akwegereye? Ivyo bintu vyokoze iki kuri wewe? (Luka 7:45) Woba wari kugira ikinya?

      8 Iyo uba wari mu bandi batumire, woba n’imiburiburi hari ukuntu wari kwiyumvira nk’uko Simoni wa Mufarizayo yiyumviriye? “Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ukw asa, kw ar’umunyavyaha.” (Luka 7:39) Yezu wewe yari umuntu w’imbabazi nyinshi. Yaratahuye ingorane uwo mugore yarimwo kandi arumva agahinda afise. Ntibatubwira ukuntu uwo mugore yaguye mu ngeso zo gukora ivyaha. Nimba mu vy’ukuri yari imaraya, bica biboneka ko abagabo bo muri ico gisagara, ni ukuvuga Abayuda bari bijukiye ivyo gusenga, ataco bamufashije.

      9. Yezu yavyifashemwo gute, kandi ivyo bishobora kuba vyavuyemwo iki?

      9 Mugabo Yezu yashaka kumufasha. Yamubwiye ati: “Urahariwe ivyaha vyawe.” Maze yongeyeko ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.” (Luka 7:48-50) Aho ni ho iyo nkuru iherera. Hari umuntu yoharira ngo Yezu nta kintu kinini yamukoreye. Ahanini yamurungitse amaze kumuhezagira. Woba wibaza ko kumbure yasubiye mu buzima bugayitse yahozemwo? Naho tudashobora kubimenya neza, turabe ivyo Luka abandanya avuga. Yigana yuko Yezu yagendagenda “mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami.” Luka avuga kandi ko “abagore bamwe” bari kumwe na Yezu be n’abigishwa biwe, “bābafashisha [ivy’abo bagore].” Ntitworeka kwiyumvira yuko bishoboka ko wa mugore yagize ukwigaya n’ugukenguruka yari muri bo. Ico gihe akaba yari yaratanguye kugira ubuzima buranga ukwubaha Imana afise ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, afise umugambi mushasha mu buzima kandi asigaye akunda Imana bimwe bigera ibwina.​—Luka 8:1-3.

      Ubudasa Buri Hagati ya Yezu n’Abafarizayo

      10. Ni kuki ari ngirakamaro kurimbura inkuru yerekeye Yezu na wa mugore bari mu nzu kwa Simoni?

      10 Dushobora kwigira iki kuri iyo nkuru ikabura ubwenge? Ntidukora ku mutima ga yemwe? Niwihe ishusho uri mu nzu kwa Simoni. Wokwumvise umerewe gute? Mbega wovyakiriye nk’uko Yezu yavyakiriye, canke wari kwumva hari ukuntu umerewe nk’uko uwo Mufarizayo yari yabakiriye yamerewe? Yezu yari Umwana w’Imana, ari co gituma tudashobora kwumva neza na neza tumerewe nka we kandi dukora nka we. Ku rundi ruhande, ntidushobora na gato kwipfuza kubona turi nka wa Mufarizayo Simoni. Ni bake boshima kwifata Rufarizayo.

      11. Ni kuki tutokwipfuza gushirwa mu mugwi w’Abafarizayo?

      11 Twihweje ibimenyamenya vyo muri Bibiliya be n’ivyo mu nkuru zitajanye n’ivy’Imana, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko Abafarizayo bishira hejuru ngo ni bo baharanira iterambere ry’abanyagihugu n’ineza y’igihugu. Kuri bo ntivyari bihagije kuba Ivyagezwe vy’Imana ahanini vyari bitomoye kandi vyoroshe itahura. Ahantu hose babona ko Ivyagezwe bisa n’ibitadomako, ahasa n’ahabuze ikintu, baca barondera kwongeramwo amabwirizwa ntabanduka kugira ngo ntihagire umuntu akenera gukoresha ijwi ryo mu mutima. Izo ndongozi z’idini zagerageza kuremarema ingingo igenga inyifato mu mice yose, eka no mu tuntu ataco tuvuze.a

      12. Abafarizayo bibona gute?

      12 Umutohozakahise w’Umuyuda Joseph wo mu kinjana ca mbere yaratomoye yuko Abafarizayo bibona ko ari abanyabuntu, ingenzabuhoro, intungane, kandi ko amabanga bajejwe bari bayakwiriye koko. Nta nkeka ko bamwebamwe muri bo bari bameze gutyo. Ushobora kuba uciye wibuka Nikodemu. (Yohana 3:1, 2; 7:50, 51) Mu nyuma hari bamwe muri bo bafashe inzira ya gikirisu. (Ivyakozwe 15:5) Intumwa Paulo w’Umukirisu yanditse ku biraba Abayuda bamwebamwe, nk’Abafarizayo ati: “Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.” (Abaroma 10:2) Ariko, Injili ziberekana mu buryo abanyagihugu ba nyarucari bababona. Abo banyagihugu babona ko bishima, bishira hejuru, bibona ubugororotsi, batora abandi amahinyu, bakabacira urubanza kandi bakabakengera.

      Ukuntu Yezu Yababona

      13. Yezu yavuze iki ku vyerekeye Abafarizayo?

      13 Yezu yagirije abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarizayo ko ari indyadya. “Bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.” Emwe, uwo mutwaro wari uremereye kandi ingogo bahatira ku bantu yari iyibabaza. Yezu yabandanije yita abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo “ibipfu.” Igipfu kirabangamira ikibano. Yezu yise kandi abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo “indongozi zihumye” yongera yemeza yuko bari “[bar]aretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera.” Ni nde yoshima ko Yezu amubona nk’Umufarizayo?​—Matayo 23:1-4, 16, 17, 23.

      14, 15. (a) Ibintu Yezu yakoranye na Matayo Lewi, bihishura iki ku buryo Abafarizayo bakora ibintu? (b) Ni ivyigwa bihambaye ibihe dushobora kwigira kuri iyo nkuru?

      14 Abasomyi nka bose b’inkuru zo mu Njili barashobora kubona ikintu nyamukuru caranga Abafarizayo nka bose. Yezu amaze gutera akamo Matayo Lewi umutozakori ngo acike umwigishwa, Lewi amutegurira amazimano menshi. Iyo nkuru ivuga iti: “Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha? Yesu arabishura at[i] . . . Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane.”​—Luka 5:27-32.

      15 Lewi ubwiwe yaratahuye ikindi kintu Yezu yavuze ico gihe ati: “Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi.” (Matayo 9:13) Naho Abafarizayo bivugisha ko bemera ivyandikano vy’abahanuzi b’Abaheburayo, ntibemeye amajambo yo muri Hoseya 6:6. Igihe baba bahuvye muri ivyo nta co vyababwira, bo birabira gusa ko bakurikije imigenzo. Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: “Noba nzwi ko ndi umuntu ashimika nantaryo ku mabwirizwa amwamwe, nk’ayajanye n’ibintu umuntu wese ashobora kugira uko abibona canke ku bintu bifise uko bisanzwe bigirwa? Canke abandi boba ahanini babona ko ndi umuntu w’imbabazi n’ubuntu?’

      16. Ingendo y’Abafarizayo yari iyihe, kandi dushobora gute kwirinda kumera nka bo?

      16 Kunegura, kunegura, kunegura. Iyo ni yo yari ingendo y’Abafarizayo. Abafarizayo batora amahinyu ku tuntu twose, haba ari ku dukosa nyakuri canke ku bintu bishizemwo. Batuma abantu baguma bameze magabo kandi bakaguma babibutsa amakosa yabo. Abafarizayo bishimira kuba batanga ikigiracumi c’utuboga dutoduto nk’imbwija, anisi na kumino. Berekana ko bakunda Imana biciye mu nyambaro kandi bakagerageza kuyobora iryo hanga. Nta nkeka, niba dushaka ko ibikorwa vyacu bihuza n’akarorero Yezu yatanze, dutegerezwa kwirinda impengamiro yo kwama nantaryo turondera utunenge tw’abandi twongera tudushira ahabona.

      Yezu Ingorane Yazitorera Umuti Gute?

      17-19. (a) Sigura ukuntu Yezu yatoreye umuti ingorane yari gushobora kugira ingaruka zikomeye cane. (b) Ni ibiki vyatumye ivyo bintu bitera ubuyega kandi biba ibidahimbaye? (c) Iyo uba ari ho wari igihe uwo mugore yegera Yezu, wari kuvyifatamwo gute?

      17 Yezu yatorera umuti ingorane mu buryo ataho busa busana n’ukuntu Abafarizayo babigenza. Rimbura ukuntu Yezu yatoreye umuti ingorane yari gushobora kuba iyikomeye cane. Yari yerekeye umugore yari amaze imyaka 12 arwaye ubutinyanka. Iyo nkuru ushobora kuyisoma muri Luka 8:42-48.

      18 Mariko mu kwigana iyo nkuru, avuga yuko uwo mugore ‘yatinye, agahinda agashitsi.’ (Mariko 5:33) Kubera iki? Nta nkeka ko vyatewe n’uko yari azi ko yarenze Icagezwe c’Imana. Dukurikije Abalewi 15:25-28, igihe umugore yaja mu kwezi mu buryo budasanzwe, yaba ahumanye igihe cose yamarayo, kwongerako umushamvu. Ikintu cose yakorako canke umuntu wese bakoranyeko yaca acika uwuhumanye. Kugira ngo uwo mugore yegere Yezu, yategerezwa kwicira akayira mw’isinzi ry’abantu. Igihe dutereje akajisho kuri iyo nkuru haciye imyaka 2.000 ivyo bibaye, duca twumva tumugiriye impuhwe.

      19 Iyo wari kuba uhari kuri uwo musi, ivyo bintu wari kubibona gute? Wari kuvuga iki? Urabona ko Yezu uwo mugore yamufatanye ubuntu, urukundo n’icubahiro, mbere ntiyacishamwo n’ingorane n’imwe ashobora kuba yateje.​—Mariko 5:34.

      20. Iyo icanditswe co mu Balewi 15:25-27 kiba ari igisabwa muri iki gihe, ni ikintu ikihe kitoroshe twohanganye na co?

      20 Hoba hari ikintu dushobora kwigira kuri ivyo vyabaye? Tuvuge yuko woba uri umukurambere mw’ishengero rya gikirisu muri iki gihe. Tuvuge kandi yuko icanditswe co mu Balewi 15:25-27 ari ikintu Abakirisu basabwa muri iki gihe be n’uko hari Umukirisu w’umukenyezi yarenze ico cagezwe, akumva ataye umutwe kandi atagira gitabara. Wovyifatamwo gute? Woba womumaramaza ku mugaragaro mu kumuha impanuro umunegura? Kumbure wovuga uti: “Nta vyo nokwigera nubahuka yemwe! Nokurikiza akarorero ka Yezu nkihata uko nshoboye kugira ngo ndamugaragarize ubuntu, urukundo, ukumwitwararika be n’icubahiro.” Ni vyiza cane! Mugabo igihambaye ni ukubikora ukigana icitegererezo ca Yezu.

      21. Yezu yigishije iki abantu ku biraba Ivyagezwe?

      21 Ahanini, abantu bumva Yezu abaruhuriye, bakumva bamerewe neza kuruta kandi baremeshejwe. Aho Ivyagezwe vy’Imana vyaba bitomoye, nta kundi kwihinguza. Mu gihe na ho vyasa n’ibivuga ibintu muri rusangi, ijwi ryabo ryo mu mutima ryaca rikora, bagashobora kugaragaza urukundo bakunda Imana mu ngingo bafata. Ivyagezwe vyarabaha akaryo ko guhema. (Mariko 2:27, 28) Imana yarakunze abasavyi bayo, ikama nantaryo ikora ku neza yabo kandi ikagira umutima ukunze wo kubaharira igihe kaba gaciyemwo bagahuba. Ukwo ni ko Yezu yari ameze.​—Yohana 14:9.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika