Kuvayo
18 Maze Yetiro umuherezi wa Midiyani, sebukwe wa Musa+, yumva ibintu vyose Imana yari yakoreye Musa na Isirayeli abantu bayo, ingene Yehova yari yakuye Isirayeli mu Misiri+. 2 Nuko Yetiro, sebukwe wa Musa, atora Zipora umugore wa Musa, inyuma y’aho Musa amurungikiye iwabo, 3 atora n’abahungu biwe babiri+, umwe akaba yitwa Gerishomu+, kuko yavuga ati: “kuko nabaye kavamahanga mu gihugu kinyamahanga”; 4 uwundi na we akaba yitwa Eliyezeri+, kuko yavuga ati: “kuko Imana ya data ari yo mufasha wanje, kuko yandokoye ikankiza inkota ya Farawo+.”
5 Nuko Yetiro sebukwe wa Musa, n’abahungu biwe n’umugore wiwe baza aho Musa ari, mu gahinga aho yari akambitse, ku musozi w’Imana y’ukuri+. 6 Maze atuma kuri Musa ati: “Jewe sobukwe Yetiro+, ndaje aho uri, be n’umugore wawe nyene ari kumwe n’abahungu biwe babiri.” 7 Ako kanya Musa arasohoka, aja gusanganira sebukwe, akubita inkoro hasi yongera aramusoma+. Baca batangura kubazanya amakuru. Inyuma y’ivyo binjira mw’ihema.
8 Musa atangura kwiganira sebukwe ibintu vyose Yehova yari yaragiriye Farawo na Misiri kubera Isirayeli+, n’amagume yose yari yarabashikiye mu nzira+, yamara Yehova akabarokora+. 9 Maze Yetiro arahimbarwa kubera ivyiza vyose Yehova yari yakoreye Isirayeli kuko yari yarabarokoye mu kuboko kwa Misiri+. 10 Ku bw’ivyo Yetiro avuga ati: “Hahezagirwe Yehova, uwabarokoye mu kuboko kwa Misiri no mu kuboko kwa Farawo, uwarokoye kandi abantu akabakura munsi y’ukuboko kwa Misiri+. 11 Ubu rero ndamenye koko yuko Yehova akomeye kuruta izindi mana zose+, kubera ivyo bintu bakoze bita imbere mu kubarwanya.” 12 Maze Yetiro sebukwe wa Musa, atora ishikanwa riturirwa n’ibimazi bishikanirwa Imana+. Hanyuma Aroni n’abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli baza gusangira umukate na sebukwe wa Musa, imbere y’Imana y’ukuri+.
13 Ku musi ukurikira, Musa aricara nk’uko bisanzwe ngo acire imanza abantu+. Kandi abantu baguma bahagarara imbere ya Musa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba. 14 Maze sebukwe wa Musa abona ibintu vyose yariko akorera abantu. Ni kwo kuvuga ati: “Iki gikorwa uriko urakorera abantu ni nyabaki? Kubera iki ari wewe wenyene uguma wicaye, abantu bose na bo bakaguma bahagarara imbere yawe kuva mu gitondo gushika ku mugoroba?” 15 Maze Musa abwira sebukwe ati: “Ni kubera ko abantu baguma baza kuri jewe gusiguza Imana+. 16 Mu gihe havyutse urubanza muri bo+, rutegerezwa kuza kuri jewe, nanje ngategerezwa guca urubanza hagati y’uruhande rumwe n’urundi, kandi ngategerezwa kumenyesha ingingo z’Imana y’ukuri n’amategeko yayo+.”
17 Nuko sebukwe amubwira ati: “Uburyo uriko urakora si bwiza. 18 Emwe, uburuhe buzokwica, wewe n’aba bantu muri kumwe, kuko iki gikorwa kiremereye cane kuri wewe+. Ntiwoshobora kugikora wenyene+. 19 Umviriza rero ijwi ryanje+. Ngira nkugire inama, kandi Imana izobana nawe+. Ba ari wewe userukira abantu imbere y’Imana y’ukuri+, kandi abe ari wewe uzana imanza imbere y’Imana y’ukuri+. 20 Kandi utegerezwa kubaburira ku bijanye n’ingingo nyobozi be n’amategeko+, ubamenyeshe inzira bakwiye kugenderamwo n’igikorwa bakwiye gukora+. 21 Mugabo wewe ukwiye kurobanura mu bantu bose abagabo babishoboye+, batinya Imana+, abagabo b’abizigirwa+, banka inyungu y’akarenganyo+. Abo uheze ubagire abakuru babo, babe abakuru b’ibihumbi+, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu, n’abakuru b’amacumi+. 22 Na bo baze bacire imanza abantu igihe cose bibereye. Urubanza rwose rugoye bazorukuzanira+, mugabo urubanza rwose rworoshe ubwabo bazorutunganya bwa bacamanza. Niwiremurure rero, na bo bafadikanye nawe kwikorera umutwaro+. 23 Niwakora ico kintu, kandi Imana ikaba yabigutegetse, uzobishobora rero, kandi n’aba bantu bose bazoshika iwabo amahoro+.”
24 Buno nyene Musa yumviriza ijwi rya sebukwe, akora ivyo yari yavuze vyose+. 25 Nuko Musa atangura gutora muri Isirayeli yose abagabo babishoboye, abashinga amabanga yo kuba abakuru b’abantu+, abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi. 26 Hanyuma bacira imanza abantu igihe cose bibereye. Urubanza rugumye baruzanira Musa+, mugabo urubanza rwose rworoshe ubwabo bararutunganya bwa bacamanza. 27 Inyuma y’ivyo Musa aherekeza sebukwe+, yigira mu gihugu ciwe.