2 Timoteyo
1 Jewe Paulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+ nk’uko umuhango w’ubuzima+ buboneka mu bumwe na Kristu Yezu uri+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje w’umukundwa+:
Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.
3 Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda+ nka ba sogokuruza banje+ mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye+, kubona ntahengeshanya kukwibuka mu ntakambo zanje+, ijoro n’umurango 4 nkama ncambirwa kukubona+, iyo nibutse amosozi yawe, kugira ngo nuzure akanyamuneza. 5 Kuko nibuka ukwizera+ kuri muri wewe kutagira ubwiyorobetsi+, kandi kwabanje kuba muri nyogokuru wawe Loyisi no muri nyoko wawe Ewunise, mugabo nkaba nzi ntakeka ko kuri no muri wewe.
6 Ico nyene ni co gitumye ndakwibutsa gukabura nk’umuriro+ ingabirano+ y’Imana iri muri wewe biciye mu kukurambikako ibiganza vyanje+. 7 Kuko Imana itaduhaye impwemu y’ubwoba+, ahubwo iy’ububasha+ n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi+. 8 Ntuterwe isoni rero n’intahe yerekeye Umukama wacu+, canke ngo uziterwe na jewe uwabaye imbohe ku bwiwe+, ahubwo wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro+ ku bw’inkuru nziza nk’uko ububasha bw’Imana buri+. 9 Yaradukijije+ yongera iduhamagaza ihamagara ryeranda+, bitavanye n’ibikorwa vyacu+, ahubwo bivanye n’intumbero yayo be n’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo. Ivyo twarabihawe mu bijanye na Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane+, 10 ariko ubu vyarerekanywe neza biciye ku kwigaragaza+ kw’Umukiza wacu Kristu Yezu, uwakuyeho urupfu+ mugabo akarasira umuco+ ku buzima+ no ku kutabora+ biciye ku nkuru nziza+, 11 iyo nagenewe kuba umwamamaji n’intumwa n’umwigisha+.
12 Ico ni co gituma nanje ndiko nshikirwa+ n’ivyo bintu, ariko ntibintera isoni+. Kuko nzi uwo nemeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda+ ico namubikije gushika kuri wa musi+. 13 Ugumye ca citegererezo c’amajambo ngirakamaro*+ wanyumvanye hamwe n’ukwizera n’urukundo bijanye na Kristu Yezu+. 14 Iyo mbitso nziza+ uyirinde biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe+.
15 Ibi urabizi, yuko abantu bose mu ntara ya Aziya+ bampevye+. Muri abo harimwo Figelo na Herumojene. 16 Umukama agirire imbabazi urugo rwa Onesiforo+, kuko kenshi yanduhuye+, kandi ntiyatewe isoni n’imvuto zanje+. 17 Ahubwo igihe yashika i Roma, yarandondeye n’umwete, arantora+. 18 Umukama amuhe kugirirwa imbabazi+ imbere ya Yehova kuri wa musi+. Kandi ibikorwa vyose yakoze i Efeso urabizi neza bihagije.