Masikili. Ni izaburi ya Asafu+.
78 Nimwumvirize itegeko ryanje, emwe bantu banje+!
Nimutege ugutwi amajambo y’akanwa kanje+.
2 Ngira nteranure akanwa kanje mvugire mu mvugo y’akagani+;
Ngira ntume udupfindo twa kera tududubiza+,
3 Utwo twumvise kandi tuzi+,
Utwo kandi ba data batwiganiye+;
4 Utwo tutanyegeza abana babo+,
Tukatwiganira n’iyaruka rizoza+,
Tukavuga amashemezo ya Yehova n’inkomezi ziwe+
Be n’ibintu vyiwe vy’agatangaza yakoze+.
5 Ahagurutsa icibutsa muri Yakobo+,
Ashinga itegeko muri Isirayeli+,
Ibintu yategetse ba sogokuruza bacu+,
Ngo bimenyeshwe abana babo+;
6 Kugira ngo iyaruka ryoje, ari bo bana bari kuvuka, ribimenye+,
Bahaguruke, bavyiganire abana babo+,
7 Kandi bashire umwizero wabo mu Mana ubwayo+,
Ntibibagire ibikorwa Imana yakoze+, ahubwo bubahirize amabwirizwa yayo+.
8 Kandi ntibari bakwiye gucika nka ba sekuruza babo+,
Iyaruka ry’akagagazo kandi ry’irigarariji+,
Iyaruka ry’abatari barateguye umutima wabo+,
Kandi umutima wabo ntube umwizigirwa ku Mana+.
9 Bene Efurayimu, naho bari abarasisha umuheto bafise ibirwanisho+,
Barasubije umugongo inyuma ku musi w’indwano+.
10 Ntibagumije isezerano ry’Imana+,
Banse kugendera mw’itegeko ryayo+.
11 Batanguye kandi kwibagira ivyo ikora+
Be n’ibikorwa vyayo vy’agatangaza yaberetse+.
12 Mu maso ya ba sekuruza babo, yari yakoze ibitangaje+
Mu gihugu ca Misiri+, ka karere ka Zowani+.
13 Yasatuye ikiyaga ngo itume barengana+,
Yongera ituma amazi ahagarara nk’urugomero+.
14 Ibandanya kubayobora ikoresheje igicu ku murango+,
Ijoro ryose na ho ikoresheje umuco w’umuriro+.
15 Isatura ibitandara mu gahinga+,
Kugira ngo itume banywa amazi menshi nk’inyenga z’amazi+.
16 Ikūra imigezi mu rutare+,
Ituma amazi amanuka nk’inzuzi+.
17 Mugabo baguma barushiriza kuyicumurako+
Mu kugarariza Musumbavyose mu karere kagadutse+;
18 Bageza Imana mu mutima wabo+
Mu kwisabira ico kurya+.
19 Nuko batangura kuvuga nabi Imana+.
Ngo “Mbega Imana irashobora gutunganya imeza mu gahinga+?”
20 Ehe! Yakubise igitandara+
Ngo amazi atembe, n’inzuzi z’isumo zisegenyuke+.
“Mbega irashobora no gutanga umukate+,
Canke irashobora gutegurira abantu bayo ivyo kurya+?”
21 Ni co catumye Yehova yumva, agatangura kuraka+;
Umuriro wakirizwa Yakobo+,
N’ishavu ridugira Isirayeli+.
22 Kuko batizeye Imana+,
Ntibizigira ubukiriro itanga+.
23 Maze itegeka ibirere vyuzuye ibicu hejuru,
Yugurura imiryango y’ijuru+.
24 Iguma igwisha kuri bo manu ngo barye+,
Ibaha intete zo mw’ijuru+.
25 Abantu barya umukate w’abanyabubasha+;
Ibarungikira ibifungurwa, barahaga+.
26 Itangura gutuma umuyaga wo mu buseruko waduka mu majuru+,
No gutuma umuyaga wo mu bumanuko uhuhuta biciye ku nkomezi zayo+.
27 Iraheza ituma ivyo kurya bigwa kuri bo nk’umukungugu+,
Egome, ibiremwa biguruka vy’amababa bigwa kuri bo nk’udutete tw’umusenyi tw’ibiyaga+.
28 Iguma ibigwisha hagati mw’ikambi ryayo+,
Irya n’ino y’amataberenakulo yayo+.
29 Baraheza bararya barahaga cane+,
Ivyo bipfuza irabibazanira+.
30 Batarava ku cipfuzo cabo,
Ibifungurwa vyabo bikiri mu kanwa kabo+,
31 Uburake bw’Imana burabadugira+.
Nuko yica bamwe mu bantu babo b’indyamunyu+;
Itsinda hasi abasore ba Isirayeli.
32 Naho habaye ivyo vyose, bongera gucumura+
Ntibizera ibikorwa vyayo vy’agatangaza+.
33 Nuko irangiza imisi yabo nk’aho ari impemu nsa zisohotse+,
Imarisha imyaka yabo uruhagarara.
34 Igihe cose yabica, ni ko na bo babaza ivyayo+,
Bakagaruka, bakarondera Imana+.
35 Batangura kwibuka yuko Imana yari yo Gitandara cabo+,
Be n’uko Imana Musumbavyose yari yo Muhōzi wabo+.
36 Bagerageza kuyihenda n’akanwa kabo+;
Bagerageza kuyibesha n’ururimi rwabo+.
37 Umutima wabo ntiwari uhamye kuri yo+;
Kandi ntibabaye abizigirwa mw’isezerano ryayo+.
38 Mugabo yari inyembabazi+; yarapfuka ikosa+, ntihonye+.
Kenshi yarasubiza inyuma ishavu ryayo+,
Kandi ntiyavyura ubushangashirwe bwayo bwose.
39 Yaguma yibuka ko bari umubiri+,
Yuko impwemu isohoka ntigaruke+.
40 Ese ukuntu bayigarariza kenshi mu gahinga+,
Bakayibabariza mu bugaragwa+!
41 Kandi incuro n’izindi barageza Imana+,
Bagatuntuza Umweranda wa Isirayeli+.
42 Ntibibuka ukuboko kwayo+,
Wa musi yabacungura ikabakiza umurwanizi+,
43 Ingene yashize ibimenyetso vyayo mu Misiri+
N’ibitangaro vyayo mu karere ka Zowani+;
44 N’ingene yatanguye guhindura amaraso imigende yabo ya Nili+,
Ku buryo badashobora kunywa ku migezi yabo+.
45 Ibarungikako ibibugu, ngo bibarigate+,
N’ibikere, ngo bibahonye+.
46 Itangura guha inyenzi umwimbu wabo,
Ubucumukure bwabo ibuha inzige+.
47 Yicisha umuzabibu wabo urubura+,
Ibiti vyabo vy’imisukomora ivyicisha iminana y’urubura+.
48 Ibitwazi vyabo ibihereza urubura+,
Ibitungwa vyabo ibihereza inyonko irurumba.
49 Ibarungikako ishavu ryayo rirurumba+,
Uburake n’imisibo n’amarushwa+,
Imigwi y’intumwa y’abamarayika izana ivyago+.
50 Itegurira ishavu ryayo umunyuro+.
Ntiyabarinze urupfu;
Ubuzima bwabo yabuhereje ikiza+.
51 Amaherezo iririka imfura zose mu Misiri+,
Ubuzibūra bwabo, mu mahema ya Hamu+.
52 Mu nyuma ituma abantu bayo bafata inzira nk’umukuku+,
Ibarongōra nk’ubusho mu gahinga+.
53 Iguma ibayobora mu mutekano, ntibumva ubwoba namba+;
Ikiyaga gipfuka abansi babo+.
54 Ibazana mu cibare cayo ceranda+,
Aka karere k’imisozi ukuryo kwayo kwironkeje+.
55 Kandi kubera bo, igenda irirukana amahanga+,
Ibagabagurira intoranwa ikoresheje ikamba yo gupimisha+,
Ku buryo ituma imiryango ya Isirayeli yibera mu mihana yayo bwite+.
56 Mugabo batangura kugeza no kugarariza Imana Musumbavyose+,
Ntibagumya ivyibutsa vyayo+.
57 Vyongeye, baguma basubira inyuma kandi bahemuka nka ba sekuruza babo+;
Bahindukira nk’umuheto ufororotse+.
58 Baguma bayibabarisha ibibanza vyabo bikirurutse+,
Baguma bayitera ishari n’ibishusho vyabo bibajwe+.
59 Imana irumva+, iraraka+,
Bituma ikengera Isirayeli bimwe bibi+.
60 Amaherezo iheba itaberenakulo y’i Shilo+,
Ihema yabayemwo hagati mu bantu bakuwe mw’ivu+.
61 Itanga inkomezi zayo ngo zigirwe imbohe+,
Ubwiza bwayo ibutanga mu kuboko kw’umurwanizi+.
62 Iguma itanga abantu bayo ku nkota+,
Irarakira intoranwa yayo+.
63 Abasore bayo umuriro urarigata,
Abigeme bayo b’isugi ntibashemagizwa+.
64 Nayo abaherezi bayo, bagwishwa n’inkota+,
Abapfakazi babo na bo ntibarira+.
65 Maze Yehova yikangura nk’uwuvuye mw’itiro+,
Nk’umunyenkomezi umuvinyu uvuyeko+.
66 Aririka abarwanizi biwe ari inyuma yabo+;
Abaha kugira iceyi c’ikiringo kitagira urugero+.
67 Ata ihema rya Yozefu+;
Ntiyatora umuryango wa Efurayimu+.
68 Mugabo atora umuryango wa Yuda+,
Umusozi Siyoni, uwo yakunze+.
69 Atangura kwubaka aheranda hiwe nk’amasonga y’imisozi+,
Nk’isi yashinze ngo igumeho gushika igihe kitagira urugero+.
70 Nuko atora Dawidi umusavyi wiwe+,
Amukura mu ngo z’imikuku+.
71 Amukura inyuma y’imvyeyi zonsa+,
Amuzana ngo abe umwungere kuri Yakobo igisata ciwe+,
No kuri Isirayeli intoranwa yiwe+.
72 Atangura kubaragira nk’uko ugutungana kw’umutima wiwe kuri+,
Atangura kubayobora akoresheje ubuhanga bw’amaboko yiwe+.