ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 13:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Loti amaze gutandukana na Aburamu, Yehova abwira Aburamu ati: «Ndagusavye wunamure amaso, urabe mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero,

  • Itanguriro 13:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Kandi uruvyaro rwawe nzorugwiza nka kurya kw’umukungugu wo kw’isi. Nimba umuntu yoshobora guharura umukungugu wo kw’isi, n’uruvyaro rwawe rero rwoshobora guharurwa+.

  • Itanguriro 15:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Aburamu mw’iyerekwa ati: «Ntutinye+ Aburamu. Ndi inkinzo yawe+. Impembo yawe izoba nini cane+.»

  • Itanguriro 15:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Imana ica imusohora hanze imubwira iti: «Ndagusavye urabe mu kirere, uharure inyenyeri nimba wobishobora.» Yongerako iti: «Ukwo ni ko uruvyaro* rwawe ruzongana+.»

  • Itanguriro 17:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Kuva ubu ntucitwa Aburamu*. Uzokwitwa Aburahamu*, kuko nzokugira se w’amahanga menshi.

  • Itanguriro 22:17, 18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 ni ukuri nzoguhezagira kandi nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu kirere, nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+. Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira ibisagara* vy’abansi barwo+. 18 Kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa* biciye ku ruvyaro* rwawe+, kuko wanyumviye+.”»

  • Gusubira mu vyagezwe 26:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Uzoheza uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: “Dawe yari Umwaramu+ abayeho aza arimuka*. Yaragiye mu Misiri+ hanyuma abayo ari umunyamahanga, ari kumwe n’abantu bakeyi bo mu rugo rwiwe+. Ari ng’aho mu Misiri yaracitse ihanga rinini, rikomeye kandi rigizwe n’abantu benshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika