ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 25:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Urupfu azorumira* ubutakigaruka+

      kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura amosozi ku maso ya bose+.

      Agacokoro abantu biwe bacokowe azogakuraho kw’isi yose,

      kuko Yehova ubwiwe abivuze.

  • Hoseya 13:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Nzobakura mu vyara vy’ukuzimu,

      ndabakize urupfu+.

      Wa rupfu we, za mboyi zawe ziri hehe+?

      Wa kuzimu we, kwa gutikiza kwawe kuri hehe+?

      Sinzogenda ndabumviye impuhwe.

  • Mariko 12:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Mugabo ku bijanye n’uko abapfuye bazurwa, mbega ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ko Imana yamubwiye iti: “Ndi Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+”?

  • Yohani 5:28, 29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Ntimutangazwe rero n’ivyo, kuko igihe kigira kigere aho abari mu mva* bose bazokwumva ijwi ryiwe+ 29 bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ibintu bishisha na bo bakazukira urubanza+.

  • Yohani 11:24, 25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Marita aca amubwira ati: «Ndazi ko azozuka mw’izuka+ ku musi wa nyuma.» 25 Yezu amubwira ati: «Ndi izuka n’ubuzima+. Uwunyizera naho yopfa azosubira kuba muzima,

  • Ivyakozwe 24:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Kandi ndizigiye cokimwe n’aba bantu nyene, yuko Imana igiye kuzura+ abagororotsi n’abatari abagororotsi+.

  • 1 Abakorinto 15:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu+, n’izuka ry’abapfuye rizanana ku muntu+.

  • 1 Abatesalonika 4:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Yezu na bo nyene Imana izobagarukana hamwe na we+.

  • Ivyahishuwe 20:12, 13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ndaheza mbona abapfuye, abahambaye n’abantu batobato, bahagaze imbere y’iyo ntebe maze imizingo irazingururwa. Hanyuma uwundi muzingo urazingururwa, ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye baca bacirwa imanza ku vyo bakoze, hisunzwe ivyanditse muri iyo mizingo+. 13 Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo nyene birekura abapfuye bo muri vyo, maze bacirwa imanza hisunzwe ivyo umwumwe wese yakoze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika