Matayo 11:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Abigishwa ba Yohani bagiye, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki+? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+? Matayo 11:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+!” Luka 1:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Ariko uwo mumarayika amubwira ati: «Ntutinye Zakariya, kuko Imana yumvise ugutakamba kwawe. Umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+. Luka 1:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Vyongeye, azogendera imbere y’Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya+, kugira agarukane umutima wa ba sebibondo ku bana+, kugira afashe ibigaba gukorana ubwenge* nk’abagororotsi no kugira ashikirize Yehova* abantu bateguwe neza+.»
7 Abigishwa ba Yohani bagiye, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki+? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+?
10 Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+!”
13 Ariko uwo mumarayika amubwira ati: «Ntutinye Zakariya, kuko Imana yumvise ugutakamba kwawe. Umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+.
17 Vyongeye, azogendera imbere y’Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya+, kugira agarukane umutima wa ba sebibondo ku bana+, kugira afashe ibigaba gukorana ubwenge* nk’abagororotsi no kugira ashikirize Yehova* abantu bateguwe neza+.»