Luka
1 Benshi baragerageje kwegeranya amakuru y’ibintu vyabaye twizigira cane+, 2 nk’uko nyene twayashikirijwe n’abantu bavyiboneye kuva mu ntango+, bakaba n’abatangaza ijambo ry’Imana+. 3 Na jewe rero, kubera yuko natohoje neza ivyabaye vyose kuva mu ntango, nafashe ingingo yo kubikwandikira mu rutonde rwumvikana, nyakwubahwa Tewofile+, 4 kugira umenye neza ko ivyo wigishijwe* ari ukuri+.
5 Mu gihe ca Herodi*+ umwami wa Yudaya, hariho umuherezi yitwa Zakariya wo mu mugwi wa Abiya+. Umugore wiwe yakomoka kuri Aroni*, akaba yitwa Elizabeti. 6 Bose bari abagororotsi imbere y’Imana, kuko bagamburuka amabwirizwa yose n’amategeko yose ya Yehova* badaca ku ruhande. 7 Ariko nta mwana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba kandi bose bakaba bari bageze mu zabukuru.
8 Igihe rero Zakariya yariko arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana ari kumwe n’umugwi wiwe+, 9 yarashikiriwe kwinjira aheranda ha Yehova* kugira ashikane imibavu+, nk’uko vyari bisanzwe bigenda mw’ibanga ry’ubuherezi+. 10 Ico gihe abantu isinzi bariko basengera hanze mu gihe co gushikana imibavu. 11 Nuko umumarayika wa Yehova* aramubonekera, ahagaze iburyo bw’igicaniro c’imibavu. 12 Zakariya amubonye, aca arahagarika umutima, aratinya cane. 13 Ariko uwo mumarayika amubwira ati: «Ntutinye Zakariya, kuko Imana yumvise ugutakamba kwawe. Umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+. 14 Uzogira akanyamuneza, emwe umunezero mwinshi, kandi ivuka ryiwe rizohimbara abantu benshi+, 15 kuko azoba umuntu ahambaye imbere ya Yehova*+. Ariko ntaze yigere anywa umuvinyu canke izindi nzoga+. Azokwuzuzwa impwemu nyeranda n’imbere y’uko avuka*+, 16 kandi azogarukana Abisirayeli benshi kuri Yehova* Imana yabo+. 17 Vyongeye, azogendera imbere y’Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya+, kugira agarukane umutima wa ba sebibondo ku bana+, kugira afashe ibigaba gukorana ubwenge* nk’abagororotsi no kugira ashikirize Yehova* abantu bateguwe neza+.»
18 Zakariya aca abwira uwo mumarayika ati: «Ivyo novyemezwa n’iki, ko nshaje kandi n’umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?» 19 Uwo mumarayika amwishura ati: «Ndi Gaburiyeli+, uwuhagarara imbere y’Imana+ hafi yayo, kandi narungitswe kuvugana nawe kugira ndakumenyeshe iyo nkuru nziza. 20 Mugabo kubera yuko utemeye ivyo nakubwiye, na vyo bikaba bizoranguka igihe cavyo kigeze, uzoba umuragi kandi ntuzoshobora kuvuga gushika ivyo bintu birangutse.» 21 Ico gihe cose, abantu bari barindiriye Zakariya, batangajwe n’ukuntu yatevye cane ahantu heranda. 22 Asohotse, ntiyabaye agishobora kubavugisha. Baca batahura ko yabonekewe ari ahantu heranda. Yaguma abereka ibimenyetso, ariko ntiyashobora kuvuga. 23 Imisi y’igikorwa ciwe ceranda* irangiye, aca arataha muhira iwe.
24 Haciye imisi, Elizabeti umugore wiwe aribungenga. Amara amezi atanu yihishije, aguma yibwira ati: 25 «Raba ivyo Yehova* ankoreye muri iyi misi! Yanyibutse, ankurako iceyi nari mfise mu bantu+.»
26 Inda yiwe imaze amezi atandatu, Imana ica ituma umumarayika Gaburiyeli+ mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 ku mwigeme w’isugi+ yitwa Mariya, akaba yari akowe n’umugabo yitwa Yozefu+ wo mu muryango wa Dawidi. 28 Uwo mumarayika yinjiye, aca abwira Mariya ati: «Amahoro, wewe watewe iteka ridasanzwe! Yehova* ari kumwe nawe.» 29 Mugabo ahagarikwa umutima cane n’amajambo y’uwo mumarayika, atangura kwibaza ico iyo ndamutso isobanura. 30 Uwo mumarayika aca amubwira ati: «Ntutinye Mariya, kuko Imana yagushimye. 31 Umve, uzosama inda maze uvyare umuhungu+, kandi uze umwite Yezu+. 32 Azoba uwuhambaye+ kandi azokwitwa Umwana w’Imana Musumbavyose+. Yehova* Imana azomuha intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi+. 33 Azoganza abakomoka kuri Yakobo ibihe vyose, kandi Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo+.»
34 Ariko Mariya abwira uwo mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka gute, ko ata mugabo mfise+?» 35 Uwo mumarayika amwishura ati: «Impwemu nyeranda izokuzako+, kandi ububasha bw’Imana Musumbavyose buzogutwikira. Ni co gituma umwana azovuka azokwitwa mweranda+, Umwana w’Imana+. 36 Na Elizabeti incuti yawe, umwe bita ingumba, aribungenze inda y’umuhungu mu busaza bwiwe, kandi inda yiwe imaze amezi atandatu, 37 kuko ata kintu* na kimwe kidashoboka ku Mana+.» 38 Mariya aca avuga ati: «Ndi umusukukazi wa Yehova*! Nibimbere nk’uko ubivuze.» Uwo mumarayika aca aragenda.
39 Inyuma y’aho, Mariya aca afata urugendo, agenda arihuta aja mu karere k’imisozi, mu gisagara c’umuryango wa Yuda. 40 Hanyuma yinjira mu nzu kwa Zakariya maze aramutsa Elizabeti. 41 Elizabeti acumva indamutso ya Mariya, umwana ari mu nda yiwe aca arikina. Elizabeti aca yuzura impwemu nyeranda, 42 maze asemerera ati: «Urahezagiwe mu bagore bose, kandi n’umwana wibungenze arahezagiwe! 43 Bigenze gute ngo nterwe iryo teka ryo kugenderwa na nyina w’Umukama wanje? 44 Napfuye kwumva indamutso yawe, umwana ari mu nda yanje aca arikina kubera umunezero. 45 Na wewe kandi urahiriwe, kubera wemeye amajambo wabwiwe avuye kuri Yehova*, kuko yose azoranguka.»
46 Mariya aca avuga ati: «Ndashemeza Yehova*+, 47 kandi umutima wanje ntiworeka kwuzura umunezero kubera Imana Umukiza wanje+, 48 kuko yabonye umusukukazi wayo aciye bugufi+. Guhera ubu, abantu bose bazovuga ko mpiriwe+, 49 kuko Imana y’ububasha inkoreye ibikomeye, kandi izina ryayo ni ryeranda+. 50 Imbabazi zayo ziguma ku bayitinya, uko urunganwe* rugenda rurakurikirana+. 51 Yakoze ibintu bikomeye n’ukuboko kwayo, ishwiragiza abafise ubwibone mu mitima yabo+. 52 Yakuye abahambaye ku ntebe z’icubahiro+, ishira hejuru abantu batobato+. 53 Yahagije ivyiza abashonje+, abatunzi na bo ibarungika iminwe misa. 54 Yaje gutabara Isirayeli umusavyi wayo, kugira yerekane ko yama yibuka isezerano ryayo ryo kugirira imbabazi+ 55 Aburahamu n’uruvyaro* rwiwe, nk’uko yabisezeraniye ba sokuruza bacu+.» 56 Mariya agumana na we nk’amezi atatu, hanyuma asubira iwabo.
57 Nuko igihe kirashika c’uko Elizabeti yibaruka, araheza avyara umwana w’umuhungu. 58 Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuko Yehova* yari yamugiriye imbabazi nyinshi, baca basangira na we umunezero+. 59 Ku musi ugira umunani, baza kugenyera* uwo mwana+, kandi bagira bamwite Zakariya, izina rya se wiwe. 60 Mugabo nyina wiwe aca avuga ati: «Oya! Azokwitwa Yohani.» 61 Baca bamubwira bati: «Nta n’umwe mu ncuti zanyu yitwa iryo zina.» 62 Baraheza babaza se wiwe mu bimenyetso ukuntu ashaka ko yitwa. 63 Na we aca asaba akabaho maze akandikako ati: «Izina ryiwe ni Yohani+.» Bose baca barumirwa. 64 Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi rwiwe ruragoboroka, araheza atangura kuvuga+ no kuninahaza Imana. 65 Ababanyi bose baca batekerwa n’ubwoba. Iyo nkuru iraheza ikwiragira mu karere kose k’imisozi k’i Yudaya. 66 Abavyumvise bose barabizirikanako, bakavuga bati: «None uyu mwana azovamwo iki?» Kuko ukuboko kwa Yehova* kwari kumwe na we.
67 Se wiwe Zakariya aca yuzura impwemu nyeranda, atangura kuvuga ubuhanuzi ati: 68 «Hashemezwe Yehova* Imana ya Isirayeli+, kuko yitayeho abantu biwe akabarokora+. 69 Yaturonkeje umukiza ahambaye*+ akomoka mu muryango w’umusavyi wiwe Dawidi+, 70 nk’uko yabivuze biciye ku bahanuzi biwe beranda ba kera+. 71 Uwo mukiza azodukiza abansi bacu n’abatwanka bose+. 72 Imana rero izotugirira imbabazi nk’uko yabisezeraniye ba sokuruza bacu, kandi izokwibuka isezerano ryayo ryeranda+, 73 ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuruza wacu+, 74 yuko tumaze kurokorwa mu maboko y’abansi, izodutera iteka ryo kuyikorera igikorwa ceranda ata bwoba, 75 tudahemuka kandi turi abagororotsi imbere yayo, imisi yose y’ubuzima bwacu. 76 Na yo wewe ga mwana, uzokwitwa umuhanuzi w’Imana Musumbavyose, kuko uzogendera imbere ya Yehova* kugira umutegurire inzira+, 77 kugira umenyeshe abantu biwe ko azobakiza mu kubababarira ibicumuro vyabo+, 78 kubera impuhwe z’Imana yacu. Izo mpuhwe zizotugendera zivuye iyo hejuru nka kurya kw’umutwenzi, 79 kugira zimurikire abicaye mu mwiza no mu gitutu c’urupfu+ no kugira ziyobore ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.»
80 Uwo mwana rero arakura, arakomera ku mubiri no mu vy’impwemu. Aguma yibera mu bugaragwa gushika umusi yiyereka Abisirayeli ku mugaragaro.