-
Ivyahishuwe 12:10, 11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Nca numva mw’ijuru ijwi rirenga rivuga riti:
«Ubu rero harashitse ubukiriro+, ububasha n’Ubwami bw’Imana yacu+ n’ubushobozi bwa Kristu wayo, kuko uwagiriza benewacu yakororewe hasi, umwe abagiriza imbere y’Imana yacu+ ijoro n’umurango! 11 Baramutsinze+ kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama+ n’ijambo ryabo ryo gushinga intahe+, kandi baremeye guheba ubuzima bwabo+ n’igihe baba bahanganye n’urupfu.
-