Kuvayo
15 Ico gihe Musa na bene Isirayeli batangura kuririmbira Yehova uru ruririmbo+, bati:
“Reka ndirimbire Yehova, kuko ashizwe hejuru cane+.
Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga+.
2 Inkomezi zanje n’ubushobozi bwanje ni Ya*+, kuko ambera ubukiriro+.
Iyi ni yo Mana yanje, nanje nzoyihaya+; ni Imana ya data+, nanje nzoyiduza hejuru+.
3 Yehova ni umugabo mu ntambara+. Yehova ni ryo zina ryiwe+.
4 Imikogote ya Farawo n’inteko ziwe za gisirikare yatereye mu kiyaga+,
Abarwanyi biwe b’abahizi badwibiye mu kiyaga Gitukura+.
5 Amazi asuriranya yaciye abarengera+; bamanutse epfo ibwina nk’ibuye+.
6 Ukuryo kwawe, ewe Yehova, kurerekanye ko ari ukw’ubushobozi bukomeye+,
Ukuryo kwawe, ewe Yehova, umwansi kurasavya+.
7 Mu bwinshi bw’ubukuru bwawe urashobora gucinya abagukurira hasi+;
Urungika ishavu ryawe rirurumba, rikabarigata nk’ibishakara+.
8 Biciye ku mpemu zo mu mazuru yawe+, amazi yarundanye;
Yahagaze nk’urugomero rw’isegenya;
Amazi asuriranya yagumaraye mu nda y’ikiyaga*.
9 Umwansi yavuze ngo: ‘Ndabakurikirana+! Ndabahamvya+!
Ndagabura isahu+! Umutima wanje urabahimba!
Ndasokora inkota yanje! Ukuboko kwanje kurabirukana+!’
Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.
12 Waramvuye ukuryo kwawe+, isi itangura kubamira+.
13 Mu buntu bwuzuye urukundo bwawe, wayoboye abantu wahabuje+;
Mu nkomezi zawe, uzobarongōra koko ahantu heranda hawe uba+.
14 Ibisata vy’abantu bizokwumva+, bihagarike umutima+;
Imisonga nk’iy’ukwibaruka+ izofata ababa mu Bufilisitiya.
15 Ico gihe abatware* ba Edomu bazohagarika umutima koko;
Nayo za ntwazagitugu za Mowabu, ukujugumira kuzozifata+.
Ababa i Kanani bose bazovunika umutima koko+.
16 Ivutu n’ukuranduka umutima bizobagwako+.
Kubera ubukuru bw’ukuboko kwawe, bazoba abadakakaza nk’ibuye,
Gushika abantu bawe+ barenganye, ewe Yehova,
17 Uzobazana ubateragire ku musozi w’intoranwa yawe+,
Ahantu hashinzwe wateguye ngo uhabe+, ewe Yehova,
Aheranda+, ewe Yehova, aho amaboko yawe yashinze.
18 Yehova azoganza igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.
19 Hamwe amafarasi ya Farawo+ n’imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe vyinjira mu kiyaga+,
Ni ho Yehova yagarukana amazi y’ikiyaga kuri bo+,
Mu gihe bene Isirayeli bo bagendagendera kw’isi yumutse baciye hagati mu kiyaga+.”
20 Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+. 21 Kandi Miriyamu yaguma yitabira+ abagabo ati:
22 Mu nyuma Musa akura Isirayeli ku kiyaga Gitukura maze barasohoka baja mu gahinga ka Shuri+, bagendagenda imisi itatu mu gahinga, mugabo ntibaronka amazi+. 23 Baraheza bashika i Mara+, mugabo ntibashobora kunywa amazi y’i Mara kuko yarura. Ni co catumye ahita Mara*+. 24 Abantu batangura kwidodombera Musa+, bati: “None tunywa iki?” 25 Maze aririra Yehova+. Nuko Yehova amwereka igiti, na we agiterera mu mazi, nya mazi aca araryoha+.
Aho hantu Imana ibashingira ingingo nyobozi be n’ishingiro ry’urubanza, kandi irabageza+. 26 Ibandanya kuvuga iti: “Niwumviriza vy’ukuri ijwi rya Yehova Imana yawe, ugakora ibigororotse mu maso yiwe, kandi koko ugatega ugutwi amabwirizwa yiwe vyongeye ukagumya ingingo nyobozi ziwe zose+, nta n’imwe muri za ndwara nateza Abanyamisiri nzoguteza+; kuko ndi Yehova uwugukiza+.”
27 Inyuma y’ivyo bashika i Elimu, ahari imbizi z’amazi cumi na zibiri n’ibigazi mirongo irindwi+. Nuko bakambika ng’aho iruhande y’amazi.