Ezekiyeli
19 “Nayo wewe, ririmba akaririmbo k’intimba+ ku vyerekeye abakuru ba Isirayeli+, 2 uvuge uti: ‘Nyoko wawe yari iki? Intambwe y’ingore mu ntambwe+. Yiryamira hagati mu ntambwe z’imikangara z’imigāra. Yarera ivyana vyayo.
3 “‘Nuko ikuza kimwe mu vyana vyayo+. Kiba intambwe y’umukangara y’umugāra, gitangura kwiga gutabagura igicakiwe+. Cararokeje mbere n’umuntu yakuwe mw’ivu. 4 Maze amahanga aguma yumva ivyaco. Gifatirwa mu cobo cayo, maze bakizana mu gihugu ca Misiri bakoresheje ingobe+.
5 “‘Nyina ibonye yuko yarindiriye igahebura, ica itora ikindi mu vyana vyayo+, ikigira intambwe y’umukangara y’umugāra. 6 Nuko gitangura kugendagenda hagati mu ntambwe, gicika intambwe y’umukangara y’umugāra. Buhorobuhoro ciga gutabagura igicakiwe+. Cararokeje mbere n’umuntu yakuwe mw’ivu+. 7 Kirahava kimenya iminara yiwe yo kubamwo, gitikiza mbere ibisagara vyabo+, ku buryo igihugu gisigara ari umusaka, kicuzuza urwamo rw’ukuroha kwaco+. 8 Maze amahanga yo hirya no hino yo mu ntara z’ubutware aragihagurukira+, agisanza hejuru urusenga rwayo+. Gifatirwa mu cobo cayo+. 9 Amaherezo bagishira mu kazu hakoreshejwe ingobe, bakizana ku mwami w’i Babiloni+. Bakizana bakoresheje insenga z’uruhigi, kugira ngo urwamo rwaco ntirwongere kwumvikana ku misozi ya Isirayeli+.
10 “‘Nyoko wawe+ yari nk’umuzabibu mu maraso yawe+, utewe iruhande y’amazi. Acika uwama ivyamwa, yuzura amashami, kubera amazi menshi+. 11 Nya mashami amubera inkoni zikomeye, zigenewe kuba udukoni tw’abatware+. Ikireho cawo kirahava kiba kirekire hagati mu mashami, uribonekeza kubera uburebure bwawo, kubera amababi yawo menshi+. 12 Mugabo amaherezo araranduranwa uburake+. Atererwa hasi, maze umuyaga wo mu buseruko wumisha ivyamwa vyiwe+. Inkoni yiwe ikomeye irahanyurwa, iruma+. Umuriro urayirigata+. 13 Ubu atewe mu gahinga+, mu gihugu kigadutse kandi kinyotewe+. 14 Hanyuma umuriro uva muri nya nkoni yiwe+, urigita udushami twiwe, ivyamwa vyiwe, maze muri we ntihaboneka inkoni ikomeye, ntihaboneka agakoni k’ubutware ko kuganza+.
“‘Ako ni akaririmbo k’intimba, kandi kazocika akaririmbo k’intimba+.’”