Ezekiyeli
20 Nuko mu mwaka ugira indwi, mu kwezi kwa gatanu, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, abagabo bo mu bahumure ba Isirayeli baza gusiguza Yehova+, bicara imbere yanje+. 2 Maze ijambo rya Yehova rinzako, riti: 3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’
4 “Mbega urabacira urubanza? Urabacira urubanza ga mwana w’umuntu+? Bamenyeshe ibintu biteye ishishi vya ba sekuruza babo+. 5 Ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Umusi natora Isirayeli+, naradugije ukuboko+ ndarahira uruvyaro rw’inzu ya Yakobo+, nimenyekanisha kuri bo mu gihugu ca Misiri+. Egome, naradugije ukuboko ndabarahira nti: ‘Ndi Yehova Imana yanyu+.’ 6 Uwo musi naradugije ukuboko+ ndabarahira ko nzobakura mu gihugu ca Misiri nkabajana mu gihugu nari natase ku bwabo, igihugu gitemba amata n’ubuki+. Cari ikirezi mu bihugu vyose+. 7 Maze ndababwira nti: ‘Nimushiburire kure, umwe wese muri mwebwe, ibintu bisesemye vy’amaso yiwe+, kandi ntimwihumanishe ibigirwamana vy’umwanda vya Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu+.’
8 “‘“Nuko batangura kungarariza+, ntibemera kunyumviriza. Ntibashiburira kure, umwumwe wese muri bo, ibintu bisesemye vy’amaso yabo, ntibaheba ibigirwamana vy’umwanda vya Misiri+, ku buryo nsezerana kubasukako ubushangashirwe bwanje, kugira ngo ndabarangirizeko ishavu ryanje hagati mu gihugu ca Misiri+. 9 Maze ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga barimwo+, kuko nari nimenyekanishije kuri bo mu maso yayo mu kubakura mu gihugu ca Misiri+. 10 Nuko ndabakura mu gihugu ca Misiri, ndabazana mu gahinga+.
11 “‘“Maze ndabaha ivyagezwe vyanje+, ndabamenyesha ingingo zanje z’ubutungane+, kugira ngo uwuguma azikurikiza ashobore kandi kuguma abeshwaho na zo+. 12 Nabahaye kandi amasabato yanje+, ngo abe ikimenyetso hagati yanje na bo+, kugira ngo bamenye yuko jewe ndi Yehova, uwuriko arabeza.
13 “‘“Ariko bobo, inzu ya Isirayeli, barangararije mu gahinga+. Ntibagendeye mu vyagezwe vyanje+, kandi bataye ingingo zanje z’ubutungane+, zino umuntu agumye azikurikiza akaba azoguma kandi abeshwaho na zo+. Vyongeye barahumanije cane amasabato yanje+, ku buryo nsezerana kubasukako uburake bwanje mu gahinga, kugira ngo ndabatikize+. 14 Mugabo naragize ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga, nkaba nari nabakuyeyo mu maso yayo+. 15 Jewe naradugije rero ukuboko ndabarahira mu gahinga+, yuko ntazobazana mu gihugu nari natanze, igihugu gitemba amata n’ubuki+ (ni ikirezi mu bihugu vyose+), 16 kuko bataye ingingo zanje z’ubutungane; nayo ivyagezwe vyanje, ntibabigendeyemwo, kandi barahumanije amasabato yanje, kuko umutima wabo wagenda ukurikira ibigirwamana vyabo vy’umwanda+.
17 “‘“Maze ijisho ryanje ritangura kubumvira akagongwe ngo sindabahonye+, sinabatikiriza mu gahinga. 18 Nuko mbwira abana babo mu gahinga+, nti: ‘Ntimugendere mu ngingo nyobozi za ba sogokuruza banyu+, kandi ntimugumye imanza zabo+, kandi ntimwihumanishe ibigirwamana vyabo vy’umwanda+. 19 Ndi Yehova Imana yanyu+. Nimugendere mu vyagezwe vyanje+, mugumye ingingo zanje z’ubutungane+, muzikurikize+. 20 Mweze amasabato yanje+, aze abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugira ngo mumenye yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’
21 “‘“Ariko nya bana baciye batangura kungarariza+. Ntibagendeye mu vyagezwe vyanje, kandi ntibagumije ingingo zanje z’ubutungane mu kuzikurikiza, zino umuntu agumye azigendera akaba azoguma kandi abeshwaho na zo+. Barahumanije amasabato yanje+. Nuko nsezerana kubasukako ubushangashirwe bwanje, kugira ngo ndabarangirizeko ishavu ryanje mu gahinga+. 22 Ndaheza ngarura ukuboko kwanje+, ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje, kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga, nkaba nari nabakuyeyo mu maso yayo+. 23 Ikigeretseko, jewe naradugije ukuboko ndabarahira mu gahinga+, yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiza mu bihugu+, 24 kuko batashikije ingingo zanje z’ubutungane+, bagata ivyagezwe vyanje+, bagahumanya amasabato yanje+, kandi amaso yabo akaba yakurikira ibigirwamana vy’umwanda vya ba sekuruza babo+. 25 Nanje rero narabaretse bagira ingingo nyobozi zitameze neza, be n’ingingo z’ubutungane zitari gushobora kuguma zibabeshaho+. 26 Kandi narabareka bagahumanywa n’amaturo yabo igihe bacisha mu muriro umwana wese yugurura igitereko+, kugira ngo ntume basigara bifumbereje, kugira ngo bamenye yuko jewe ndi Yehova+.”’
27 “Bwira rero inzu ya Isirayeli, ewe mwana w’umuntu, ubabwire+ uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Muri ivyo kandi, ba sogokuruza banyu barantutse, mu kumpemukira+. 28 Maze ndabazana mu gihugu+ nari naradugije ukuboko nkarahira ko nzokibaha+. Aho baboneye umurambi wose ukirurutse+ n’igiti cose gisagaraye, baca batangura kuhashikanira ibimazi vyabo+ no kuhatangira ishikanwa ryabo ritera umwikomo, no kuhashikiririza utumoto twabo turuhura+, no kuhasukira amashikanwa yabo y’ikinyobwa+. 29 Nuko ndababwira nti: ‘Mbega ico kibanza gikirurutse muzamwo gisobanura iki, ngo citwe Ikibanza Gikirurutse gushika n’uyu musi+?’”’
30 “Bwira rero inzu ya Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega ntimuriko mwihumanishiriza mu nzira ya ba sogokuruza banyu+, mugakurikira ibintu vyabo bisesemye ngo mushurashure na vyo+? 31 Kandi igihe mushikana amaturo yanyu mu gucisha abana banyu mu muriro+, mbega ntimuba muriko mwihumanya ku bw’ibigirwamana vy’umwanda vyanyu vyose gushika n’uyu musi+? Mbega ico gihe nyene nsiguzwe namwe ga yewe nzu ya Isirayeli+?”’
“‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘sinzosiguzwa namwe+. 32 Kandi ibiza mu mutima wanyu*+ ntibizoruha bishika+, ko muvuga ngo: “Tube nk’amahanga, nk’imiryango yo mu bihugu+, mu gukorera ibiti n’amabuye+.”’”
33 “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘nzobaganza nkoresheje ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+ be n’ubushangashirwe burundumuwe+. 34 Kandi nzobakura mu bisata vy’abantu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, nkoresheje ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye be n’ubushangashirwe burundumuwe+. 35 Nzobazana mu gahinga k’ibisata vy’abantu+, mburanireyo namwe amaso mu yandi+.
36 “‘Nk’uko naburanye na ba sogokuruza banyu mu gahinga k’igihugu ca Misiri+, ni ko nzoburana namwe,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 37 ‘Kandi nzobacisha munsi y’inkoni+, ndabashire mu mugozi w’isezerano+. 38 Nzokubura muri mwebwe abangarariza n’abangabitanyako+, kuko nzobakura mu gihugu babamwo ari ba kavamahanga, mugabo ntibazoza ku butaka bwa Isirayeli+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’
39 “Namwe ga yewe nzu ya Isirayeli, ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nimugende umwe wese muri mwebwe akorere ibigirwamana vyiwe vy’umwanda+. Hanyuma nimutanyumviriza, ntimuzokwongera guhumanya izina ryanje ryeranda biciye ku maturo yanyu no ku bigirwamana vyanyu vy’umwanda+.’
40 “‘Kuko ku musozi wanje mweranda, ku musozi w’ahakirurutse wa Isirayeli+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ari ho ab’inzu ya Isirayeli yose uko ingana bazonkorera, mu gihugu+. Aho ni ho nzohimbarwa na bo, kandi ni ho nzosabira intererano zanyu n’umushuzo w’ivyo mushikana mu bintu vyanyu vyeranda vyose+. 41 Nzohimbarwa namwe kubera akamoto karuhura+, ninabakura mu bisata vy’abantu nkabakoraniriza hamwe vy’ukuri ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo+, kandi nzokwiyereza muri mwebwe mu maso y’amahanga+.’
42 “‘Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+, ninabazana ku butaka bwa Isirayeli+, mu gihugu nadugije ukuboko nkarahira ko nzogiha ba sogokuruza banyu. 43 Namwe ntimuzobura kuhibukira inzira zanyu+ n’ibikorwa vyanyu vyose mwihumanishije+, kandi muzokwumva koko mushishwe mu maso hanyu kubera ibintu vyanyu vyose bibi mwakoze+. 44 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+ ninagira ico ndabakoreye ku bw’izina ryanje+, atari nk’uko inzira zanyu mbi canke ibikorwa vyanyu vyononekaye biri+, ewe nzu ya Isirayeli,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”
45 Maze ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 46 “Mwana w’umuntu, erekeza mu maso hawe+ amaja mu karere ko mu bumanuko, utonyangirize+ amajambo mu bumanuko, ubwire ubuhanuzi ikibira co mu gahinga ko mu bumanuko. 47 Kandi ubwire ikibira co mu bumanuko uti: ‘Niwumve ijambo rya Yehova. Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira ndomeke umuriro ukwereke+, kandi uzorigata koko muri wewe igiti cose kikiri kibisi n’igiti cose cumye+. Urubeya rururumba ntiruzozima+, kandi ruzobabura mu maso hose, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko+. 48 Kandi ibiri n’umubiri vyose bizobona yuko jewe Yehova nagihaye umuriro, ku buryo utazozima+.”’”
49 Nuko mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Bamvugako ngo: ‘Mbega uyo ntatunganya imvugo z’akagani+?’”