Abaroma
4 Ko bimeze bityo, tuvuge iki kuri Aburahamu sogokuruza wacu+ ku mubiri? 2 Nk’akarorero, iyo Aburahamu yitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa+, yari kugira imvo yo kwirata; mugabo atari ku Mana. 3 None icanditswe kivuga iki? Kivuga giti: “Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+.” 4 Ku muntu akora rero+, impembo ntiharurwa nk’ubuntu ata wari abukwiriye+, ahubwo iharurwa nk’umwenda+. 5 Ariko ku wudakora mugabo akizera+ umwe yita uwutibanga Imana umugororotsi, ukwizera kwiwe kuraharurwa nk’ubugororotsi+. 6 Nk’uko na Dawidi avuga ivy’ubuhirwe bw’umuntu Imana iharurako ubugororotsi bitavuye ku bikorwa, ati: 7 “Hahiriwe abo ibikorwa vyabo vy’ubugarariji bihariwe+, n’ibicumuro vyabo bigapfukwa+; 8 hahiriwe umuntu igicumuro ciwe Yehova atazogenda agiharuye+.”
9 None ubwo buhirwe bwoba buza ku bantu bagenyerewe canke no ku bantu batagenyerewe+? Kuko tuvuga duti: “Aburahamu ukwizera kwiwe yaguharuweko nk’ubugororotsi+.” 10 None kwaharuwe ibintu vyifashe gute? Igihe yari yaragenyerewe canke ataragenyerwa+? Si igihe yari yaragenyerewe, ahubwo ni igihe atari bwagenyerwe. 11 Kandi yararonse ikimenyetso+, ni co kugenyerwa, bwa kidodo c’ubugororotsi bivuye ku kwizera yari afise igihe atari bwagenyerwe, kugira abe se+ w’abari n’ukwizera bose+ ataragenyerwa, kugira ngo baharurweko ubugororotsi; 12 abe na se w’uruvyaro rutagenyerewe, atari gusa ku bumira ku kugenyerwa, mugabo no ku bagendera ku rutonde mu makanda y’ukwo kwizera bataragenyerwa, ari na ko data+ Aburahamu yari ari.
13 Kuko bitaciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro* rwiwe aronke wa muhango+ w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera+. 14 Kuko nimba abumira kw’itegeko ari ba samuragwa, ukwizera kuzoba kubaye impfagusa, n’umuhango ukaba ukuweho+. 15 Mu vy’ukuri Itegeko rizana uburake+, mugabo ahatagira itegeko, nta kugabitanya kuba kukihabaye+.
16 Ni co gituma vyavuye ku kwizera, kugira bibe nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye buri+, ngo umuhango+ ube ntakekeranywa ku ruvyaro rwiwe rwose+, atari gusa ku rwumira kw’Itegeko, ahubwo no ku rwumira ku kwizera kwa Aburahamu. (Ni data+ wacu twese, 17 nk’uko vyanditswe ngo: “Ngushizeho ngo ube se w’amahanga menshi+.”) Ivyo vyabereye imbere y’Uwo yari yizeye, ari we Mana, imwe igira bazima abapfuye+ kandi igahamagara ibitariho nk’aho vyoba biriho+. 18 Naho yari ageze aho atakigira icizigiro, nticabujije ko yizera+ yishimikije icizigiro, kugira acike se w’amahanga menshi+ nk’uko vyari vyaravuzwe ngo: “Ukwo ni ko uruvyaro rwawe ruzoba+.” 19 Kandi naho atagoyagoye mu kwizera, yararavye umubiri wiwe bwite, ico gihe ukaba wasa n’uwapfuye+, kuko yari yegereje imyaka ijana+, araba n’ingene inda ya Sara yasa n’iyapfuye+. 20 Mugabo kubera umuhango+ w’Imana ntiyahungabanijwe n’ukutizera+, ahubwo yabaye umunyabubasha biciye ku kwizera kwiwe+, aninahaza Imana 21 akaba kandi yari yarajijutse rwose yuko ivyo yari yarasezeranye yari ishoboye no kubikora+. 22 Ni co gituma “yabiharuweko nk’ubugororotsi+.”
23 Ariko kuba handitswe ngo: “yabiharuweko+”, ntivyanditswe ku bwiwe gusa+, 24 ahubwo vyanditswe no ku bwa twebwe abagenewe kubiharurwako, kuko twemera umwe yazura Yezu Umukama wacu mu bapfuye+. 25 Yaratanzwe ku bw’amakosa yacu+, hanyuma arazurwa kugira twitwe abagororotsi+.