11 Umunzane usondetse urashisha Yehova,
ariko ibuye ry’umunzane rikwiye riramuhimbara+.
2 Iyo haje ubwibone haca hakurikira uguteterwa+,
ariko ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+.
3 Ugutungana kw’abagororotsi ni kwo kubayobora+,
ariko amanyanga y’ibihemu ni yo abihonya+.
4 Ubutunzi nta co buzomara ku musi w’uburake+,
ariko ubugororotsi ni bwo buzokiza umuntu urupfu+.
5 Ubugororotsi bw’umuntu w’intungane buragorora inzira yiwe,
ariko umubisha azokwicwa n’ububisha bwiwe+.
6 Ubugororotsi bw’abagororotsi buzobarokora+,
ariko abantu b’ibihemu bazogwa mu mutego w’ivyipfuzo vyabo+.
7 Iyo umubisha apfuye, icizigiro ciwe kiba giheze,
kandi n’ivyo yari yiteze gushikako kubera ububasha bwiwe biba biheze+.
8 Umugororotsi aratabarwa mu marushwa,
umubisha agaca aja mu kibanza ciwe+.
9 Akanwa k’umuntu atubaha Imana gakwegera mugenziwe guhona,
ariko abagororotsi bakizwa n’ubumenyi bwabo+.
10 Ibikorwa vyiza vy’abagororotsi bituma igisagara kinezerwa,
kandi iyo ababisha bapfuye, abantu barahimbarwa+.
11 Umuhezagiro w’abagororotsi utuma igisagara gitera imbere+,
ariko akanwa k’ababisha karagisambura+.
12 Umuntu atagira ubwenge arasuzugura mugenziwe,
ariko umuntu afise ugutahura nyakwo aguma yinumiye+.
13 Umubeshi agenda aramena ibanga+,
ariko umuntu w’umwizigirwa ararigumya.
14 Ahatagira impanuro nziza abantu barahona,
ariko abajanama benshi batuma ibintu bigenda neza+.
15 Uwishinze ingurane y’umuntu atazi aba yikwegeye ingorane+,
ariko uwanka kugira ivyo yishinze aba yirinze ingorane.
16 Umugore w’igikundiro yironkera ubuninahazwa+,
ariko abantu batagira ikigongwe bironkera ubutunzi.
17 Umuntu w’umutima mwiza bimuviramwo ivyiza+,
ariko umuntu w’inkozi y’ikibi yikwegera ingorane+.
18 Umubisha aronka impembo y’uruhendo+,
ariko uwukora ibigororotse aronka impembo nyakuri+.
19 Uwiyemeje gukora ibigororotse azobaho+,
ariko uwuguma yiruka inyuma y’ibibi azopfa.
20 Abantu bafise umutima ugoramye barashisha Yehova+,
ariko abantu b’intungane baramuhimbara+.
21 Umenye neza iki kintu: inkozi y’ikibi ntizobura guhanwa+,
ariko abana b’umugororotsi bazorusimba.
22 Umugore mwiza ariko w’imburabwenge
ameze nk’impeta y’inzahabu ku zuru ry’ingurube.
23 Icipfuzo c’abagororotsi gishikana ku vyiza+,
ariko icizigiro c’ababisha gishikana ku burake.
24 Hari uwutanga cane ariko ivyiwe bikaruhira kugwira+,
hakaba n’uwimana ariko akaruhira kuba umukene+.
25 Uwutanga cane azororanirwa+,
kandi uwuruhurira abandi na we azoruhurirwa+.
26 Uwimana intete, abantu baramuvuma,
ariko uwuzigurisha baramuhezagira.
27 Uwuguma arondera gukora ivyiza aba arondera gushimwa+,
ariko uwurondera gukora ibibi, emwe ni vyo nyene bizomuzako+.
28 Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa+,
ariko umugororotsi azototahara nk’amababi y’igiti+.
29 Uwukwegera ingorane urugo rwiwe azotahira umuyaga+,
kandi ikijuju kizobera umusuku umunyabwenge.
30 Ibikorwa vy’umugororotsi ni igiti c’ubuzima+,
kandi uwufasha abandi kunyurwa aba ari umunyabwenge+.
31 Nimba n’umugororotsi atareka guhanwa kw’isi,
hari akantu umubisha n’umucumuzi+!