Abalewi 25:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “‘Mwene wanyu niyacika mworo, akabwirizwa kugurisha igipande c’itongo ryiwe, umucunguzi w’incuti ya hafi ategerezwa rero kuza akagaruza ico mwene wabo yagurishije+. Gusubira mu vyagezwe 15:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+. Zaburi 41:1 Bibiliya y’isi nshasha 41 Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi+.Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza+. Imigani 14:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Umuntu ntahonikora arankwa mbere no kuri mugenziwe+, mugabo abagenzi b’umutunzi ni benshi+. Imigani 17:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+. Imigani 19:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+, kandi ivyo akoze azobimwishura+. Mariko 14:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kuko aboro+ mubamana, kandi igihe cose mubishakiye murashobora kwama mubagirira neza, mugabo jewe ntimuzonyamana+.
25 “‘Mwene wanyu niyacika mworo, akabwirizwa kugurisha igipande c’itongo ryiwe, umucunguzi w’incuti ya hafi ategerezwa rero kuza akagaruza ico mwene wabo yagurishije+.
7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+.
5 Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+.
7 Kuko aboro+ mubamana, kandi igihe cose mubishakiye murashobora kwama mubagirira neza, mugabo jewe ntimuzonyamana+.