ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 102:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Washizeho umushinge w’isi kuva kera cane,

      kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru+.

  • Yesaya 42:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  5 Ibi ni vyo Imana y’ukuri Yehova ivuze,

      Umuremyi w’ijuru akaba n’Imana ihambaye iriramvura+,

      Umwe yarema* isi n’ibiri kuri yo+,

      Umwe aha impemu abantu bayibako+,

      agaha n’impwemu abayigendagendako+:

  • Yesaya 45:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Kuko Yehova, Umuremyi w’ijuru+, we Mana y’ukuri,

      we yabumvye isi akayirema* akayikomeza+, ntayiremere ubusa*

      mugabo akayirema ngo ibeko abantu+,

      avuze ati:

      «Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho.

  • Abaroma 1:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Nkako ibintu tutabona biranga Imana*, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho+ n’ubumana bwayo+, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye+. Nta co rero bafise bireguza.

  • Abaheburayo 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kandi ngo: «Ewe Mukama, mu ntango washizeho umushinge w’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru.

  • Ivyahishuwe 4:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 «Ewe Yehova* Mana yacu, urabereye kuronka ubuninahazwa+, iteka+ n’ububasha+, kuko waremye vyose+, kandi ukugomba kwawe ni kwo kwatumye bibaho, biraremwa.»

  • Ivyahishuwe 10:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 arahira umwe ariho gushika ibihe bidahera+, umwe yarema ijuru n’ibiri muri ryo, isi n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co+. Avuga ati: «Igihe co kurindira caheze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika