2 Abami
10 Kandi Ahabu yari afise abahungu mirongo irindwi+ i Samariya+. Yehu yandika rero amakete maze ayarungika i Samariya ku baganwa+ b’i Yezireyeli, abagabo b’inararibonye+ n’ababungabunzi ba Ahabu, ati: 2 “Ubu rero, ku gihe nyene iri kete ribashikiriye, ehe muri kumwe n’abahungu b’umukama wanyu, kandi muri kumwe n’imikogote y’intambara, n’amafarasi+, n’igisagara gikingijwe ibihome, n’ibirwanisho. 3 Murabe rero mu bahungu b’umukama wanyu uwuri mwiza kurusha abandi kandi agororotse kurusha abandi muheze mumushire ku ntebe y’ubwami ya se wiwe+. Hanyuma murwanire inzu y’umukama wanyu.”
4 Maze baratinya rwose, batangura kuvuga bati: “Ehe abami babiri+ ntibamuhagaze imbere, none twebwe twohagarara gute+?” 5 Nuko uwari ahagarikiye inzu n’uwagaba igisagara, n’abagabo b’inararibonye be n’ababungabunzi+ batuma kuri Yehu bati: “Turi abasuku bawe, kandi ico utubwira cose turagikora. Nta n’umwe tugira umwami. Kora ikiri ciza mu maso yawe.”
6 Aca abandikira ikete rigira kabiri, ati: “Nimba muri abanje+, kandi ijwi ryanje rikaba ari ryo mugamburuka, nimutore imitwe y’abagabo basanzwe ari abahungu+ b’umukama wanyu, maze muzoze ejo nk’aya mango aho ndi i Yezireyeli+.”
Kandi abahungu b’umwami, abagabo mirongo irindwi, bari kumwe n’abagabo b’abanyacubahiro b’igisagara bari babareze. 7 Nya kete rikimara kubashikira, bafata abo bahungu b’umwami maze barabakerera, abagabo mirongo irindwi+, hanyuma bashira imitwe yabo mu bisimbo baraheza barayimurungikira i Yezireyeli. 8 Maze ya ntumwa+ iza kumumenyesha iti: “Bazanye ya mitwe+ y’abahungu b’umwami.” Avuga rero ati: “Nimuyishire mu birundo bibiri ku bwinjiriro bw’irembo gushika mu gitondo+.” 9 Nuko mu gitondo arasohoka. Maze arahagarara, abwira abantu bose ati: “Mwebwe muragororotse+. Ehe jewe nagīriye umugambi mubi+ umukama wanje, ndamwica+; mugabo ni nde yasasitse aba bose? 10 Mumenye rero ko ata na kimwe mw’ijambo rya Yehova kizokorokera hasi kitarangutse+ mu vyo Yehova yavuze ku nzu ya Ahabu+; kandi Yehova ubwiwe akoze ivyo yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya+.” 11 Vyongeye, Yehu asasika abari basigaye bose mu nzu ya Ahabu i Yezireyeli, n’abagabo b’abanyacubahiro biwe bose+, n’abari bazinanyi na we, n’abaherezi biwe+, gushika aho ata n’umwe amusigariza+.
12 Nuko arahaguruka arataha, maze afata inzira aja i Samariya. Inzu y’abungere, iyo bazirikamwo intama, yari kuri iyo nzira. 13 Maze Yehu ahura na bene wabo+ na Ahaziya+ umwami wa Yuda. Ababwiye ati: “Muri ba nde?”, baca bavuga bati: “Turi bene wabo na Ahaziya, tukaba turiko tumanuka kubaza nimba abahungu b’umwami n’abahungu b’umugore w’iteka bari impore.” 14 Aca avuga ati: “Nimubacakire ari bazima+!” Barabacakira rero ari bazima maze babicira kw’itangi rya ya nzu yazirikwamwo intama, abagabo mirongo ine na babiri; ntiyasigaza n’umwe muri bo+.
15 Mu gihe yariko aragenda avuye ng’aho, ahura na Yehonadabu+ mwene Rekabu+ aje kumusanganira. Amuhezagiye+, amubwira rero ati: “Mbega umutima wawe urangororokeye, nk’uko umutima wanje ugororokeye umutima wawe+?”
Yehonadabu aca avuga ati: “Urakugororokeye.”
“Nimba ungororokeye, mpa ukuboko kwawe.”
Nuko amuha ukuboko kwiwe. Aca amwuriza aho ari mu mukogote wiwe+. 16 Maze avuga ati: “Ingo tujane, urabe ingene ntihanganira ubukeba na bumwe+ kuri Yehova.” Nuko baguma bamutwarana na we mu mukogote w’intambara wiwe. 17 Amaherezo ashika i Samariya. Asasika rero abari basigaye bose mu ba Ahabu i Samariya, gushika abazimanganije+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yarabwiye Eliya+.
18 Vyongeye, Yehu akoraniriza hamwe abantu bose maze ababwira ati: “Ahabu yasenze Bayali buhoro+. Yehu we azomusenga cane. 19 Ubu rero, nimutumeko abahanuzi+ ba Bayali bose, abayisenga bose+ n’abaherezi bayo bose+ baze aho ndi. Ntihagire n’umwe abura, kuko mfitiye Bayali ikimazi gikomeye. Uwuza kubura wese ntazobandanya kubaho.” Mugabo Yehu, yariko akorana urwenge+, kugira ngo arandure abasenga Bayali.
20 Hanyuma Yehu avuga ati: “Nimwereze Bayali ikoraniro ry’agakūra.” Nuko barabitangaza. 21 Maze Yehu atuma intumwa muri Isirayeli yose+, ku buryo abasenga Bayali bose baza. Ntihagira n’umwe asigara ataje. Baguma binjira mu nzu ya Bayali+, maze inzu ya Bayali iruzura kuva ku mpera gushika ku yindi. 22 Abwira rero uwari ajejwe ubushinguro bw’impuzu ati: “Sohorera impuzu abasenga Bayali bose.” Nuko abasohorera imyambaro. 23 Maze Yehu yinjirana na Yehonadabu+ mwene Rekabu mu nzu ya Bayali. Abwira rero abo basenga Bayali ati: “Nimurondere mwitonze murabe yuko ata n’umwe mu basenga Yehova ari kumwe namwe ng’aha, kiretse gusa abasenga Bayali+.” 24 Amaherezo binjira guhereza ibimazi n’amashikanwa aturirwa, maze Yehu ashira hanze abagabo mirongo umunani biwe hanyuma avuga ati: “Umuntu acoroka mu bo ngira nshire mu maboko yanyu, uwo azoba acorokanye aca asubira mu kibanza ciwe+.”
25 Yehu akirangiza guhereza ishikanwa riturirwa, aca abwira abirutsi n’ibisongerezi ati: “Injire mubasasike! Ntihagire n’umwe asohoka+.” Nya birutsi na nya bisongerezi+ batangura kubasasikisha ubugi bw’inkota no kubaterera hanze, babandanya kugenda gushika mu gisagara c’inzu ya Bayali. 26 Maze basohora inkingi nyeranda+ z’inzu ya Bayali baraheza baturira+ imwimwe yose. 27 Vyongeye, basiturira hasi inkingi nyeranda ya Bayali+ bongera basiturira hasi inzu ya Bayali+, maze baguma bayishize ku ruhande kugira ngo ikoreshwe bwa tuzu twa surwumwe+, gushika n’uyu musi.
28 Gutyo, Yehu azimanganya Bayali muri Isirayeli. 29 Ibicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+, ni vyo gusa Yehu atakebeje ngo areke kubikurikira, ni ukuvuga za nyana z’inzahabu+, za zindi imwe yari i Beteli iyindi ikaba i Dani+. 30 Nuko Yehova abwira Yehu ati: “Ko wagize neza mu gukora ibigororotse mu maso yanje+, ukagirira inzu ya Ahabu nk’uko ivyari mu mutima wanje vyose vyari+, abahungu bawe, gushika kw’iyaruka rigira kane, bazokwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli ku bwawe+.” 31 Mugabo Yehu ntiyitwararika kugendera mw’itegeko rya Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose+. Ntiyakevya ngo ave mu bicumuro vya Yerobowamu, ivyo yacumurishije Isirayeli+.
32 Muri iyo misi Yehova atangura guhimbura Isirayeli igihimba ku kindi; nuko Hazayeli+ aguma abasasika mu karere kose ka Isirayeli, 33 kuva kuri Yorodani werekeza iyo izuba rirasira, igihugu cose ca Gileyadi+, Abagadi+ n’Abarubeni+ n’Abamanase+, kuva i Aroweri+ iruhande y’umwonga Arunoni, egome, Gileyadi na Bashani+.
34 Ibisigaye mu vya Yehu n’ivyo yakoze vyose n’ubushobozi bwiwe bwose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 35 Amaherezo Yehu aryama hamwe na ba sekuruza+, hanyuma bamuhamba i Samariya; nuko Yehowahazi+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 36 Imisi Yehu yari yaganje Isirayeli i Samariya, yabaye imyaka mirongo ibiri n’umunani.