Gusubira mu vyagezwe
31 Maze Musa aragenda, abarira aya majambo Isirayeli yose, 2 ababwira ati: “Uno musi mfise imyaka ijana na mirongo ibiri+. Ntibigikunda ko nza ndagenda nongera ngaruka+, kuko Yehova yambwiye ati: ‘Ntuzojabuka uru ruzi Yorodani+.’ 3 Yehova Imana yawe ni we azojabuka imbere yawe+. Ubwiwe azozimanganya ayo mahanga imbere yawe, kandi utegerezwa kuyirukana+. Yosuwa ni we azojabuka imbere yawe+, nk’uko Yehova yavuze. 4 Kandi Yehova azoyagira nk’uko yagize Sihoni+ na Ogi+, ba bami batwara Abamori, n’igihugu cabo, hamwe yabazimanganya+. 5 Kandi Yehova yarayagabuye kuri mwebwe+, namwe mutegerezwa kuyagira nk’uko ibwirizwa ryose nabategetse riri+. 6 Mugire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntutinye canke ngo uranduke umutima imbere yabo+, kuko Yehova Imana yawe ari we agendana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere+.”
7 Nuko Musa ahamagara Yosuwa, amubwirira mu maso ya Isirayeli yose ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzokwinjiza aba bantu mu gihugu Yehova yarahiye ba sekuruza babo ko azobaha, kandi ubwawe uzokibaha bwa ntoranwa+. 8 Kandi Yehova ni we agendera imbere yawe. Ubwiwe azogumana nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.”
9 Maze Musa yandika iri tegeko+, ariha abaherezi bene Lewi+, abareruzi b’isandugu y’isezerano rya Yehova+, ariha n’abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli. 10 Nuko Musa abandanya kubategeka ati: “Uko haheze imyaka indwi, ku gihe cashinzwe c’umwaka w’uguheba imyenda+, ku musi mukuru w’insago+, 11 igihe Isirayeli yose izoza kuraba mu maso ha Yehova+ Imana yawe ahantu azotora+, uzosomera iri tegeko imbere ya Isirayeli yose, bose bumva+. 12 Koranya abantu+, abagabo n’abagore n’abana batoyi na kavamahanga wawe ari mu marembo yawe, kugira bumvirize no kugira bige+, kuko bategerezwa gutinya Yehova Imana yanyu+ kandi bakitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko. 13 Kandi abana babo ata co bamenye baze bumvirize+, bige gutinya Yehova Imana yanyu imisi yose muzoba muba ku butaka muriko murajabuka Yorodani ngo mubwigarurire+.”
14 Inyuma y’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Ehe imisi y’uko upfa iregereje+. Hamagara Yosuwa, muheze muhagarare mw’ihema ry’ihuriro, kugira ndamushinge igikorwa+.” Nuko Musa na Yosuwa baragenda, bahagarara mw’ihema ry’ihuriro+. 15 Maze Yehova aboneka kuri iryo hema mu nkingi y’igicu, hanyuma nya nkingi y’igicu itangura guhagarara ku bwinjiriro bw’ihema+.
16 Yehova rero abwira Musa ati: “Ehe ugira uryame hamwe na ba sogokuruza bawe+; kandi aba bantu ntibazobura guhaguruka+ bagashurashura n’imana z’inyamahanga z’igihugu bariko barajamwo+, hagati yabo nyene, kandi bazonta koko+ barenge kw’isezerano ryanje nagiranye na bo+. 17 Maze ishavu ryanje rizobarurumbira koko kuri uyo musi+, kandi sinzobura kubata+ no kubahisha mu maso hanje+, bacike ikintu co kuyigizwa. Bazotegerezwa gushikirwa n’ivyago vyinshi n’amarushwa menshi+, kandi kuri uyo musi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Mbega ibi vyago ntivyadushikiye kubera ko Imana yacu itari hagati yacu+?’ 18 Nayo jewe, nzohisha koko mu maso hanje kuri uyo musi kubera ibibi vyose bakoze, kuko bahindukiriye izindi mana+.
19 “Ubu rero nimwiyandikire uru ruririmbo+, urwigishe bene Isirayeli+. Rushire mu kanwa kabo kugira rumbere icabona co kwagiriza bene Isirayeli+. 20 Kuko nzobazana ku butaka narahiye ba sekuruza babo+, ubutaka butemba amata n’ubuki+, kandi bazorya vy’ukuri+ bahage, badohe+, hanyuma bahindukire baje ku zindi mana+, bazikorere koko nanje bangaye kandi barenge kw’isezerano ryanje+. 21 Kandi ivyago n’amarushwa menshi nivyabashikira+, uru ruririmbo rero ruzokwishura imbere yabo bwa cabona, kuko rudakwiye kwibagirwa mu kanwa k’uruvyaro rwabo, kuko nzi neza impengamiro+ bariko baratsimbataza uno musi imbere y’uko ndabajana mu gihugu narahiye.”
22 Nuko Musa yandika urwo ruririmbo kuri uyo musi, ngo arwigishe bene Isirayeli+.
23 Hanyuma atangura gushinga igikorwa Yosuwa mwene Nuni+, ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzokwinjiza bene Isirayeli mu gihugu nabarahiye+, kandi jewe ubwanje nzogumana nawe.”
24 Maze Musa akirangiza kwandika amajambo y’iri tegeko mu gitabu, ayahejeje+, 25 atangura gutegeka Abalewi, abareruzi b’isandugu y’isezerano rya Yehova+, ati: 26 “Muze mufate iki gitabu c’itegeko+, mugishire iruhande y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova Imana yanyu, kandi ng’aho kize kibe icabona kikwagiriza+. 27 Kuko jewe nzi neza ubugarariji bwawe+ n’izosi ryawe ridadaraye+. Aho mwarinze mugarariza Yehova+ nkiri muzima kumwe namwe uno musi, hari akantu ninamara gupfa! 28 Koraniriza hambavu yanje abagabo bose b’inararibonye b’imiryango yanyu n’abarongozi banyu+, mpeze mvuge aya majambo bumva, ntange amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza+. 29 Kuko nzi neza yuko ninamara gupfa mutazobura kwikwegera guhona+, kandi ntimuzobura gukevya mukava mu nzira nabategetse; kandi ivyago+ ntibizogenda bitabashikiye ku mpera y’imisi, kuko muzokora ibibi mu maso ya Yehova kugira mumubabarishe ibikorwa vy’amaboko yanyu+.”
30 Maze Musa atangura kuvuga ishengero ryose rya Isirayeli ryumva, avuga amajambo y’uru ruririmbo gushika ayahejeje+: