Abaroma
12 Ndabinginze rero bavukanyi, kubera impuhwe z’Imana, mutange imibiri yanyu+ nk’ikimazi kizima, ceranda+ kandi cemerwa n’Imana. Muyikorere igikorwa ceranda mukoresheje ububasha bwo kwiyumvira+. 2 Nimureke kwoshwa n’iyi si*, ahubwo muhinduke mu guhindura uburyo mwiyumvira+, kugira mumenye neza+ ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.
3 Biciye ku buntu buhebuje* nagiriwe, mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ibimwerekeye kuruta uko bikwiriye+. Ahubwo yiyumvire mu buryo bubereye, bivanye n’urugero rw’ukwizera Imana yamuhaye*+. 4 Kurya nyene umubiri wacu ufise ibihimba vyinshi naho ari umwe+, mugabo vyose ntibikore igikorwa kimwe, 5 ni ko na twebwe naho turi benshi, turi umubiri umwe mu bumwe na Kristu, mugabo umwe wese akaba igihimba cegukira mugenziwe+. 6 Twese dufise ingabirano zitandukanye bivanye n’ubuntu buhebuje twagiriwe+. Nimba dufise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi, tubuvuge twisunze urugero rw’ukwizera twahawe. 7 Nimba dufise ingabirano yo gukorera abandi, tubandanye kubakorera. Nimba ari uwigisha, nabandanye kwigisha+. 8 Nimba ari uwuremesha*, nabandanye kuremesha*+, uwutanga* abikore atitangiriye itama+, uwuhagarikira* abandi abikorane umwete+, uwugira imbabazi na we abigire anezerewe+.
9 Urukundo rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi+. Ikibi nimucanke urunuka+, mwumire ku ciza. 10 Mukundane nk’abavukana, mugiranire ikibabarwe. Mube aba mbere mu gutera iteka* bagenzi banyu+. 11 Mube abanyamwete, ntimunebwe*+. Mururumbe impwemu+. Mukorere Yehova* nk’abashumba+. 12 Nimunezerwe kubera icizigiro. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+. 13 Musangire n’abavukanyi* bivanye n’ivyo bakeneye+. Mwame mugaragaza ubwakiranyi+. 14 Mugume muhezagira ababahama+. Nimuhezagire, ntimuvume+. 15 Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. 16 Nimubone abandi nk’uko mwibona. Ntimwiyumvire ibintu bihanitse*, ahubwo muyoborwe n’ibintu biciye bugufi+. Ntimwigire abanyabwenge+.
17 Ntihagire uwo mwishura ikibi ku kindi+. Mukore ivyo bose babona ko ari vyiza. 18 Nimba bishoboka, nimukore ivyo mushoboye ku giti canyu kugira mubane amahoro n’abantu bose+. 19 Ntimwihore bakundwa, ahubwo mureke uburake bw’Imana bukore+, kuko vyanditswe ngo: «“Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko”, ni ko Yehova* avuze+.» 20 Ariko «nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire. Nimba anyotewe, muhe ico anywa, kuko niwabigira uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe*+.» 21 Ntureke ngo ikibi kigutsinde, ahubwo ugume utsinda ikibi mu gukora iciza+.